Ivyabona vya Yehova boba barwanya ivyo kwicandagisha?
Oya. Ivyabona vya Yehova ntibarwanya ivyo kwicandagisha. Tubona ko ivyo kwicandagisha ari ingingo umukirisu wese yifatira. Ivyabona vya Yehova benshi barahitamwo kwicandagisha.
Twipfuza kwivuza mu buryo bwiza kandi turashima amaterambere ariko araba mu vy’ubuvuzi atuma indwara zikomeye zitabangamira abantu. Turashima ukuntu abahinga mu vy’ubuvuzi bakora bagatama canecane mu bihe vy’ibiza.
Ivyabona vya Yehova barasenyera ku mugozi umwe n’abajejwe amagara y’abantu. Nk’akarorero, kuva ikiza ca Korona giteye, Ivyabona vya Yehova babicishije kuri uru rubuga, barabandanije gusohora amakuru mu ndimi amajana agenewe kuremesha abantu gukurikiza amategeko ajanye no kwikingira ashingwa n’abategetsi. Muri ayo mategeko harimwo ibijanye no kutegerana, gukurikiza ubuyobozi igihe turi ahantu hakoraniye abantu benshi, kwishira ukwa wenyene, gukaraba, kwambara agapfukamunwa, n’izindi ngingo zishingwa n’abategetsi.—Abaroma 13:1, 2.
Ibitabu vy’Ivyabona vya Yehova biramaze imyaka mirongo bishimika kuri izi ngingo ngenderwako zikurikira:
Umuntu wese ni we yifatira ingingo mu bijanye no kwivuza.—Abagalatiya 6:5.
“[Iki kinyamakuru] nta bwoko bw’imiti canke uburyo bwo kwivuza kirutisha ubundi kandi nta mpanuro gitanga mu bijanye no kwivuza. Intumbero yaco ni ukuvuga gusa uko ibintu vyifashe maze kikarekera umusomyi wese uburenganzira bwo kwifatira ingingo.”—Be maso! 8 Ruhuhuma 1987.
“Ni wewe wifatira ingingo yo kwicandagisha canke gucandagisha abana bawe.”—Be maso! 22 Myandagaro 1965.
Turivuza kubera ko twubaha ubuzima.—Ivyakozwe 17:28.
“Ivyabona vya Yehova baritura abaganga kugira babavure. Barakunda ubuzima kandi barakora ibishoboka vyose kandi vyemewe n’Ivyanditswe kugira babandanye kubaho.”—Umunara w’Inderetsi 1 Mukakaro 1975.
“Ivyabona vya Yehova [baremera] n’umutima mwiza imiti n’ubundi buryo bwo kuvurwa. Baripfuza kugumana amagara meza no kuramba. Kanatsinda, cokimwe na Luka umukirisu wo mu kinjana ca mbere, Ivyabona vya Yehova bamwebamwe usanga ari abaganga. . . . Ivyabona vya Yehova barakenguruka vy’ukuri igikorwa kitoroshe ababavura barangura n’ukuntu bitanga. Barakenguruka kandi ukuntu abo bavuzi bahaseruka hageze bakabafasha gutora mitende.”—Umunara w’Inderetsi 1 Ruhuhuma 2011.