Ja ku birimwo

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO W’ABUBATSE

Igihe mu bubakanye hari uwunywa inzoga nyinshi

Igihe mu bubakanye hari uwunywa inzoga nyinshi

 Uwo mwubakanye yoba amaze kukubwira ko ahagaritse umutima kubera ukuntu unywa inzoga nyinshi? Nimba bimaze gushika, hari ibintu ukwiye kurimbura.

Ng’ibi ivyo tuza kubona muri iki kiganiro:

 Kunywa inzoga nyinshi birashobora kubangamira umubano wanyu

 Kunywa inzoga nyinshi birashobora gutuma ugira ingorane zikomeye z’amagara, harimwo kurwara umutima, indwara ituma igitigu gicika nk’ibuye (Cirrhose du foie) hamwe na kanseri. Ariko kunywa inzoga nyinshi biratuma ugira ingorane z’amagara; bikongera bigatuma mugira ingorane nyinshi mu mubano harimwo gusinzikariza ubuzima uwo mwubakanye, ingorane z’amahera, guhemukiranira no kwahukana.

 Bibiliya ivuga ko igihe umuntu anywa inzoga akarenza urugero zishobora ‘gukomora nk’inzoka, zikarekura ubumara nk’imamba.’ (Imigani 23:32) Ni ibiki vyogufasha kumenya ko inzoga zakwiziziye?

 Woba wariziziwe n’inzoga?

 Ibibazo bikurikira birashobora kugufasha kumenya nimba zarakwiziziye:

  •   Vyoba bikugora kwigerera?

  •   Woba wama wiyumvira igihe uzosubira kunywa izindi nzoga?

  •   Woba uguma unywa inzoga naho zoba ziriko ziraguteza ingorane, harimwo no mu mubano?

  •   Woba ubura amahoro igihe ugerageje kuzihagarika?

  •   Vyoba bishika ntuhuze n’uwo mwubakanye kubera inzoga unywa?

  •   Woba usigaye unywa inzoga nyinshi kuruta izo wahora unywa kera?

  •   Woba unywa inzoga mu kinyegero igihe uri muhira canke ku kazi?

 Nimba wishuye ego ku kibazo kimwe canke birenga muri ivyo bibazo, ushobora kuba wariziziwe n’inzoga.

 Niwirinde kwisigura

 Uwo mwubakanye yoba amaze kukubwira ko ahagaritswe umutima n’ukuntu unywa inzoga nyinshi? Nimba amaze kubikubwira, ushobora kuba waragerageje gufatira mu rwara iyo ngeso canke kwisigura. Ushobora kuba warataye umwikomo ku bandi harimwo n’uwo mwubakanye, mu kuvuga ngo:

  •   «Iyaba umfata neza, sinonywa izo nzoga zose.»

  •   «Iyaba ukora akazi nkora, na wewe wogiye uranywa.»

  •   «Ndazi abantu benshi banywa inzoga nyinshi kundusha.»

 Hamwe wovuga ivyitwazo nk’ivyo, ubwo ntiwoba ubona ko kunywa inzoga nyinshi bihambaye kuruta kugira umubano urangwamwo agahimbare? None ni igiki ukwiye gushira imbere y’ikindi?

 Ico Bibiliya ivuga: ‘Umugabo yubatse aganyishwa n’ingene yoshimwa n’umugore wiwe.’​—1 Abakorinto 7:33.

Kwisigura bimeze nk’uruhome rutuma udatahura amakenga uwo mwubakanye afise. Rero urwo ruhome nurusubirize n’idirisha, ni ukuvuga wumvirize uwo mwubakanye maze wemere ko ufise ingorane

 Ivyo wokora

  •   Ntiwirengagize amakenga uwo mwubakanye afise ku bijanye n’ingene unywa inzoga. Naho woba ubona ko uwo mwubakanye arenza urugero, ubona gute ugerageje guhindura? Umaze kubona ko no guhindura utobishobora kandi bihagarika umutima uwo mwubakanye, ico gishobora kuba ari ikimenyetso cerekana ko ufise ingorane mu bijanye no kunywa inzoga.

     Ico Bibiliya ivuga: «Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite, ahubwo arondere ak’uwundi.»​—1 Abakorinto 10:24.

  •   Nutahure ivyerekana ko umuntu yiziziwe n’inzoga. Kugira umusoda atsinde urugamba, arakeneye kumenya amayeri umwansi wiwe akoresha. Nawe uriko urashikirwa n’ikintu gisa n’ico. Kugira ushobore kuva muri uwo mutego, urakeneye gutahura ivyerekana ko umuntu yiziziwe n’inzoga n’ingene biteye akaga. Urakeneye kandi kumenya ivyo wokora kugira uve mu mutego wo kwizizirwa n’inzoga hamwe n’ingene wokwirinda gusubira kuwurwamwo.

     Ico Bibiliya ivuga: «Mugume mwirinda ivyipfuzo vy’umubiri, bimwe bibateza intambara.»​—1 Petero 2:11.

  •   Nurondere gufashwa. Hariho uburyo butandukanye abaganga bakoresha kugira bafashe abantu biziziwe n’inzoga. Aho harimwo kubafasha ntibasubire kwizizirwa n’inzoga be no kubavurira mu bigo bijejwe kwitwararika abiziziwe n’inzoga canke mu bitaro. Urashobora kandi gusaba umugenzi ahumuye agufashe kuraba nimba hari izindi mvo zituma wizizirwa n’inzoga. Nuce uza uramurondera agufashe igihe wumva ushaka gusubira kunywa inzoga.

    Nurondere gufashwa n’abaganga

     Ico Bibiliya ivuga: «Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’ivyago.»​—Imigani 17:17.

 Kwizizirwa n’inzoga ni ingorane ikomeye idashobora guhera kubera gusa usomye ikiganiro kanaka canke igihe wibwiye ko ugiye kugabanya inzoga unywa. Yamara, ukwiye kumenya ko kwizizirwa n’inzoga bituma ugira ingorane z’amagara, ariko kandi ko bibangamira umubano wanyu.

 Ushaka kumenya n’ibindi: Nusome ibiganiro bikurikira kugira ubone ingene abandi batsinze ingeso yo kunywa inzoga birenze urugero.

 «Ubu sinkiri inkozi y’ikibi»

 «Singiterwa isoni n’ukuntu meze»

 Naracitse uwo mw’ibarabara

 Vyongeye, nurabe ividewo ivuga ngo “Ingeso zanje zari zingeze ahantu”