Ja ku birimwo

Ubu umuhora jw.org uri mu ndimi zirenga 300!

Ubu umuhora jw.org uri mu ndimi zirenga 300!

Ufyonze aho handitse ngo “URURIMI”, uca ubona urutonde rw’indimi zirenga 300. Ico ni ikintu utosanga ku yindi mihora!

Ni gute ivyo bituma uba uwutandukanye n’iyindi mihora izwi cane? Nk’akarorero: Muri Mukakaro 2013, umuhora w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU wari mu ndimi 6. Umuhora witwa Europa w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya (Union européene), uri mu ndimi 24. Google yakoresha indimi 71, Wikipedia na yo 287.

Bifata amasaha n’ayandi kugira umuhora uhindurwe mu ndimi zirenga 300. Igikorwa kinini kirangurwa n’Ivyabona vya Yehova amajana bo hirya no hino kw’isi bashaka gutuma Yehova aninahazwa. Batunganijwe mu migwi kuri buri rurimi, bagakoresha ubuhanga bafise kugira bahindure igisomwa kiri mu congereza.

Kuri jw.org hariko amakuru menshi yahinduwe mu ndimi zirenga 300. Igitigiri c’ibintu umuntu ashobora kwugurura kuri uwo muhora ni kinini cane, ni ibintu birenga 200.000!

Uretse ko ari umuhora uboneka cane, ni n’umuhora ukundwa na benshi. Ivyo bigaragarira mu rutonde rwagizwe n’ishirahamwe ryitwa Alexa ryiga ingene imihora ya Internet ikoreshwa kw’isi. Mu muce w’ivy’“Idini n’Imana” harimwo urutonde rw’imihora ishika 87.000, aho hakaba harimwo imihora y’amadini makurumakuru, iyitunganywa n’amadini be n’amashirahamwe y’ivy’idini. Kuri urwo rutonde rwagizwe muri Mukakaro 2013, umuhora jw.org wari uwa kabiri! Uwa mbere wari umuhora w’ivy’ubudandaji uriko impinduro zitandukanye za Bibiliya.

Muri Gitugutu 2013, incahagati y’abaja kuri jw.org buri musi, bari abantu barenga 890.000. Tuzobandanya kuronsa abantu ku buntu aho baba bari hose amakuru ngirakamaro ashingiye kuri Bibiliya.