Abarezi bo muri Filipine barabonye akamaro ka JW.ORG
Mu 2016, Ivyabona vya Yehova bareretse abarezi bo mu ntara ya Zamboanga del Norte muri Filipine ingene amavidewo n’ibiganiro biri ku rubuga rwa jw.org bifasha mu kwigisha. Ivyo Vyabona babanje kugendera abajejwe indero muri iyo ntara bakorera ku murwa mukuru wayo, ari wo Dipolog. Barakozwe ku mutima cane n’ibintu biri kuri jw.org ku buryo baciye basaba ivyo Vyabona ko boshikiriza ikiganiro c’iminuta 30 mu nama nkarishabwenge zitatu zari zimirije kuba, zikaba zari kwitabwa n’abigisha bo mu turere dutandukanye tw’intara ya Zamboanga del Norte.
Ukuntu babigenjeje
Ivyabona bareretse abigisha nka 300 bari bitavye inama imwimwe yose amavidewo n’ibiganiro bari bahisemwo. Abo bigisha barashimye cane ikiganiro kivuga ngo “Ingene mwohangana n’amadeni.” Benshi muri bo bavuze ko ibiri kuri urwo rubuga bishobora gufasha abanyeshure n’abigisha ubwabo. Bose barakiriye agapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima?, kakaba karimwo incamake y’ibintu bishimishije biri kuri jw.org. Hari n’abigisha bavomye amavidewo kuri urwo rubuga.
Ibiganiro bitatu ivyo Vyabona baremesheje vyose vyagenze neza ku buryo abajejwe indero muri iyo ntara baciye batunganya ivy’uko abandi barezi bashika 600 babikurikirana. Benshi muri bo na bo nyene barabishimye cane.
“Urwo rubuga rurafasha cane”
Mu nyuma, bamwe mu bakurikiranye ivyo biganiro baravuze ukuntu vyabafashije. Umwigisha umwe yavuze ati: “Nashaka kubakengurukira cane. Nasanze urwo rubuga rumfasha kwigisha abanyeshure banje.” Uwundi na we yavuze ati: “Ndahigira ibintu vyinshi, na canecane ku bijanye no kwihanganira amaganya. Urwo rubuga rurafasha cane abato n’abakuze.”
Mu barezi bakurikiranye ivyo biganiro, abarenga 350 baripfuje kumenya n’ibindi. Ivyabona baciye babaha ibindi bitabu bongera bararonsa abavyipfuza bose impanuro ngirakamaro zishingiye kuri Bibiliya.
Ivyabona vya Yehova barahimbawe no kuba abarezi barenga 1.000 b’i Zamboanga del Norte barakurikiranye ivyo biganiro, bakibonera ukuntu urubuga rwa jw.org ari igikoresho kirumara mu kwigisha. Ico gikoresho kidasanzwe kirashobora gufasha abarezi bo kw’isi yose kwigisha abarerwa babo ibijanye n’imico myiza, inyifato runtu hamwe n’ivy’Imana. *
^ ing. 9 Amashure yo muri Filipine ntajejwe gusa kuronsa abanyeshure ubumenyi, ariko kandi ajejwe no kubafasha “kugira imico myiza, kumenya Imana no kugendera ubuntu.”—Ibwirizwa shingiro rya Filipine ryo mu 1987, Ingingo ya 14, Igice ca 3.2.