Ja ku birimwo

Barafashije gusukura igisagara ca Rostov-on-Don

Barafashije gusukura igisagara ca Rostov-on-Don

Ku wa 20 Rusama 2015, umukuru w’igisagara kinini ca Rostov-on-Don kiri mu bumanuko bw’Uburusiya yarasohoye urwandiko rwo gukengurukira Ivyabona vya Yehova. Yarabakeje ku “kuba baritanze batiziganya mu gusukura ico gisagara mu gihe c’impeshi.”

Muri ico gihe bariko barasukura ico gisagara, Ivyabona vya Yehova bo mu mashengero ane baregeranije imicafu yari yagwiriranye mu mabarabara no ku nkengera z’uruzi. Mu masaha makeyi bari bujuje imipfuko y’imicafu nka 300, ikaba yaciye itwarwa n’ibikamyo bitwara imicafu.

Ni kubera iki Ivyabona bakoranye umwete muri ico gikorwa? Umukenyezi yitwa Raisa w’imyaka 67 avuga ati: “Sinari kureka kugira ico nkoze. Nshaka ko igisagara cacu kiba igisukuye kugira twese dushobore kuba ahantu heza. Naho ari abantu bake bazi ivyo twakoze, ndacahimbariwe ivyo twashitseko. Igihambaye n’uko Yehova yabibonye.” Uwitwa Aleksander yongerako ati: “Ntitubwira abantu gusa inkuru nziza, turanabafasha mu bikorwa bitandukanye. Birampimbara iyo ndiko ndafasha ababanyi banje kandi bituma numva nshize akanyota.”

Ababonye ukuntu Ivyabona bitanze muri ico gikorwa barabikengurutse. Umuntu umwe aba muri ico gisagara yaratangaye amenye ko Ivyabona vya Yehova bariko babikora ku buntu. Yaciye abiyungako. Mu nyuma yavuze ati: “Sinokwigeze nibaza ko gukora isuku bishobora gutuma mpimbarwa kandi bigatuma numva ko hari co mfashije!” Yongeyeko ati: “Bamwe muri mwebwe ntimuba no ng’aha, ariko mwaraje kudufasha!”

Umukuru w’ico gisagara yarabonye umurwi muto w’Ivyabona bari begeranije ikigunguzi kinini c’imicafu. Yaciye abafotora bari iruhande yaco, kugira aze “arereka abandi uko bakwiye gukora.”