Mu Budagi: Twa tuntu tw’amapine twarajanywe mu turere abantu bajamwo bari mu karuhuko
Mu bisagara bininibinini vyo hirya no hino kw’isi, abahita baramenyereye kubona utuntu tw’amapine turiko ibitabu bishingiye kuri Bibiliya bisohorwa n’Ivyabona vya Yehova. Nk’akarorero mu Budagi, Ivyabona barashira utwo tuntu tw’amapine i Berlin, Cologne, Hamburg, Munich no mu bindi bisagara birimwo uruja n’uruza rwinshi.
None utwo tuntu tw’amapine twoba twoshobora kuba ngirakamaro no mu bisagara bitobito Abadagi bajamwo mu karuhuko? Twokwakiriwe gute mu bisagara vyo mu buraruko Abadagi bajamwo mu karuhuko, mu bigwati biri ku nkengera no mu mazinga y’ikiyaga Baltique n’ay’ikiyaga co mu buraruko? Mu 2016, ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo mu Buraya bwo hagati vyaratunganije isekeza ridasanzwe kugira haboneke inyishu z’ivyo bibazo. Kuva muri Rusama gushika muri Gitugutu, Ivyabona nka 800 basanzwe bagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza ku mugaragaro baritanze barajana twa tuntu tw’amapine mu bibanza nka 60 vyo mu buraruko bw’Ubudagi. Bamwe muri bo bari bavuye kure cane nk’i Vienne muri Otrishe.
“Badufata nk’imvukira zaho”
Ivyo Vyabona bakiranywe igishika cinshi. Umwe muri bo avuga ati: “Abantu barashimishijwe. Bari abantu b’umutima mwiza, bashaka kumenya kandi bakunda kuganira.” Uwitwa Heidi, akaba yakoreye mu gisagara ca Plön, avuga ati: “Inyuma y’imisi mikeyi, abantu bari basigaye badufata nk’imvukira zaho. Abatuzi batubonye baca badupepera.” Umugabo umwe w’umuragi yababwiye mu rurimi rw’ibimenyetso ati: “Muri ahantu hose!” We na bagenziwe bari bavuye mu nama y’abaragi mu bumanuko bushira ubuseruko bw’Ubudagi, naho nyene bakaba bari babonyeyo Ivyabona vya Yehova.
Bamwebamwe mu bantu baho baranabafashije. Mw’izinga rya Wangerooge, hari umupolisi yegereye ivyo Vyabona maze abigiranye umutima mwiza arababwira ingene boshobora kuronka abantu benshi. I Waren an der Müritz, umukapitene w’ubwato butwara ababa baje kwisamaza yariko arereka abantu ibibanza vyizavyiza. Yaratunze urutoke akantu k’amapine kari ku kivuko maze avuga ati: “Harya na ho ni aho mushobora kwigira ivyerekeye Imana.” Benshi mu bari baje mu karuhuko baregereye utwo tuntu tw’amapine, barasoma ivyapa vyariko.
Zaba ingenzi canke abasangwa, bose barakunze utu dutabu dutatu:
Dieu se soucie-t-il vraiment de nous? (Imana yoba itubabaye vy’ukuri?) Ingenzi imwe yavuze iti: “Hari haheze igihe kirekire nibaza iki kibazo. Ubu ko ndi mu karuhuko, nza naronka umwanya wo gusoma ibijanye na co.”
Inkuru nziza iva ku Mana. Umutama umwe yabwiye ivyo Vyabona ko yari yaravunywe umutima n’amadini. Baramufashije gutahura ko ata muntu n’umwe yoshobora gutorera umuti ingorane zacu, ko Imana gusa ari yo yozitorera umuti. Uwo mutama yarakiriye ako gatabu kandi yabasezeraniye ko azogasoma.
Ivyigwa vyanje vya Bibiliya. Umugabo umwe yaremereye agakobwa kiwe gutora ako gatabu, kakaba ahanini kagenewe abana bakiri bato. Yaratoye n’Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya maze avuga ati: “Iki kizogirira akamaro umuryango wanje.”
Abantu baratoye ibitabu birenga 3.600. Bamwe barasavye Ivyabona ko bobagendera iwabo kugira babandanye kuganira.
Iryo sekeza ryararyoheye cane Ivyabona barigizemwo uruhara. Jörg n’umugore wiwe Marina bakoreye mu karere kari hafi y’ikiyaga Baltique. Bavuga bati: “Yari ingabire idasanzwe. Twarahimbarwa no kuraba ivyo Imana yaremye tukongera tukabwira abandi ibiyerekeye.” Lukas w’imyaka 17 avuga ati: “Narakunze cane iryo sekeza. Nariryohera ariko kandi ngaha n’abandi ikintu c’agaciro.”