Amashusho afasha umusomyi kubona mu bwenge ivyo asoma
Ibitabu vyinshi vy’Ivyabona vya Yehova usanga birimwo amafoto y’amabara yunganira igisomwa, ariko ukwo si ko vyamye. Inomero ya mbere y’Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni yasohotse mu 1879, nta mafoto yarimwo. Mu myaka mirongo yakurikiye, ibitabu vyacu vyari ahanini bigizwe n’igisomwa, ugasanga rimwe na rimwe harimwo nk’ishusho imwe canke ifoto imwe y’ibara ryera n’iryirabura.
Muri iki gihe, vyinshi mu bitabu vyacu vyuzuyemwo amashusho. Abahinga dufise mu vy’ugucapa n’ugufotora baratunganya menshi mu mashusho n’amafoto dushira mu bitabu vyacu no kuri uyu muhora. Turagira ubushakashatsi bwitondewe kugira dutunganye amashusho yigisha ukuri guhambaye kwerekeye kahise na Bibiliya.
Fata nk’akarorero iyi shusho yerekanywe aha muri iki kiganiro, yakuwe mu kigabane ca 19 c’igitabu ‘Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana’. Yerekana ivy’i Korinto ha kera. Nk’uko bivugwa mu Vyakozwe ikigabane ca 18, intumwa Paulo yari imbere y’intebe y’imanza. Abashakashatsi bararonkeje umuhinga wacu mu vy’ugucapa amakuru ajanye n’ubucukuzi bw’ivya kera yerekana ingene ico kibanza gishobora kuba cari kimeze n’amabara cari gifise igihe Paulo yarenguka imbere ya Galiyo. Abashakashatsi kandi baratanze amakuru ajanye n’ukuntu Abaroma bo mu kinjana ca mbere bambara, ku buryo buramatari Galiyo yashushanijwe ari hagati kuri iyo shusho, yambaye inyambarabami, ni ukuvuga ikanzu itagira amaboko, umutamana ukikujweko agatambara gasa n’umutugutu be n’ibirato bita kaliceyi. Abashakashatsi baramenyesheje ko igihe Galiyo yaba ahagaze imbere y’intebe y’imanza, ashobora kuba yahagarara araba mu buraruko bushira uburengero. Ivyo rero vyarafashije nya muhinga mu vyo gucapa ku bijanye n’umuco wari uhari ingene washobora kuba ungana.
Uburyo bwiza bwo kuyabika
Turabika amafoto n’ubushakashatsi bwagizwe kugira bibaye ngombwa aze asubire gukoreshwa. Hari haciye imyaka myinshi tubika amafoto n’ibicapo mu mabahasha maninimanini. Buri bahasha yaba irimwo amafoto yakoreshejwe mu gitabu kinaka. Amafoto na yo yatondekwa hisunzwe iciyumviro yariko yerekezako. Uko ivyabikwa vyagenda birongerekana, ni ko gutora ifoto kugira isubire gukoreshwa caba igikorwa kitoroshe.
Mu 1991, kugira dutorere umuti iyo ngorane, twaratunganije porogarama yo muri orodinateri idufasha kubika no kurondera amafoto. Ubu irimwo amafoto arenga 440.000. Turetse amafoto amaze gusohorwa mu bitabu vyacu, hari n’ayandi mafoto ibihumbi yabitswe kugira aze akoreshwe mu bitabu bizosohorwa.
Ishusho imwimwe yose ibikwa iri kumwe n’amakuru ayerekeye, nk’igihe yakoreshejwe n’aho yakoreshejwe, amazina y’abashushanijwe be n’ikiringo ibiri kuri yo vyerekezako. Mu gihe haba hariko harategurwa ibitabu bishasha, birafasha cane igihe biba vyoroshe kurondera no kuronka amafoto akenewe.
Rimwe na rimwe, turasaba abakora ivy’ubudandaji uruhusha rwo gukoresha amafoto yabo igihe ari yo tuba dukeneye. Nk’akarorero, dufate ko mu kiganiro co muri Be maso! dukeneye ifoto yerekana umubumbe witwa Saturne. Tumaze kubona ifoto ibereye gukoreshwa, duca turondera ba nyeneyo kugira tubasabe uruhusha rwo kuyikoresha. Hari abaduha ubwo burenganzira ku buntu kubera ko bakenguruka igikorwa cacu co kwigisha Bibiliya kw’isi yose. Hari n’abandi badusaba amahera canke bakadusaba ko igihe tuyikoresheje twandika aho yavuye. Tumaze kwemeranya na bo, nya foto irashirwa mu gitabu ikongera ikabikwa.
Muri iki gihe, bimwebimwe mu bitabu vyacu bigizwe ahanini n’amafoto. Nk’akarorero, kuri uyu muhora urahasanga amashusho yigana inkuru za Bibiliya. Turafise kandi udutabu turimwo amashusho y’amabara, nk’agatabu Niwumvirize Imana kari no kuri uyu muhora, kano kakaba kigisha ivyigwa bihambaye mu majambo make. Ivyo bitabu, vyaba ivyacapuwe canke ibiri kuri uyu muhora, vyose birigisha Bibiliya.