ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA
Nukingire abana bawe amashusho y’ibiterasoni
«Twari tuzi neza akaga k’amashusho y’ibiterasoni, ariko ntitwari tuzi ko vyoroshe cane ko umukobwa wacu ayaraba.»—Nicole.
Muri iki kiganiro, turaza kubona ibi bikurikira:
Ico ukwiye kumenya
Abana barashobora kuraba amashusho y’ibiterasoni bakiri bato. Ivyigwa vyagizwe vyerekanye ko ubu abana batangura kuraba ayo mashusho bafise nk’imyaka 11.
Abana barashobora kubona amashusho y’ibiterasoni batiriwe barayarondera. Nk’akarorero, boshobora kuyagwako igihe bariko bararondera ibintu kuri internet canke iyo bari ku mbuga hwaniro. Ibintu biremesha abantu kuraba ayo mashusho birashobora kwiyadukiza igihe abana baba bariko barakina udukino kuri internet. Ivyo biterasoni biri mu buryo butandukanye, ariko kenshi usanga ari amafoto n’amavidewo. Ariko rero, hari n’ibiganiro vy’ibiterasoni usanga vyaranditswe mu majambo canke vyarafashwe amajwi, umuntu akaba ashobora kuvyumviriza no kubisoma canke akabivoma.
Ikindi ukwiye kumenya hari aboshobora kurungikira abana ibiterasoni ku buhinga bwa none, nk’akarorero mu mamesaje. Mw’itohoza ryagizwe ku bakiri bato barenga 900, abakobwa hafi ibice 90 kw’ijana n’abahungu hafi ibice 50 kw’ijana bavuze ko abo bigana bama babarungikira amafoto n’amavidewo y’abantu bari gusa.
Amashusho y’ibiterasoni arabwa cane, kenshi aba arimwo ivyo gufata nabi abandi. Amashusho nk’ayo akundwa cane kandi yoroshe kuronka, akenshi aba arimwo ivyo gufata nabi abandi, canecane abagore.
Amashusho y’ibiterasoni aronona abana. Ubushakashatsi bwagizwe bwerekanye ko abana baraba amashusho y’ibiterasoni vyoroshe cane ko bashikirwa n’ibi bikurikira:
gusubira inyuma mu vyigwa
kugira amaganya, akabonge n’ukwikengera
kubona ko gukorera uwundi amabi mu vy’igitsina ata co bitwaye
Iciyumviro nyamukuru: Amashusho y’ibiterasoni aragirira nabi abana, kandi abavyeyi ni bo canecane bashobora kubakingira.
Ico Bibiliya ivuga: «Aya majambo ndabategetse uno musi abwirizwa kuba ku mitima yanyu, kandi mutegerezwa kuyasubiriramwo abana banyu no kubabwira ivyayo igihe mwicaye mu nzu, igihe muriko muragenda mu nzira, igihe muryamye n’igihe muvyutse.»—Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7.
Ingene wokingira abana bawe amashusho y’ibiterasoni
Nurondere amakuru akenewe. Nuzirikane igihe n’ahantu umwana wawe yoshobora kuraba amashusho y’ibiterasoni. Nk’akarorero, ubwo ntakoresha internet idacungerewe neza mu myanya y’akaruhuko kw’ishure?
Nurondere kumenya ibintu wohinyanyura muri telefone yiwe kugira umukingire, wongere umenye amaprograma akoresha n’udukino akina. Nk’akarorero, amaprograma amwamwe y’amamesaje arafise ubuhinga butuma ushobora kubona amamesaje, amashusho n’amavidewo y’ibiterasoni hama bigaca bizimangana haciye amasaha canke imisi mike. Hari udukino twinshi twa videwo bakinira kuri internet dutuma abakinyi babona amashusho y’ibiterasoni, canke mbere bakamera nk’aho bariko barakora imibonano mpuzabitsina biciye kuri utwo dukino.
«Reka mvuge ivyo maze kwibonera: Nimba umwana wawe afise telefone, wewe muvyeyi wiwe ukwiye kumenya kuyikoresha, kuyiregera ku buryo itereka umwana wawe ibintu bitameze neza no gusuzuma ingene umwana wawe ayikoresha.»—David.
Ico Bibiliya ivuga: «Umutima w’umuntu aciye ubwenge uraronka ubumenyi.»—Imigani 18:15.
Nukore ivyo ushoboye vyose ntabone ibiterasoni. Gira ico ukoze ugabanye akaga. Nk’akarorero, raba ukuntu woregera telefone y’umwana wawe hamwe n’utundi twuma two mu buhinga bwa none mutunze kugira ntituzemwo amashusho y’ibiterasoni. Nukoreshe n’ubuhinga (contrôle parentale) butuma umwana wawe atabona ibiterasoni mu kuma kiwe. Ukwiye no kumenya kode zose umwana wawe akoresha mu kuma kiwe.
«Nasanze ari vyiza kuregera telefone zacu ku buryo zitatwereka ibiterasoni, nkazibira amaprograma umuhungu wanje yoshobora gushikira kuri televiziyo yacu ikorana na internet, nkamenya na kode akoresha muri telefone yiwe.»—Maurizio.
«Sinemerera abahungu banje kurabira amavidewo mu cumba cabo iyo cugaye. Iyo hageze kuryama, sindabemerera gutwara mu vyumba vyabo utwuma twabo two mu buhinga bwa none.»—Gianluca
Ico Bibiliya ivuga: «Umunyabwenge arihisha abonye akaga kaje, ariko ibijuju birabandanya inzira maze bikibonerako.»—Imigani 22:3.
Nutegure umwana wawe amenye ico azokora bishitse akabona ayo mashusho. Umugore umwe yitwa Flavia avuga ati: «Abavyeyi bamwebamwe baririnda kubwira umwana wabo ibijanye n’amashusho y’ibiterasoni, bakiyumvira ko atazokwigera ahura n’iyo ngorane.» Abandi bavyeyi bashobora gutinya ko hamwe bovuga ibijanye n’ayo mashusho, vyotuma umwana wabo ayarondera. Ariko ivyo si vyo. Abavyeyi b’ubwenge barigisha umwana wabo akaga ko kuraba ibiterasoni atarabiraba. None ivyo wobikora gute?
Niwigishe abana bato ico bakwiye gukora bishitse bakabona ibiterasoni. Nk’akarorero, barashobora guca bugara amaso yabo canke bakazimya akuma kabo. Baremeshe no kukubwira ivyo babonye canke bumvise. a
«Twatanguye kuvuga ibijanye n’akaga ko kuraba amashusho y’ibiterasoni igihe umuhungu wacu yari akiri muto cane. Afise nk’imyaka 11, ibihayanishwa vy’ibiterasoni vyaratanguye kuza birizana mu gakino bakinira kuri telefone yari yaravomye. Ivyo biterasoni vyazanana n’amajambo amuremesha kwifotora akarungika amafoto yiwe. Kubera ko twari twaraganiriye ico akwiye gukora, yaciye ubwo nyene aza kumbwira ivyabaye.»—Maurizio.
Ico Bibiliya ivuga: «Niwigishe umwana inzira akwiye gucamwo. Azorinda asaza atarayivamwo.»—Imigani 22:6.
Nufashe abana bakuze kunanira inyosha mbi yo kuraba, kwumviriza no gusoma ibiterasoni. Nk’akarorero, nufashe umwana wawe gutegura urwandiko rurimwo ivyo azokora igihe abonye amashusho y’ibiterasoni, n’igituma ashaka kuzobigenza gutyo. Numufashe gushira muri urwo rwandiko ingaruka ziva ku kuyaraba n’ibigirankana, nko kwumva ko ata co amaze, kutaba acizigiwe n’abavyeyi biwe no kwonona ubucuti afitaniye n’Imana. b
«Uko abana bakura, nubafashe kutiyumvira gusa ibica bibashikira ubwo nyene ahubwo biyumvire n’ingaruka ayo mashusho azobagirako no muri kazoza.»—Lauretta.
«Nimba abana bacu badatahura gusa akaga kari mu kuraba ibiterasoni, ahubwo bakaba bazi n’ukuntu Yehova amererwa hagize uwubiraba, bizokworoha ko bavyirinda.»—David.
Ico Bibiliya ivuga: «Ubukerebutsi [burakingira] umuntu.»—Umusiguzi 7:12.
Nimuze muraganira. Naho vyosa n’ibigoye kwemera, mu bisanzwe abana barashaka kuganira n’abavyeyi babo ibijanye n’igitsina, harimwo n’ivy’amashusho y’ibiterasoni. Umupfasoni ajejwe gukurikirana agateka k’abana yitwa Rachel de Souza, avuga ati: «Twarabonye ko [abana] bashaka cane kuganira kenshi kandi bakiri bato» n’abavyeyi babo. Yongerako ati: «Abana baripfuza kuyaga n’abavyeyi babo ku bintu bihuye n’imyaka yabo uko bagenda barakura.»
«Nkiri muto, hari ivyo abavyeyi banje batigera baganira nanje. Ese iyo tuganira twisanzuye kandi ata gutinyatinya. Ubu ndi umuvyeyi, nkaba nkora uko nshoboye nkaza ndayaga n’abana banje ibijanye n’igitsina dutekanye.»—Flavia.
Ico wokora bishitse umwana wawe akaraba ayo mashusho
Nutekane. Bishitse ukamenya ko umwana wawe yaravye, akumviriza canke agasoma ibiterasoni, gerageza wigumye. Ashobora kuba ababaye, yavunitse umutima canke yiyagiriza kubera ivyabaye. Rero gushavura nta kindi vyovamwo atari ukwunyura ibintu, kandi vyoshobora gutuma atazokwongera kugaruka uwundi musi ngo mubiganire.
Ico Bibiliya ivuga: «Umuntu afise ubumenyi aracungera ivyo avuga, kandi umuntu afise ugutahura aguma atekanye.»—Imigani 17:27.
Nubanze utohoze. Aho guca ubona ko uzi ivyabaye, nubaze umwana wawe utubazo kugira utahure ukuntu vyagenze ngo arabe ayo mashusho y’ibiterasoni. Nk’akarorero, yoba ari uwayamurungikiye canke ni we yayirondereye? Vyoba vyabaye rimwe canke yari amaze kuyaraba imbere y’aho? Akuma yakoresheje koba karegeye ku buryo atabona ibiterasoni canke karimwo ubuhinga bubizibira? Nimba ako kuma karegeye, yoba yagerageje guca mu yindi nzira kugira aronke ayo masanamu? Wibuke ko intumbero yawe ari ukumenya ibiri mu mutima w’umwana wawe, si ukumusambisha.
Ico Bibiliya ivuga: «Ivyiyumviro vyo mu mutima w’umuntu bimeze nk’amazi ari kure epfo, ariko umuntu afise ugutahura arabivoma.»—Imigani 20:5.
Nugire ico ukoze. Nk’akarorero, nimba yabiravye atabiteguye, urashobora kuraba ukuntu wosubira kuregera neza ako kuma ku buryo bidakunda ko kamwereka ibintu bitabereye.
Umenye na ho ko ari we yavyirondereye, numukosorane urukundo ariko ushimitse. Nutume yipfuza cane kwirinda amashusho y’ibiterasoni mu kumufasha kuzirikana ku vyanditswe nk’ibi: Yobu 31:1, Zaburi 97:10; na Zaburi 101:3. c Numumenyeshe kandi ko muzoza murabiganira buri ndwi kugira usuzume ko biriko biragenda neza no kugira urabe ko hari ikindi kintu wokora kugira umufashe.
Ico Bibiliya ivuga: «Ntimutere ishavu abana banyu, ahubwo mubandanye kubarera mu kubatoza indero mwongera mubakebura nk’uko Yehova yashinze.»—Abanyefeso 6:4.
a Kugira umenye ukuntu woganiriza umwana wawe ivy’igitsina mu buryo buberanye n’imyaka afise, raba ikiganiro kivuga ngo « Comment donner une éducation sexuelle à ses enfants ?»
b Kugira uronke ibindi vyiyumviro vy’ivyoshirwa muri urwo rwandiko, raba umwimenyerezo uvuga ngo « Comment rejeter la pornographie. »
c Murashobora no kurabira hamwe ikiganiro kivuga ngo: “Kubera iki nokwirinda amasanamu y’ibiterasoni?”