ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA
Ico abavyeyi bakwiye kumenya ku bijanye na vya bigo basigamwo abana
Abavyeyi bamwebamwe bafise ubuzi usanga basiga utwana twabo mu bigo bitwitwararika (ivyo bita crèche). Ivyo bigo usanga bikora nka kurya kw’amashure. Woba ukwiye gusiga umwana wawe muri ivyo bigo?
Ibibazo wokwibaza
Gusiga umwana muri ivyo bigo vyoba bigira ingaruka ku rukundo umuvyeyi n’umwana bafitaniye? Birashoboka. Mu myaka ya mbere, ubwonko bw’umwana burakura ningoga, ivyo bikaba bigira ico bikoze ku kuntu yiyumvamwo abandi. Nugerageze kumarana umwanya munini ushoboka n’umwana wawe muri ico kiringo kidasanzwe c’ubuzima bwiwe.—Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7.
Abavyeyi bipfuza gusiga umwana wabo muri mwene ivyo bigo barakwiye kuzirikana ukuntu bazoguma bakomeza ubucuti bafitaniye n’uwo mwana.
Vyoba bituma umwana wawe atakwigirako nk’uko vyategerezwa? Birashoboka. Igitabu kimwe (Hold On to Your Kids) kivuga giti: “Uko abana bataragera gutangura ishure bamarana umwanya munini n’abandi bana ni ko bagenda baragira ivyo babigiyeko.”
Abavyeyi bariko bariyumvira ivyo gusiga umwana wabo muri ivyo bigo barakwiye kuzirikana nimba ari bo ahanini uwo mwana azobandanya kwigirako akarorero.
Gusiga umwana muri ivyo bigo vyoba bizotuma yoroherwa no kwiga niyatangura ishure? Bamwe bavuga ko ari ko biri. Abandi bavuga ko ata kintu kinini bifasha canke mbere ko ata n’ico bifasha mw’iterambere ry’umwana. Uko vyoba biri kwose, umuhinga mu vyo kwitwararika abana yitwa Penelope Leach avuga ati: “Ntiwiyumvire ko ivyo abana biga kw’ishure ari vyo bizobagirira akamaro cane mu buzima, kandi ntiwiyumvire ko vyama ari vyiza yuko umwana atangura ishure akiri muto cane. Wiyumviriye gutyo, vyoshobora gutuma utabona ko ivyo wigishije umwana wawe kuva akivuka hari ico bimumariye.”
Abavyeyi bariko bariyumvira ivyo gusiga umwana wabo muri ivyo bigo barakwiye kuzirikana nimba vyoba ngirakamaro canke mbere bikenewe.
Vyoba bishoboka ko umwe muri mwebwe aheba akazi kugira agumane n’umwana? Mu bihe bimwebimwe, abavyeyi bompi usanga bakora kugira bisununure mu vy’ubutunzi. Ivyiza bivamwo vyoba biruta ingorane bikwega?
Abavyeyi bariko bariyumvira ivyo gusiga umwana wabo muri ivyo bigo barakwiye kuzirikana nimba bokworosha ubuzima kugira umuvyeyi umwe agumane n’umwana muhira.
Ingingo yo gusiga umwana muri ivyo bigo mukwiye kuyifata mwabanje kuzirikana mwitonze ivyiza bizovamwo n’ingorane bizokwega. Bite ho hamwe inyuma yo kuzirikana mwofata ingingo yo kumusiga muri ivyo bigo?
Ico wokora
Bibiliya ivuga iti: “Umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe.” (Imigani 14:15) Ufise ku muzirikanyi iyo ngingo ngenderwako, nuzirikane witonze imbere yo guhitamwo aho wosiga umwana.
Nurabe ico wohitamwo
Abavyeyi bamwebamwe bahitamwo gusiga abana ku muhana w’umuntu aho usanga bitwararikwa n’abantu bakeyi canke mbere umuntu umwe kandi hakaba hari abana bakeyi.
Abandi bavyeyi usanga bafise incuti canke umuyaya asigarana umwana.
Ubwo buryo bwose burafise ivyiza n’ibibi. Kubera iki utoganira n’abandi bavyeyi bigeze kuba bakoresha bumwe muri ubwo buryo? Bibiliya ivuga iti: “Mu baja inama hari ubukerebutsi.”—Imigani 13:10.
Tuvuge iki nimba uhisemwo gusiga umwana mu kigo kimwitwararika? Muri ico gihe . . .
Numenye ivy’ico kigo
Coba cemewe n’amategeko? Kizwi gute?
Coba gisukuye kandi gitekanye?
Ni udukorwa utuhe baha abana? a
Numenye ivyerekeye abitwararika abana
Bize iki? Muri ivyo hashobora kuba harimwo ivyo kwitwararika abana bakiri bato canke ubutabazi bwa mbere.
Woba wotohoza ko mu bazokwitwararika umwana wawe ata wigeze kwagirwa n’ubukozi bw’ikibi?
Boba baguma bahindagura abakozi? Ivyo vyoca bisigura ko umwana wawe abwirizwa kuza aramenyera abakozi bashasha.
Umukozi umwe yoba yitwararika abana bangahe? Nimba umukozi umwe yitwararika abana benshi bisigura ko umwana wawe atazokwitwararikwa mu buryo buhagije. Ariko ntiwumve, urugero umwana wawe akeneye kwitwararikwako ruvana n’imyaka afise hamwe n’ivyo ashoboye.
Abitwararika abana boba bagutega yompi igihe ubabwira ibikuraje ishinga, na bo bakakubwira ibibaraje ishinga?
a Nk’akarorero, abana boba bamara umwanya munini baraba televiziyo canke hariho udukorwa bakora tubafasha gukoresha ubwenge n’umubiri?