ICOFASHA UMURYANGO
Ingene wofasha umwana igihe yananiwe
Bitebe bitebuke, umwana wawe azogira ibimunanira. Womufasha gute kuvyihanganira?
Ico ukwiye kumenya
Mu buzima hama hari ibitunanira. Bibiliya ivuga ko “twese dutsitara.” (Yakobo 3:2) N’abana baratsitara. Ariko ivyo birashobora kuvamwo ivyiza kuko bifasha abana kumenya ukuntu bokwihanganira ibintu bigoye. Kwihanganira ingorane si mvukanwa, mugabo abana barashobora kuvyiga. Inabibondo yitwa Laura avuga ati: “Twe n’umugabo wanje twasanze ari vyiza ko abana biga kwihanganira ibibananira aho kubabwira ko ata co bitwaye. Bariga kwumirako igihe ibintu bitagenze neza.”
Abana benshi ntibavyifatamwo neza igihe hari ivyabananiye. Abana bamwebamwe ntibazi kuvyifatamwo neza igihe hari ivyabananiye kubera ko abavyeyi babo bababwiye ko atari ikosa ryabo. Nk’akarorero, igihe umwana aronse amanota mabi, hari abavyeyi baca ubwo nyene bata ikosa ku mwigisha. Igihe umwana ashwanye n’umugenzi wiwe, abavyeyi biwe baca ubwo nyene bata ikosa kuri uwo mugenzi.
None vy’ukuri abana botahura gute ko bakoze ikosa igihe abavyeyi baca babakingira ikibaba ngo ntibibonere ingaruka z’ivyo bakoze?
Ico wokora
Niwigishe abana bawe ko ivyo bakora bigira ingaruka.
Bibiliya ivuga iti: “Ico umuntu abiba cose [ni] co nyene azokwimbura.”—Abagalatiya 6:7.
Ivyo dukora vyose biragira ingaruka. Iyo hari ivyo twononye, tubwirizwa kubiriha. Amakosa aragira ingaruka. Abana barakwiye kumenya ko ata co bakora ngo cijane be n’uko ivyabaye baba babifisemwo uruhara. Ku bw’ivyo, niwirinde guta amakosa ku bandi canke kuburanira abana bawe. Ahubwo nyabuna, nubareke bibonere ingaruka ku rugero ruhuye n’imyaka bafise. Ariko ntiwumve, urakwiye kubasigurira neza ko ikintu kibi bakoze ari co gitumye bashikirwa n’izo ngaruka.
Nufashe abana bawe gutorera umuti ico kibazo.
Ico Bibiliya ivuga: “Umugororotsi yoshobora kugwa mbere n’incuro indwi, kandi ntazobura guhaguruka.”—Imigani 24:16.
Igihe hari ivyatunaniye turababara, ariko isi ntiba yubamye. Nufashe abana bawe kuzirikana ku kuntu bokwirinda gusubira kugwa muri iryo kosa aho kuguma biyumvira ko ivyo bakoze vyari ibisanzwe. Nk’akarorero, nimba umuhungu wawe yananiwe mu kibazo kw’ishure, numufashe kubona ukuntu yotorera umuti iyo ngorane mu kwiyemeza kurushiriza kwiga, gutyo ikindi gihe azobitore. (Imigani 20:4) Nimba umukobwa wawe yashwanye n’umugenzi wiwe, numufashe kubona ukuntu yofata iya mbere mu gusubiza hamwe na we, ata kuraba uwuri mu makosa.—Abaroma 12:18; 2 Timoteyo 2:24.
Niwigishe abana bawe kwifata ruto.
Ico Bibiliya ivuga: “Mbwira umuntu wese hiyo muri mwebwe kutiyumvira ko ahambaye kuruta uko abwirizwa kwiyumvira.”—Abaroma 12:3.
Kubwira umwana wawe ko ari we aheta abandi bose mu gukora ikintu kanaka kuba ari ukumuhenda kandi nta co bimufasha. Nakare naho yoba yama aba uwa mbere kw’ishure ntazokwama aronka amanota meza. Kandi naho umwana yoba azi cane urukino kanaka ntazokwama atsinda. Abana bifata ruto usanga bashobora kuvyifatamwo neza igihe hari ivyabananiye.
Bibiliya ivuga ko ibigeragezo bishobora kudukomeza, bikadufasha kuba abantu bihangana. (Yakobo 1:2-4) Rero, naho tubabara igihe hari ivyatunaniye, urashobora gufasha abana bawe kudaca bihebura cane.
Cokimwe no kwigisha umwuga, kwigisha abana ingene bokwihanganira ibihe bigoye bisaba igihe n’akigoro. Ariko ivyo bizotuma bashobora kuzovyifatamwo neza nibakura. Igitabu kimwe (Letting Go With Love and Confidence) kivuga giti: “Abana b’imiyabaga bazi kuvyifatamwo neza mu ngorane zibashikira usanga ari gake bakora ikintu giteye akaga canke c’ubujuju. Usanga akenshi bavyifatamwo neza iyo habaye ikintu batari biteze.” Birumvikana ko kumenya kuvyifatamwo neza mu bihe bigoye bizobagirira akamaro n’igihe bazoba bamaze gukura.
Impanuro: Nubabere akarorero keza. Niwibuke ko ukuntu uvyifatamwo igihe hari ivyakunaniye ari kwo nyene abana bawe bazovyifatamwo nihagira ibibananira.