ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA
Abana be na telefone: Igice ca 1: Umwana wanje yoba akwiye gutunga telefone?
Abana batunze telefone a baguma baba benshi, kandi benshi muri bo baraja kuri internet bakoresheje izo telefone bibereye mu cumba. Ni akaga akahe kari mu kureka umwana wawe agatunga telefone? Ni ivyiza ibihe birimwo? Womwemerera ko ayikoresha umwanya ungana gute ku musi?
Ico ukwiye kumenya
Ivyiza
Birakingira abana, n’abavyeyi bagatekana. Nyina w’abana babiri b’imiyabaga yitwa Bethany avuga ati: “Turi mw’isi iteye akaga cane. Birahambaye ko abana baba bashobora guhanahana amakuru n’abavyeyi.”
Inabibondo yitwa Catherine na we avuga ati: “Ukoresheje uduprograma tumwetumwe urashobora kwikonekta kuri telefone y’umwana wawe kugira ubone aho ari. Nimba ariko aratwara umuduga, urashobora no kubona umuvuduko yariko aragirako.”
Birafasha mu dukorwa two kw’ishure. Inabibondo yitwa Marie avuga ati: “Abigisha bararungikira abana udukorwa two kw’ishure biciye kuri e-mail canke kuri mesaje, abana na bo bagahanahana amakuru n’abigisha babo muri ubwo buryo nyene.”
Akaga
Kuyimarako umwanya munini. Abakiri bato baramara amasaha menshi ku musi bari kuri telefone. Umwanya abavyeyi bamara bariko barakoresha telefone usanga ungana n’uwo bamara bariko baraganira n’abana babo. Umuhanuzi umwe avuga ko abagize imiryango bamwebamwe basigaye bameze “nk’abantu batazinanyi bahuriye hamwe ariko bakaguma bifyondagurira telefone zabo.” b
Kuyirabirako amasanamu y’ibiterasoni. Nk’uko itohoza rimwe rivyerekana, abarenga ica kabiri c’abana b’imiyabaga bararaba amasanamu y’ibiterasoni buri kwezi, ivyo bikaba bidatangaje uravye ukuntu vyoroshe ko umuntu ayashikira akoresheje telefone. Se w’abana babiri b’imiyabaga yitwa William avuga ati: “Abavyeyi baretse umwana agatunga telefone, baba bamuhaye akaryo ko gushikira amasanamu y’ibiterasoni yose uko yakabaye batabiciye n’ikanda, aho uwo mwana yoba ari hose.”
Iramwizizira. Abantu benshi babona ko batobaho badatunze telefone. Bishitse bakabura aho bayishize, barata umutwe, bakabura uko bifata, mbere n’ukurwara bakarwara. Abavyeyi bamwebamwe bavuga ko iyo abana babo bariko barakoresha telefone bagaragaza inyifato itaranga urupfasoni. Uwitwa Carmen avuga ati: “Rimwe na rimwe iyo hari ico ngomba kubwira umuhungu wanje, aca ahinduka mu maso canke akambwira nabi kubera adashaka ko ndamuciramwo.”
Izindi ngaruka. Gutunga telefone birashobora gutuma umuntu atotezwa biciye kuri internet canke akaja mu vyo kurungikiranira ibiterasoni kuri telefone. Birashobora kandi gutuma umuntu agira ingorane z’amagara ziva ku kuyikoresha yicaye nabi canke aryamye nabi be no ku kudasinzira. Abakiri bato bamwebamwe barakoresha amaprograma umengo nta co atwaye yamara atuma banyegeza ibintu badashaka ko abavyeyi babo babona.
Sebibondo yitwa Daniel afise umukobwa w’umuyabaga abivuga muri make ati: “Telefone ituma umwana abona ikintu cose kiri kuri internet, caba ciza canke kibi.”
Ivyo ukwiye kwibaza
‘Umwana wanje yoba koko akeneye gutunga telefone?’
Bibiliya ivuga iti: “Umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe.” (Imigani 14:15) Ufise ivyo ku muzirikanyi, niwibaze uti:
‘Vyoba ari vyiza ko umwana wanje atunga telefone kumbure bivuye ku mvo z’umutekano canke kubera izindi mvo? Noba narazirikanye nitonze ivyiza birimwo hamwe n’ingaruka vyotera? Ubwo kumuha agatelefone gasanzwe ntivyoba bikwiye?’
Sebibondo yitwa Todd avuga ati: “Hariho udutelefone dusanzwe umuntu yoshobora guha umwana kandi bigakunda ko muguma muhanahana amakuru biciye kuri mesaje canke ku guterefona. Kandi bizotuma uziganya amahera.”
‘Umwana wanje yoba ageze gutunga telefone?’
Bibiliya ivuga iti: “Umutima w’umuntu w’inkerebutsi uri iburyo bwiwe.” (Umusiguzi 10:2) Ufise ivyo ku muzirikanyi, niwibaze uti:
‘Ni igiki kinyemeza ko umwana wanje ari umwizigirwa? Yoba ahora anyagira atitinya? Yoba yama ambwiza ukuri, nk’akarorero akambwira abagenzi biwe abo ari bo? Yoba asanzwe yigumya igihe ariko arakoresha utundi twuma two mu buhinga bwa none nka televiziyo, tablete canke orodinateri ngendanwa?’ Inabibondo yitwa Serena avuga ati: “Telefone irafise akamaro cane, ariko irashobora kandi gutera akaga. Zirikana kw’ibanga uba uhaye uwo mwana kandi akiri muto.”
‘Noba niteguriye iryo banga?’
Bibiliya ivuga iti: “Rera umwana wisunze inzira imubereye.” (Imigani 22:6) Ufise ivyo ku muzirikanyi, niwibaze uti:
‘Noba menyereye gukoresha telefone ku buryo noshobora gufasha umwana wanje gutahura akaga yoshobora kugwamwo no kukirinda? Noba nzi kuregera telefone ku buryo nshobora gukontorora ivyo akora? Nzofasha gute umwana wanje guhitamwo neza igihe akoresha telefone?’ Umwe Daniel twavuga agira ati: “Birababaje kuba hari abavyeyi baha abana babo amatelefone bagaca biraramira, ntibarabe ukuntu bayakoresha.”
Iciyumviro nyamukuru: Abana barakeneye kwigishwa ingene bokoresha telefone neza. Igitabu kimwe (Indistractable) kivuga giti: “Abana benshi birabagora kwirinda kumara munini kuri telefone na canecane igihe abavyeyi batazi ivyo bariko barakora canke igihe batabafasha.”