Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova bahinduye bimwebimwe mu vyo bemera?
Twamye dushingira kuri Bibiliya gusa ivyo twizera vyose. Ku bw’ivyo twararyohoye ivyo twemera uko twarushiriza gutahura Ivyanditswe. a
Ayo mahinduka ajanye n’ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya iri mu Migani 4:18: “Umunyuro w’abagororotsi umeze nk’umuco wakaka ugenda urushiriza gukayangana gushika umurango utamanzuye rwose.” Nka kurya izuba riserutse rituma tugenda turushiriza kubona neza ibintu, Imana iratanga ugutahura kw’ukuri kwayo buhorobuhoro, mu gihe kigeze. (1 Petero 1:10-12) Nk’uko Bibiliya yari yarabivuze, ico kintu yaracihutishije “mu gihe c’iherezo.”—Daniyeli 12:4.
Ukwo guhindura uburyo dutahura ibintu ntivyodutangaza canke ngo biduhagarike umutima. Abasavyi ba Yehova ba kera na bo nyene baragize ivyiyumviro bitari vyo, bongera baritega ibintu bitari vyo. Bategerezwa guhindura uko babona ibintu.
Musa yarashatse kurokora ihanga rya Isirayeli hagisigaye imyaka 40 ngo igihe Imana yashinze kigere.—Ivyakozwe 7:23-25, 30, 35.
Intumwa ntizatahura ubuhanuzi bwavuga urupfu rwa Mesiya n’izuka ryiwe.—Yesaya 53:8-12; Matayo 16:21-23.
Abakirisu bamwebamwe bo mu ntango bari bafise ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye n’“umusi wa Yehova.”—2 Abatesalonika 2:1, 2.
Mu nyuma Imana yarabakosoye, kandi na twebwe dusenga dusaba ko ibandanya kudufasha muri ubwo buryo nyene.— Yakobo 1:5.
a Ntitugerageza kubinyegeza igihe twahinduye ingene dutahura ibiri muri Bibiliya. Ahubwo riho, turavyandika kandi tukabisohora mu bitabu. Nk’akarorero, raba mu CEGERANYO C’IBITABU CO KURI INTERNET ahavuga ngo “Compréhensions Affinées”.