Ja ku birimwo

Amafoto yongereza akanovera k’igisomwa

Amafoto yongereza akanovera k’igisomwa

Amafoto aryoheye ijisho yunganira ibivugwa mu bitabu vyacu afatwa gute? Kugira tubone ico bisaba, reka turabe ingene ifoto iri ku gipfukisho ca Be maso! yo muri Nyakanga 2015 yatunganijwe. *

  • Gushushanya. Bamaze gusoma ikiganiro kivuga ngo “Ingene ukwiye kubona amahera,” abahinga bo mu Rwego rujejwe ivyo gushushanya rukorera mu Kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova kiri i Patterson muri New York, baciye bashushanya amasanamu ahuye n’ibivugwa mu gisomwa. Baciye bayashikiriza Komite nshingwayandika y’Inama Nyobozi, na yo ica irahitamwo isanamu yokwisungwa mu gufata amafoto.

    Amwe mu masanamu y’igipfukisho yihwejwe na Komite nshingwayandika

  • Ikibanza. Aho kuja gufatira amafoto kw’ibanki nyezina, abajejwe gufotora bakoresheje kimwe mu bibanza bakiriramwo abantu mu Kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova. *

  • Abafotorwa. Abafotowe bose ni Ivyabona vya Yehova bigize nk’abakiriya bari mw’ibanki iri mu gisagara kirimwo abantu benshi. Amafoto y’abakoreshejwe aca abikwa kugira ntihagume hakoreshwa abantu bamwe mu bitabu vyacu.

  • Ibikoresho. Urwego rujejwe ivyo gushushanya rwararondeye amahera yo mu kindi gihugu kugira iyo banki ntiboneke ko ari iyo muri Amerika. Abajejwe gufotora bararondeye ibikoresho bituma ibiri kw’ifoto biboneka nk’ibintu bibaho koko. Umwe mu bafata amafoto yitwa Craig avuga ati: “Nta kantu na kamwe twirengagiza.”

  • Impuzu n’ugupodora. Kuri iyo foto yo kuri banki, abafotowe bari bambaye impuzu zabo bwite. Ariko rero, ku mafoto ajanye n’ibintu vyo muri kahise canke asaba umwambaro kanaka, Urwego rujejwe ivyo gushushanya ruragira ubushakashatsi maze rugakora izo mpuzu. Abajejwe gupodora abafotorwa barabasiga kugira bahuze n’ibiba biriko biravugwa. Craig avuga ati: “Kubera ubuhinga buhanitse bwo gufotora butuma n’utuntu dutoyi twibonekeza, dutegerezwa kwitondera akantu kose. Mbere n’agakosa gatoyi karashobora kwonona ifoto.”

  • Gufata amafoto. Abafotora baritwararitse ko umuco wakoreshejwe utuma haboneka ko hari ku murango. Kw’ifoto imwimwe yose, abafotora bategerezwa kuraba ko hari umuco ubereye (umuco w’izuba, umuco w’ukwezi canke uw’amatara), ko uhuye n’uwusanzwe uhari be n’uko ujanye n’ivyo bashaka guserura mw’ifoto. Craig avuga ati: “Aho bitandukaniye na videwo, ni uko ivyo dushaka guserura vyose bitegerezwa kuja kw’ifoto imwe; ni co gituma umuco uhambaye cane.”

  • Gutunganya amafoto. Mu nyuma, abatunganya amafoto barabaye nk’abashira igipfungu kuri ayo mahera kugira abasomyi bibande ku bantu bari kuri iyo foto aho kurondera kumenya igihugu ayo mahera aturukamwo. Naho urugi n’amadirisha vyari bisanzwe bitukura, abatunganya amafoto barahinduye iryo bara barigira iry’urwatsi rubisi kugira bijane n’ibara nyamukuru ry’ico kinyamakuru.

Uretse abafata amafoto b’i Patterson, hariho n’abandi bafata amafoto akoreshwa mu bitabu vyacu. Abo bari ku biro vy’amashami biri hirya no hino kw’isi nko muri Afrika y’Epfo, Brezile, Kanada, Koreya, Malawi, Megizike, Ostraliya, Ubudagi n’Ubuyapani. Buri kwezi, Urwego rujejwe ivyo gushushanya rw’i Patterson ruronka nk’amafoto 2.500 yiyongera ku yo rusanzwe rufise mu bubiko. Menshi muri yo arashirwa mu binyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Mu 2015 hasohotse amakopi y’ivyo binyamakuru arenga imiliyoni 115. Turaguhaye ikaze uzoze gutembera ku kigo cacu kiri i Patterson muri New York, canke ku bindi biro vy’ishami biri hirya no hino kw’isi kugira uronke ayandi makuru.

Icabona ariko arashikiriza umuntu ico kinyamakuru

^ ing. 2 Mu gutunganya igipfukisho, hafatwa amafoto menshi cane. Ariko rero, menshi muri yo aca ashirwa mu bubiko akazokoreshwa mu bindi bikorwa.

^ ing. 4 Igihe bikenewe ko ifoto ifatirwa mw’ibarabara, Urwego rujejwe ivyo gushushanya akenshi rubanza kubisabira uruhusha ku babijejwe, rugatomora igitigiri c’abantu bazokoreshwa, ibikoresho bizokenerwa n’ubwoko bw’umuco uzokoreshwa mu gufata iyo foto.