Ja ku birimwo

Mwoba mufasha igihe hateye ivyago?

Mwoba mufasha igihe hateye ivyago?

 Ego, Ivyabona vya Yehova bama bafashije igihe hateye icago. Turafasha Ivyabona n’abatari Ivyabona bashikiwe n’ivyago, nk’uko Bibiliya ibidusaba mu Bagalatiya 6:10, ahagira hati: “Dukorere iciza bose, ariko canecane incuti zacu mu kwizera.” N’ikindi kandi, abashikiwe n’ivyago turagerageza kubafasha mu vy’Imana no kubaha indemesho baba bakeneye rwose muri ivyo bihe.—2 Abakorinto 1:3, 4.

Ingene ivy’ugufasha bikorwa

 Imyuma y’icago, abakurambere b’amashengero yo mu karere kaba kashikiwe n’icago baragerageza kurondera abo muri ayo mashengero kugira bamenye ko badora no kugira bamenye imfashanyo boba bakeneye. Nya bakurambere baca bashikiriza ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri ako karere raporo y’ivyo batohoje, bakongera bakamenyesha n’ikiba kimaze gukorwa mu gutabara.

 Nimba hakenewe ibirenze ivyo amashengero yo muri ako karere aba ashoboye kuronka, Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova iratunganya ivyo kurungika ibikenewe. Ivyo birahuye n’ukuntu abakirisu bo mu ntango bitwararikana mu gihe c’ikigoyi. (1 Abakorinto 16:1-4) Ibiro vy’ishami vyo muri ako karere biragena Amakomite ajejwe gutabara kugira atunganye yongere ayobore ico gikorwa. Ivyabona bo mu tundi turere baratanga bavyishakiye umwanya wabo n’ivyo batunze kugira bafashe.—Imigani 17:17.

Amahera akoreshwa

 Bumwe mu buryo intererano zirungikwa ku mabiro y’amashami y’Ivyabona vya Yehova zikoreshwa ni mu gutabara abashikiwe n’ivyago. (Ivyakozwe 11:27-30; 2 Abakorinto 8:13-15) Kubera ko ico gikorwa co gutabara gikorwa n’abitanga bavyishakiye badahembwa, amahera abonetse aca akoreshwa mu vy’ugutabara aho gukoreshwa mu guhemba abakora ico gikorwa. Turakoresha neza intererano zose zitangwa.—2 Abakorinto 8:20.