Ja ku birimwo

Ugushikiriza impapuro z’umutsindo umugwi ugira 136 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi

Ugushikiriza impapuro z’umutsindo umugwi ugira 136 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi

Ku wa gatandatu igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014, abanyeshure b’umugwi ugira 136 w’ishure rya Gileyadi barahawe impapuro z’umutsindo. Bari bamaze amezi atanu banoganza ivyigwa bijanye na Bibiliya. Iryo shure ririgisha Ivyabona vya Yehova baciye uruma ingene borushiriza kuba kirumara mu gikorwa barangura n’ingene bokomeza ukwizera kw’Ivyabona bagenzi babo. Abitavye ivyo birori bose hamwe ni 11.548. Bamwe muri bo barishikiye ku kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova kiri i Patterson muri Leta ya New York. Abandi bo mu yindi mihingo yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Kanada, Jamayike, Porto Riko, babikurikiraniye kuri Internet.

“Mugumane uyu mutima muri mwebwe.” David Splane wo mu Nama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova ni we yahagarikiye ivyo birori. Yashingiye intangamarara yiwe ku Bafilipi 2:​5-7, ahagira hati: “Mugumane uyu mutima muri mwebwe ari na wo wari muri Kristu Yezu.” Igihe Yezu yari kw’isi, ntiyarazwa ishinga n’ikibanza yari afise, ahubwo yaritanga agakorera Imana abigiranye ukwicisha bugufi.

Nk’akarorero, mu kwamirira kure buri kigeragezo ca Shetani, Yezu yavuga ati: “Vyanditswe ngo.” Aho yaba asubiyemwo ibiri mw’ijambo Musa yashikirije ihanga rya Isirayeli. (Matayo 4:​4, 7, 10; Gusubira mu vyagezwe 6:​13, 16; 8:3) Naho Yezu yari ashoboye kuvuga yishimikije ubukuru afise bwo kuba ari uwarobanuwe n’Imana, yaricishije bugufi mu kwerekana ko aha agaciro ivyo Musa yakoze. Na twebwe turakwiye kwemera ko abandi bari n’ivyo bashoboye kandi tukabakeza tubikuye ku mutima.

Umuvukanyi Splane yarashimitse kandi ku kuntu Yezu yagaragaje agatima kabereye mu nsozero y’ikiringo c’ukumenyerezwa kwiwe ng’aha kw’isi. Yezu yasenze ati: “Narakuninahaje kw’isi, nkaba ndangije igikorwa wampaye ngo nkore. Ubu rero ga Data, nuninaharize hamwe nawe, uninaharishije bwa buninahazwa nari mfise ndi kumwe nawe imbere y’uko isi ibaho.” (Yohani 17:​4, 5) Yezu ntiyariko arondera kuronka uduteka twiyongereye. Yisabiye gusa ko asubizwa ikibanza yahoranye, ko niyasubira mw’ijuru ‘yosubizwa igikorwa yahorana.’ Abasohotse ishure rya Gileyadi na bo nyene bakwiye kwigana Yezu mu gushira umutima ku gikorwa atari ku kibanza, bakumva bashize akanyota n’igihe batoterwa uduteka twiyongereye basubiye mu bikorwa barangura.

“Nimwitange ata kwicuza.” William Malenfant, akaba afasha muri Komite Nshingwanyigisho y’Inama Nyobozi, yaremesheje abanyeshure kwigana intumwa Paulo mu kwitanga. Aho gusubiza amaso inyuma ku vyo yari yarahevye kubera igikorwa c’Imana, Paulo yavuze ati: “[Ndibagira] ibiri inyuma nkaramiriza ku biri imbere, ndashishikara urugendo rwanje ngana kw’ihangiro ngo ndonke agashimwe.”​—Abafilipi 3:​13, 14.

Abo banyeshure nibitanga baticuza bazoba biganye abasavyi b’Imana bo bihe vya kera be n’ab’ubu. Umuvukanyi Malenfant yarasubiyemwo amajambo ya Clara Gerber Moyer, uno akaba yatanguye gukorera Yehova akiri umwana. Clara yanditse ati: “Ese ukuntu numva nezerewe iyo nsubije amaso inyuma mu myaka irenga 80 iheze nkorera Imana! Emwe, sinicuza! Iyo biba vyashoboka ko nongera gutangura ubuzima, nohisemwo kubaho nk’ukwo nyene.”

“Nimwamamaze muri kumwe n’abamarayika kandi mwamamaze nka bo.” Gerrit Lösch wo mu Nama Nyobozi, yarafashije abo banyeshure guha agaciro uduteka tubiri tudasanzwe dufiswe n’abo bose bamamaza. Aka mbere: Bakora nk’abamarayika b’Imana igihe baba bariko bashikiriza inkuru nziza y’Ubwami, kuko amajambo y’igiheburayo n’ay’ikigiriki akoreshwa muri Bibiliya mu kuvuga “umumarayika” ashobora kandi guhindurwa mu zindi ndimi ngo “intwarabutumwa.” Aka kabiri: Bamamaza inkuru nziza bayobowe n’abamarayika, nk’uko n’umwigishwa Filipo yayobowe na bo.​—Ivyakozwe 8:​26-​35.

Umuvukanyi Lösch yaciye abiganira ibintu vyashikiye Ivyabona vya Yehova bamwebamwe igihe bariko baramamaza. Nk’akarorero, Icabona wo muri Megizike yitwa Gabino, uno akaba afise akamenyero ko kudodora ku rugi rimwe canke kabiri, hari urugi yadodoyeko incuro zine. Umugabo yitavye Gabino yamubwiye ko yagira yihe umugozi. Uwo mugabo yavuze ati: “Igihe wadodora irigira kane, umugozi wari mw’izosi. Aho numviye uwudodoye naciye ndawiyambura ngo ndamwitabe. Wakoze kuba wagumye udodora. Iyo utagumizako, nari kuba nimanitse.”

Naho ibintu nk’ivyo rimwe na rimwe bishobora kuba vyapfuye gushika, turazi ko vyinshi muri vyo bidapfa gushika. Ahubwo, bitanga ikimenyamenya c’uko abamarayika b’Imana bariko bayobora igikorwa co kwamamaza kirangurirwa kw’isi yose.​—Ivyahishuwe 14:6.

“Abafise icubahiro bazohezagirwa.” Michael Burnett, umwigisha wo mw’ishure rya Gileyadi, yashikirije insiguro ishingiye ku karorero k’Umwisirayeli yitwa Yabezi yakomoka mu muryango wa Yuda. Uwo Yabezi yari afise “icubahiro kuruta bene wabo.” Yasenze Imana ati: “Niwampezagira ata kabuza, ukagura koko akarere kanje kandi ukuboko kwawe kukaba vy’ukuri kumwe nanje, ukongera ukandinda koko ivyago . . .”​—1 Ngoma 4:​9, 10.

Abo banyeshure barashobora kwigana ako karorero keza ka Yabezi mu gusenga batomora ivyo basaba, na canecane mu gusaba Imana ngo ibafashe gushira mu ngiro ivyo bize muri iryo shure. N’ikindi kandi, barashobora gusaba Imana ngo ibakingire icago, ariko atari ukubakingira ku buryo ata ngaruka n’imwe y’icago yobashikira. Ahubwo bosaba Imana ko yobafasha mu gihe c’ivyago kugira ntibarengerwe n’umubabaro canke ingaruka zituruka kuri ivyo vyago. Imana yarishuye isengesho rya Yabezi kandi ni ko izobigira no kuri abo banyeshure.

“Nimutume umuriro uguma ururumba muri mwebwe.” Mark Noumair, umwigisha wo mw’ishure rya Gileyadi akaba kandi afasha muri Komite nshingwanyigisho, yashikirije insiguro ishingiye ku 1 Abatesalonika 5:​16-​19. Nk’uko umuriro ukeneye inkwi, akayaga n’ubushuhe kugira ugume waka, ni ko n’abo banyeshure bakeneye ibintu bitatu kugira ngo bagume barurumba umwete bafitiye igikorwa cabo.

Ica mbere: “Mwame munezerwa.” (1 Abatesalonika 5:​16) Biciye ku kuzirikana ku muhezagiro bafise wo kuba bashimwa na Yehova, abo banyeshure barashobora kwironkera umunezero, uno ukaba umeze nk’inkwi zituma baguma barurumba umwete. Ica kabiri: “Musenge ubudahengeshanya.” (1 Abatesalonika 5:​17) Isengesho rimeze nk’akayaga gatuma umuriro uguma waka. Turakwiye kumara umwanya muremure turiko duserurira Imana akari ku mutima. Ica gatatu: “Mukenguruke muri vyose.” (1 Abatesalonika 5:​18) Umutima ukenguruka ni nk’ubushuhe butuma ubucuti dufitaniye na Yehova be n’abavukanyi bacu budakonja. Umuvukanyi Mark Noumair yavuze ati: “Muragumana umutima ukeye kandi ukenguruka, aho kugira umutima udadaraye kandi uguma utora amahinyu abandi.”

“Nimwifatanye n’ikirere mu gushemeza Yehova.” Sam Roberson, umwigisha mu mashure y’ivy’Imana, yatanguye insiguro yashikirije mu gukoresha imvugo zo muri Bibiliya zerekana ko izuba, ukwezi n’inyenyeri vyose bishemeza Yehova. (Zaburi 19:1; 89:37; 148:3) Yavuze ko n’abo banyeshure baronse agateka ko gushemeza Yehova; yaciye abaha akaryo ngo bigane mu buryo bw’agakino ivyo baheruka kwibonera mu gikorwa co kwamamaza. Nk’akarorero: Igihe kimwe umwe muri abo banyeshure yariko agendesha imodoka. Yarabonye umugabo yariko agendera ku gakinga k’ibimuga, uwo munyeshure aca arahagarika umuduga wiwe kugira ngo uwo mugabo amugaye ajabuke. Uwo mugabo yaciye amushimira. Uwo munyeshure na we yaciye amukengurukira kubona ashimye. Ikiyago caciye gitangurira aho, kandi uwo mugabo yaremeye kwigishwa Bibiliya. Mu ndwi zakurikiye, igihe uwo munyeshure yaba ariko yigana Bibiliya n’uwo mugabo, yarabwira inkuru nziza abaza kugendera uwo mugabo yamugaye. Amaherezo, abandi bantu indwi baremeye kwigishwa Bibiliya bivuye gusa kuri ca kiyago ca mbere.

“Nimukomezwe n’inyigisho iva ku Mana.” Donald Gordon, akaba afasha muri Komite ijejwe gusohora ibitabu, yarabajije ibibazo abanyeshure bane (abavukanyi babiri n’abakenyezi babo). Umwe muri abo bavukanyi babiri yavuze ko mu Banyefeso 3:​16-​20 hashimitsweko muri iryo shure. Ivyo vyarafashije abo banyeshure “kuba abakomeye” mu kuba abantu bicisha bugufi kandi boroshe kuyagisha be no mu kumenya ko Yehova agifise ibikorwa vyinshi vyo gushinga buri musavyi wiwe. Umwe muri abo bakenyezi yavuze ko ashima ukuntu umwe mu bigisha yabaremesheje kumera nk’agafi kari mu kiyaga amahero, aho kumera nk’ifi nini itagira isaganirizo kubera iri mu kantu gatoyi. Uwo mukenyezi yavuze ati: “Icigwa nahigiye, ni ic’uko mw’ishirahamwe rya Yehova nkwiye kwifata nk’umuntu mutoya, gutyo na we akamfasha gukura mu vy’impwemu.”

“Yehova aze akwibuke.” Mark Sanderson wo mu Nama Nyobozi, ni we yashikirije ijambo nyamukuru ry’ivyo birori vyo gushikiriza impapuro z’umutsindo. Umutwe w’insiguro yashikirije wari ushingiye kw’isengesho Nehemiya yatuye avuga ati: “Ewe Mana yanje, uze unyibuke.” (Nehemiya 5:​19; 13:31) Nehemiya ntiyari afise ubwoba ko hari ukuntu Yehova yomwibagiye canke akibagira ibikorwa yamukoreye. Ahubwo, yariko asaba Imana ngo imwibuke ibigiranye urukundo kandi imuhezagire.

Abo banyeshure na bo nyene barashobora kwizigira ko Yehova azobibuka nibashira mu ngiro ivyigwa nyamukuru bigiye muri iryo shure rya Gileyadi. Nk’akarorero, bakwiye gukorera Yehova babitumwe n’urukundo bamukunda n’umutima wabo wose. (Mariko 12:30) Aburahamu yarakunda Yehova n’umutima wiwe wose, kandi Imana yaramwibutse ibigiranye urukundo. N’inyuma y’imyaka myinshi cane Aburahamu apfuye, Imana yagumye imwita ‘umugenzi wayo.’​—Yesaya 41:8.

Umuvukanyi Sanderson yaciye yibutsa abo banyeshure ko bakwiye gukunda abandi, na canecane Ivyabona bagenzi babo. (Mariko 12:31) Nka kurya wa Musamariya w’ikigongwe ‘yabaye mugenzi w’umuntu yaguye mu bambuzi,’ ni ko na bo bakwiye kwibwiriza gufasha abakeneye gufashwa. (Luka 10:36) Kugira asigure ivyo, yatanze akarorero ka Nicholas Kovalak yize muri iryo shure mu nyuma akaba umucungezi w’intara. Umuvukanyi Kovalak yari azwi ko yari umuntu w’igishika n’urukundo. Igihe kimwe yaragiriye inama umucungezi w’ingenzi n’umukenyezi wiwe mu bijanye no kuba abanyamwete mu gikorwa co kwamamaza. Yababwiye ati: “Muratangura igikorwa kare mu gitondo, kare mu ndwi, kare mu kwezi, kare mu mwaka.” Haciye imisi mike yihweza nya mukenyezi, yamubwiye ati: “Ntushire umutima ku vyo nababwiye. Usanzwe ukora ugatama. Ntiwiyahagure, ni ho uzorambira mu gikorwa.” Iyo mpanuro yamuhaye abigiranye impuhwe n’umutima mwiza, yarafashije uwo mukenyezi kubandanya igikorwa c’igihe cose mu myaka mirongo yakurikiye.

Mu gusozera, Umuvukanyi Sanderson yaremesheje abo banyeshure gukoresha ivyo bize mu kwigisha no mu kumenyereza abandi. (2 Timoteyo 2:2) Babigenjeje gutyo barashobora gukomeza no guhumuriza abavukanyi babo, ivyo bakabigira bazi neza ko Yehova azobibuka.​—Zaburi 20:​1-5.

Insozero: Abanyeshure bahejeje guhabwa impapuro z’umutsindo, umwe muri bo yaciye aserukira abandi, asoma ikete ryo gukenguruka. Cumi na batanu muri abo banyeshure baciye basozera ivyo birori mu kuririmba ururirimbo rwa 123 ruri mu gitabu Turirimbire Yehova, rukaba rufise umutwe uvuga ngo: “Abungere ni ingabirano z’abagabo.”