Ja ku birimwo

Ntikomeye ngo isigaze!

Ntikomeye ngo isigaze!

Bibiliya ni co gitabu Ivyabona vya Yehova babona ko gihambaye kuruta ibindi. Bama bayikoresha mu kwiyigisha no mu kwigisha abandi inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. (Matayo 24:14) Ukwo kuntu bayikoresha cane bituma Bibiliya zabo zinyaruka gusaza. Ku bw’ivyo, harakozwe ibishoboka vyose kugira ngo ya nteguro yo mu 2013 ya Bibiliya y’isi nshasha ibe iryoheye ijisho ariko kandi ntize ive ku musozi.

Hari hakenewe Bibiliya nshasha ikomeye nk’umuse. Abaserukira icapuriro ry’Ivyabona vya Yehova riri i Wallkill muri Amerika baciye rero batura ico kibazo umuyobozi w’ikompanyi imwe ikora ibipfukisho vy’ibitabu. Uno yababwiye ati: “Iyo Bibiliya mushaka ntibaho. Birababaje ariko ni ukuri, Bibiliya nyinshi zikorwa kugira ziboneke neza gusa, si kugira ngo zirambe cane.”

Mu turere dushushe cane, zimwezimwe mu nteguro za kera za Bibiliya y’isi nshasha wasanga zitamara na kabiri zitarashwanyagurika. Abakorera kw’icapuriro ry’i Wallkill baragize icigwa ku bikoresho n’ubuhinga bwo gufatanya no gupfuka ibitabu. Barondera ingene bokora Bibiliya itononekara yaba bivuye ku gukoreshwa cane canke bitumwe n’uko iri mu karere gakanye cane canke gashushe cane. Bafatiye ku vyavuye muri ico cigwa, baciye bakora Bibiliya maze baziha Ivyabona bo mu turere dushushe cane be n’udukanye cane kugira bapime ubukomezi bwazo.

Haciye amezi atandatu, baragarukanye izo Bibiliya kugira zisuzumwe. Bararyohoye ukuntu bari bazikoze maze batanga izindi. Zose hamwe zari Bibiliya 1.697, ariko nkeyi gusa ni zo zononekaye cane kubera amasanganya. Nk’akarorero, hari Bibiliya yibagiriwe hanze imara ijoro ryose iriko iranyagirwa, iyindi na yo aho yari hararengewe n’amazi y’umwuzure wari wateye. Ayo masanganya be n’ukwo gutanga izo Bibiliya kugira zipimwe vyatumye babona urugero zishikanako mu gukomera.

Mu 2011, magingo za Bibiliya zariko zirapimwa, haraguzwe imashini nshasha zifatanya impapuro buravyo kugira zikoreshwe mu macapuriro y’i Ebina mu Buyapani n’i Wallkill muri Amerika. Intumbero ntikwari gusa gucapura Bibiliya zari zikenewe ariko kandi kwari kugira ngo muri ivyo bibanza vyompi hacapurirwe Bibiliya zimeze kumwe.

Ibipfukisho vyitunatuna

Mu ntango z’umwaka wa 2012, ayo macapuriro abiri yaratanguye gucapura integuro yari ihasanzwe ya Bibiliya y’isi nshasha. Hacapuwe Bibiliya z’ibipfukisho vyirabura n’ibitukura. Ariko rero, igihimba c’indani c’igipfukisho be n’uburembo vyakoreshejwe n’izo mashini nshasha ntivyari vyarapimwe. Icavuyemwo ni uko ibipfukisho bamaze kuvyomeka kuri Bibiliya vyaciye vyitunatuna. Baragerageje gutorera umuti ico kibazo ariko bibata ku w’amazi, baca rero barahagarika gucapura izo Bibiliya.

Basanze iyo ngorane ikunze gushika ku bipfukisho vyoroshe kandi ko itoroshe gutorera umuti. Naho ari ukwo, ntibaciye bakora Bibiliya z’igipfukisho kigumye kubera ko bari biyemeje gukora Bibiliya z’igipfukisho coroshe kandi kitituna. Haciye amezi ane bapima basubira, bararonse uburembo n’igihimba c’indani c’igipfukisho kibereye kugira bakore Bibiliya z’igipfukisho coroshe kandi kitituna. Igikorwa co gucapura caciye gisubira gutangura.

Bongera guhagarika igikorwa co gucapura

Muri Nyakanga 2012, nya macapuriro yabwiwe ko yotanga Bibiliya zose zari zihari kandi ko yohagarika kuzicapura, akarindira kugira aze acapure ya nteguro isubiwemwo ya Bibiliya y’isi nshasha. Iyo Bibiliya yari gusohorwa ku wa 5 Gitugutu 2013 kw’ikoraniro rigirwa buri mwaka ritunganywa n’Ivyabona vya Yehova.

Ayo macapuriro yaronse igisomwa c’iyo Bibiliya ku wa gatanu itariki 9 Myandagaro 2013, bukeye bw’aho aca aratangura kuyicapura. Kw’itariki 15 z’ukwo kwezi ni ho Bibiliya isubiwemwo ya mbere yaheza gucapurwa. Mu mayinga indwi yakurikiye, abakorera mu macapuriro ari i Wallkill n’i Ebina barakoze ijoro n’umurango kugira bacapure bongere barungike Bibiliya zirenga 1.600.000. Izo ni zo zari zikenewe kugira umuntu wese yitavye rya koraniro aronke iyo Bibiliya.

Turetse ko iyo Bibiliya ica ibibatsi kandi ikaba itazova ku musozi, ubutumwa butanga ubuzima buri muri yo ni bwo buhambaye cane. Umukenyezi umwe wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika igihe yaronka iyo Bibiliya, yanditse ati: “Kubera naronse iyi nteguro nshasha, ndashobora kurushiriza gutahura ivyo nsoma muri Bibiliya.”