Ja ku birimwo

Agatabu gafasha abantu bose kigisha gakoresheje amashusho

Agatabu gafasha abantu bose kigisha gakoresheje amashusho

Odval aba muri Mongoliya. Ntazi neza imyaka afise, ariko yibaza ko yavutse mu 1921. Akiri umwana, yaragira ibitungwa vy’abavyeyi biwe, kandi yagiye kw’ishure umwaka umwe gusa. Ntazi gusoma. Yamara, hari agatabu karimwo amashusho y’amabara menshi gaheruka kumufasha kumenya Imana no kumenya kazoza keza kabikiwe abayumviriza. Ivyo bintu yamenye vyaramukoze ku mutima.

Ako gatabu kasohowe n’Ivyabona vya Yehova mu 2011 kari ubwoko bubiri. Bwompi burimwo amashusho meza cane ariko butandukaniye ku kuba kamwe kagizwe n’amajambo make ugereranije n’akandi.

Akagizwe n’amajambo menshi, kano kakaba kitwa ngo Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera, vuba kazoba kaboneka mu ndimi 583; akandi na ko, akitwa Niwumvirize Imana, kazoba kaboneka mu ndimi 483. Gereranya utwo dutabu n’Icete c’Itangazo Mpuzamakungu ry’Agateka ka Zina Muntu casohowe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu O. N. U., kino muri Gitugutu 2013 kikaba cari kimaze guhindurwa mu ndimi 413. Vyongeye, hamaze gutangwa hafi amakopi imiliyoni 80 y’utwo dutabu twompi.

Muri Brezile, hari umutamakazi yakiriye abigiranye umunezero agatabu Niwumvirize Imana maze avuga ati: “Birahimbaye kumenya ko hariho abantu bitwararika abantu nkanje. Sinari bwigere nakira ibinyamakuru vyanyu kubera ko ntashobora gusoma. Ariko aka gatabu ndagashaka.”

Brigitte, uno akaba ari umugore atazi gusoma wo mu Bufaransa, yavuze ati: “Buri musi ndaraba amashusho ari muri ako gatabu.”

Hari Icabona wo muri Afrika y’Epfo yanditse ati: “Sinari bwabone agatabu keza nk’aka ko gukoresha mu kubwira ukuri kwo muri Bibiliya Abashinwa. Naraganiriye n’abantu bize za kaminuza, abantu b’incabwenge cane, naraganiriye kandi n’abantu batazi gusoma neza, emwe abantu b’imice yose. Agatabu Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera karamfasha kubwira abantu ukuri kw’ishimikiro kwo muri Bibiliya mu mwanya mutoyi. Mu minuta 30 mba maze gushinga umushinge.”

Hari Ivyabona bo mu Budagi biga Bibiliya n’umugabo n’umugore wiwe bize amashure. Uwo mugabo yaratangajwe cane n’ako gatabu maze avuga ati: “Kubera iki utampaye kano gatabu hakiri kare? Karamfasha gutahura bitagoranye ibintu vyabaye bivugwa muri Bibiliya be n’amajambo avugwa muri yo.”

Hari umugore w’igipfamatwi wo muri Ostraliya yavuze ati: “Naramaze imyaka myinshi mbana n’ababikira mu kigo cabo. Nari ncuditse cane n’indogozi z’idini. Yamara nta n’umwe muri bo yambwiye ico ari co Ubwami bw’Imana. Amashusho ari muri aka gatabu yaramfashije gutahura ico ibivugwa muri Matayo 6:​10 bisobanura vy’ukuri.”

Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Kanada vyanditse biti: “Abantu benshi bo ng’aha bava muri Sierra Leone bamaze kubona agatabu Niwumvirize Imana ko mu rurimi rwitwa krio, baciye bavuga ko Ivyabona vya Yehova bariko vy’ukuri bihatira kubwira abandi ubutumwa bwo muri Bibiliya. Hari abavuze bati: ‘Mwebwe muritwararika abantu, magingo abantu benshi batitwararikana.’ ”