Ja ku birimwo

Ububiko ngendanwa

Ububiko ngendanwa

Kw’igenekerezo rya 7 Gitugutu 2013, Ivyabona vya Yehova barasohoye agaporogarama gakorana n’utwuma ngendanwa kitwa JW Library gafasha gusoma no kwiga Bibiliya. Ako gaporogarama gatangwa ku buntu kakaba karimwo Bibiliya zitandatu zo mu congereza, ushizemwo n’iyitwa King James Version be na Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo mu congereza mu 2013. *

Kubera iki ako gaporogarama kasohowe?

Abantu amamiliyoni barakoresha telefone ngendanwa zitwa smartphones, utwuma bita tablettes, be n’utundi mwene utwo mu vy’akazi no mu vyo guhanahana amakuru. Kubera iki ako gaporogarama kitwa JW Library kasohowe kandi abakoresha utwuma mwene utwo bari basanzwe bashobora kuronka kuri jw.org ibibafasha gusoma no kwiga Bibiliya?

Ubwa mbere, igihe uba umaze gushira ako gaporogarama mu kuma kawe, kugakoresha ntibisaba Internet. Ubwa kabiri, kagenewe canecane gufasha umusomyi gutora imirongo yo muri Bibiliya bitamugoye no kuyiga mu buryo bunonosoye. Uti gute?

Agaporogarama JW Library karafasha kwiga Bibiliya

Igihe JW Library yugurutse, ibanza kwerekana amazina y’ibitabu vya Bibiliya. Wuguruye igitabu kanaka co muri Bibiliya, haca haza urutonde rw’ibigabane vy’ico gitabu. Ivyo bituma umuntu ashobora gutora ivyanditswe vyo muri Bibiliya mu mwanya mutoyi cane. Ako gaporogarama karimwo n’ibindi bintu bifasha kwiga Bibiliya:

  • Utujambo tw’epfo twerekana ukuntu amajambo yo mu vyanditswe bimwebimwe ashobora guhindurwa ukundi be n’ayandi makuru bijanye

  • Ivyanditswe bifitaniye isano n’icanditswe umuntu aba ariko arasoma

  • Ironderero rifasha gutora aho ijambo rinaka riboneka hose

  • Incamake y’ibirimwo iri mu ntango z’igitabu kimwekimwe cose co muri Bibiliya

  • Urutonde rwerekana abanditse ibitabu vyose vyo muri Bibiliya, aho bavyandikiye, igihe bavyandikiye be n’igihe ibivugwamwo vyabereye

  • Ibicapo be n’amakarata vy’amabara y’indobeke be n’imirongo yerekana igihe ibintu vyagiye biraberako

Cokimwe n’ibindi vyose Ivyabona vya Yehova basohora, JW Library itangwa ku buntu. Ako gaporogarama kajanye na Bibiliya kaboneka biciye ku ntererano zitangwa n’abavyishakiye. Abantu baramaze kukavoma incuro zirenga amamiliyoni. (2 Abakorinto 9:7) Ubona gute ugeragereje gukoresha ubwo bubiko ngendanwa budasanzwe maze nawe ukabwungukirako?

^ ing. 2 Muri Nzero 2014, ako gaporogarama kararyohowe. Ubu karimwo n’ivyanditswe vyo kuzirikanako ku musi ku musi be n’igitabu c’indirimbo Ivyabona vya Yehova bakoresha.