Ja ku birimwo

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO W’ABABIRANYE

Twokwirinda gute kwahukana mu busaza?

Twokwirinda gute kwahukana mu busaza?

 Hagati yo mu 1990 no mu 2015, abantu bahukanye bafise imyaka 50 canke irenga barigwije na kabiri muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, abahukanye barenza imyaka 65 na bo bigwije na gatatu. None ni igiki gituma abantu bahukana mu busaza? Mwokingira gute umubano wanyu kugira ivyo ntibibashikire?

Ibi ni vyo tuza kubona muri kino kiganiro:

 Ni igiki gituma abantu bahukana mu busaza?

  •    Akenshi, abantu bahukana mu busaza usanga ubucuti bwabo bwagenda buragoyagoya buhorobuhoro. Uko haca igihe, usanga abagabo n’abagore bamwebamwe batagikunda bimwe. Canke na ho abana bamaze kuva muhira, umugabo n’umugore basanga baribagiye kwitwararikana kubera ko baba bamaze igihe kirekire bitwararika ibanga ryo kuba abavyeyi.

  •    Mu myaka cumi iheze, abiyita ngo n’abahinga mu vy’umubano bagiye bararemesha abagabo n’abagore kuza barashira imbere ivyo umwe wese ku giti ciwe akeneye. Bababwira kuza baribaza bati: “Noba mfise agahimbare mu mubano?” “Umubano wacu woba uriko uramfasha kuba umuntu mwiza?” “Noba numva ko uwo twubakanye ankunda kandi ko ampa agaciro?” Abantu b’iki gihe bavuga ko nimba wishuye oya kuri ivyo bibazo haba hageze ko ukora icokubera ciza, na co akaba ari ukwahukana maze ugatangura ubuzima bushasha.

  •   Abantu basigaye babona ko ukwahukana ari ikintu gisanzwe. Umuhinga mu bijanye n’imigenderanire mu kibano yitwa Eric Klinenberg yanditse ati: «Mu myaka mike iheze, umuntu yipfuza kwahukana n’uwo bubakanye, yategerezwa gutanga imvo yumvikana itumye afata iyo ngingo. Ariko muri iki gihe si ko bimeze. Igihe udahimbawe mu mubano, ni ho ubwirizwa gusigura igituma udashaka kwahukana. Ivyo biri ukwo kubera yuko abantu benshi muri iki gihe babona ko ikintu gihambaye mu buzima bw’umuntu ari ugukora icomubera ciza.» a

 Ni ivy’ukuri ko igihe umuntu yahukanye ashobora kubona ko hari ingorane zimwezimwe ahunze, mugabo hari izindi ngorane zica zivyuka. Nk’akarorero, hari amatohoza yerekanye ko «abantu bahukana mu busaza bagira ingorane z’amahera, ariko abakenyezi akaba ari bo babangamirwa kuruta.»

 Hari ikindi kintu dukwiye kurimbura. Igitabo kimwe (Don’t Divorce) kivuga giti: «Naho woba uriko uragerageza guhindura ukuntu ubayeho, wewe ubwawe uba ukiri wa wundi. Ahubwo ukwiye kwibaza uti: “Ni ibiki nakoze kugira mpindure ukuntu nayaga n’uwo twari twubakanye, gutyo bimfashe kuryohora ukuntu nkwiye kuyagisha abandi? Ni ibiki nakoze kugira mpindure ukuntu ndavyifatamwo igihe hari umuntu ambabaje?” b

 Ivyo mwokora

  •   Nutahure ko ubucuti mufitaniye buzohinduka. Hari ibintu vyinshi bihinduka mu mubano. Ubucuti mufitaniye n’uwo mwubakanye burashobora kuba bwarahindutse kubera abana bavuye muhira canke kubera mwempi musigaye mukunda ibintu bitandukanye. Aho kuguma murondera ko ibintu vyoguma bimeze nk’uko vyari bimeze kera, nimwiyumvire ingene mworyohora ukuntu ibintu bimeze ubu.

     Ico Bibiliya ivuga: «Ntuvuge ngo: “Kubera iki imisi ya kera yari myiza kuruta iyi?”, kuko ico kibazo kitarimwo ubwenge.»​—Umusiguzi 7:10.

  •   Nurushirize kubera umugenzi mwiza uwo mwubakanye. Woba wokwiga gukunda ikintu uwo mwubakanye asigaye akunda canke ugafasha uwo mwubakanye gukunda ikintu usigaye ukunda ubu? Hoba hari igikorwa gishasha cobaryohera mwoza murakorera hamwe? Mukwiye kuba mufise intumbero yo kuza muramarana umwanya kugira murushirize kwiyumvanamwo aho kumera nk’abantu babanye mu nzu imwe mugabo batubakanye.

     Ico Bibiliya ivuga: «Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite, ahubwo arondere ak’uwundi.»​—1 Abakorinto 10:24.

  •   Nimugume mugaragarizanya urupfasoni. Ntureke kugaragariza urupfasoni uwo mwubakanye kubera gusa mumaranye igihe kirekire. Nuyagishe uwo mwubakanye ubigiranye icubahiro, kandi ugerageze kugaragaza urupfasoni nk’uko wabigira mukireshanya. Nuvuge “ndakwinginze” hamwe na “urakoze.” Niwame wereka uwo mwubakanye ko umukunda kandi umwereke ko ukenguruka ivyo agukorera.

     Ico Bibiliya ivuga: «Mugabo mugirire neza bagenzi banyu, mugire impuhwe zuzuye ikibabarwe.»​—Abanyefeso 4:32.

  •   Niwibuke ibihe vyiza mwagiraniye. Nimurabire hamwe amafoto yo ku bugeni bwanyu, canke murabe amafoto y’igihe mwari kumwe mu bindi biringo. Ivyo nimwabikora, muzokomeza canke munagure urukundo hamwe n’icubahiro mu mubano wanyu.

     Ico Bibiliya ivuga: «Umwe wese muri mwebwe ategerezwa gukunda umugore wiwe nk’uko yikunda. Umugore na we ategerezwa kwubaha cane umugabo wiwe.»​—Abanyefeso 5:33.

a Vyakuwe mu gitabu Going Solo​—The Extraordinary Rise and Surprising Appeal of Living Alone.

b Imvo imwe gusa Bibiliya itanga yo kwahukana ni ubusambanyi. (Matayo 19:5, 6, 9) Nurabe ikiganiro kivuga ngo «Bibiliya yoba yemera ukwahukana?»