Ja ku birimwo

Amafoto yo mu Bwongereza (Igice ca 3: Nyakanga 2016—Ruhuhuma 2017)

Amafoto yo mu Bwongereza (Igice ca 3: Nyakanga 2016—Ruhuhuma 2017)

Aya mafoto arerekana ingene igikorwa co kwubaka Ibiro vy’ishami bishasha vyo mu Bwongereza cagenze kuva muri Nyakanga 2016 gushika muri Ruhuhuma 2017.

Ku wa 13 Nyakanga 2016: Aho bazokwubaka

Imashini iriko irapakira ibivu mw’ibeni. Iryo vu rica rikoreshwa mu kuringaniza ahandi bazokwubaka kuri iyo shantiye.

Ku wa 15 Nyakanga 2016: Aho babika ibikoresho

Abafundi b’umuyagankuba bariko baraboha intsinga. Iyo nzu izokoreshwa nk’amabiro n’uburiro vy’imfatakibanza mu kiringo c’ubwubatsi, ikaba iri hafi y’ahazokwubakwa ibiro vy’ishami bishasha.

Ku wa 19 Nyakanga 2016: Aho bazokwubaka

Rond-point nshasha hamwe n’ibarabara rija aho bazokwubaka ibiro vy’ishami, ubirabiye hejuru. Ibubamfu bw’iyo rond-point bariko barategura aho bazotera amashurwe, aho bazokwimba iki bassin n’aho abashitsi n’abandi bantu bazoza barahagarara bariko baraharatira ijisho.

Ku wa 3 Munyonyo 2016: Aho bazokwubaka

Baramenagura ibihomvagurike vy’inyubakwa zari zihasanzwe bagaca babikoresha mu kwubaka amabarabara yo muri ico kibanza.

Ku wa 4 Munyonyo 2016: Aho bazokwubaka

Bariko barubaka amabarabara y’imfatakibanza n’ayazogumaho. Babanza gusasa ikintu gituma isi ikomera. Amaja iburyo, imashini iriko iratsindagira aho bazosasa ico kintu.

Ku wa 5 Munyonyo 2016: Inama yo kumenyesha aho ibikorwa bigeze

Abipfuza kwitanga bariko bararonswa amakuru muri imwe mu nama 18 komite y’ubwubatsi yatunganije mu Bwongereza no muri Irlande. Ivyabona barenga 15.000 ni bo bitavye izo nama kandi abatari bake muri bo baremeye gufasha muri ivyo bikorwa.

Ku wa 28 Munyonyo 2016: Aho bazokwubaka

Bariko barashira intabire iruhande y’igiti bahejeje gutera. Ico ni kimwe mu biti birenga 700 vyatewe muri ico kibanza. Iyo haguye imvura nyinshi, amazi aca atembera muri ico ki bassin, kigaca kiza kirarekura makemake, bigatuma hataba imyuzure.

Ku wa 5 Kigarama 2016: Aho bazokwubaka

Hiriwe igipfungu. Igikorwa co gukuraho ibivu kiraremvye kuko bariko barasozera gutaba ikibanza. Abakozi b’ikompanyi y’ubwubatsi bimvye ibivu bingana n’amatoni 160.000, ni ukuvuga nk’amabeni 10.000.

Ku wa 6 Kigarama 2016: Aho bazokwubaka

Bariko barategura ikibanza co guteramwo uduti dukikuza aho bazotera amashurwe arangwa muri ako karere. Muri ico kibanza no mu micungararo yaco bahateye ubwoko 11 bw’ibiti n’ubwoko 16 bw’amashurwe, vyose bikaba bisanzwe biba muri ako karere.

Ku wa 19 Kigarama 2016: Inyubakwa z’uburaro

Ibubamfu, ikimashini kiriko kirimba ahazoja inkingi z’umushinge. Kibanza kwimba ikinogo kirekire gikoresheje uwo mutwero, kigaca kirungikayo ibeto. Nk’uko biboneka kw’ifoto iri hagati, baca bashingamwo amaferabeto. Baramaze kwimba ibinogo nk’ivyo birenga 360 bizojamwo inkingi z’imishinge y’inyubakwa z’uburaro.

Ku wa 29 Kigarama 2016: Aho bazokwubaka

Umufundi w’amazi ariko arateranya amatiyo azocamwo amazi aja ahari amabiro y’imfatakibanza, hakaba hari hazindutse imbeho y’igikonyozi.

Ku wa 16 Nzero 2017: Aho bazokwubaka

Ikimashini kiriko kirakura ibicafu vyarundanye mu ki bassin kiri muri ico kibanza. Vyinshi muri ivyo bi bassin vyategerezwa gusubirwamwo kubera vyasa nabi cane. Gukomeza inkengera zavyo bizotuma zidasiduka vyongere bitume hataba imyuzure. Imbere y’uko ivyo bikorwa bitangura, babanje kwimurira mu kindi ki bassin ifi zirenga 2.500 zarimwo.

Ku wa 17 Nzero 2017: Inyubakwa z’uburaro

Mu buseruko bw’ikibanza bazokwubakamwo, ukiravye uri hejuru. Aha imbere, bariko barategura ahazoja umushinge w’inyubakwa zibiri z’uburaro. Amaja iburyo, imitwe y’inkingi z’umushinge iracaboneka. Ibubamfu na ho baramaze kuhabetona. Amaja hagati, ya mashini irabandanya kwimba ibindi binogo.

Ku wa 23 Nzero 2017: Aho babika ibikoresho

Uwuriko arazibira intoboro ziri ku bishimaryango vy’aho abashitsi bashikira, imbere yo kuhasiga irangi. Abashitsi bazoshobora kubona amafoto yerekeye iyo shantiye no kuraba ingene ubwubatsi buriko buragenda bari ahantu hakirurutse.

Ku wa 14 Ruhuhuma 2017: Inyubakwa z’uburaro

Bariko barateranya icuma gifasha ijeke kuzunguruka. Iyo jeke ireha n’imetero 40, ikaba ishobora guterura ibintu bipima amatoni 16.

Ku wa 15 Ruhuhuma 2017: Inyubakwa z’uburaro

Bariko bararinganiza za nkingi bazishira ku burebure bakeneye. Ivyo vyuma bishinze ni vyo bazokwungikanya n’ibindi nihagera ko baduza inkingi.

Ku wa 17 Ruhuhuma 2017: Aho bazokwubaka

Bariko baramanika kimwe mu vyapa bibiri vya JW.ORG ku bihome vy’amabuye biri ku bwinjiriro bw’irembo rikuru.

Ku wa 17 Ruhuhuma 2017: Aho bazokwubaka

Ya rond-point iri kw’ibarabara rica imbere y’irembo rikuru imaze kurangira. Hirya amaja ibubamfu hari vya vyapa bishasha vya JW.ORG biri kw’irembo ry’ibiro vy’ishami. Ico ki bassin hamwe n’iyo jardin nivyamara kurangira, bizotuma aho hantu haba heza cane.

Ku wa 24 Ruhuhuma 2017: Inyubakwa z’uburaro

Icuma gitambitse c’iyo jeke kireha n’imetero 65. Kizungurutse kiba gihetuye ikibanza kizokwubakwamwo zine mu nyubakwa zitanu z’uburaro. Aha imbere, abakozi b’ikompanyi y’ubwubatsi bariko barasuka ibeto ahazoja parkingi yo mu kuzimu y’imwe mu nyubakwa z’uburaro. Baramaze gushinga ivyuma bazokoresha mu kwubaka inkingi n’ibihome.