Amafoto yo mu Bwongereza (Igice ca 1: Nzero—Myandagaro 2015)
Ivyabona vya Yehova bo mu Bwongereza bariko barubaka ahazokwimukira ibiro vyabo. Vyahora i Mill Hill muri Londres, bikaba bizokwimukira mu Buseruko nko ku bilometero 70, hafi y’igisagara ca Chelmsford i Essex. Kuva muri Nzero gushika muri Myandagaro 2015, bariko barategura aho abazokwubaka ivyo biro bazoba.
Ku wa 23 Nzero 2015: Aho bazokwubaka
Babiherewe uruhusha n’abategetsi, bariciye ibiti biri mu kibanza bazokwubakamwo. Baritwararitse ko barangiza ico gikorwa imbere y’uko inyoni zitangura kwarika. Imbaho ziva muri ivyo biti barazibika kugira bazozikoreshe mu bwubatsi, ibivunji na vyo bakabisanza mu tuyira.
Ku wa 30 Nzero 2015: Aho abubatsi bazofungurira
Umufundi w’umuyagankuba ariko arashira amaprize bazocomekamwo amateleviziyo mu nzu yahoze ari agahoteli bahinduyemwo igikoni n’uburiro. Ayo mateleviziyo azotuma abubatsi bashobora gukurikirana porogarama y’ugusenga kwo mu gitondo n’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi y’umuryango wa Beteli.
Ku wa 23 Ruhuhuma 2015: Aho bazokwubaka
Bariko barazitira ikibanza bazokwubakamwo. Kubera ko ari mw’ishamba, baritwararitse ko ubwo bwubatsi butobangamira ubuzima bw’ibikoko biri muri iryo shamba. Nk’akarorero, amaja musi y’uruzitiro barasize umwanya ungana na santimetero 20 kugira ngo imisakanyika ntibure aho ica.
Ku wa 23 Ruhuhuma 2015: Aho bazokwubaka
Bariko barakora ibarabara ry’imfatakibanza riva aho abubatsi baba rija aho bazokwubaka.
Ku wa 5 Ntwarante 2015: Aho bazokwubaka
Rya barabara riva aho abubatsi bazoba, uriravye uri mu Buseruko. Uravye hejuru i buryo, iryo barabara rishika aho bazokwubaka. Izo nzu ziri hasi i bubamfu ziriko zirasubirwamwo kugira zizobemwo abubatsi. Muri ico kibanza kiri iruhande y’izo nzu, hazokwubakwa izindi nyubakwa z’uburaro.
Ku wa 20 Ndamukiza 2015: Aho abubatsi baba
Uwo mu Nama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova n’uwaserukiye icicaro gikuru bari baje kugendera abubatsi. Mu mpera z’iyo ndwi harabaye ikoraniro ridasanzwe ryakurikiranywe n’abari ku Ngoro z’Ubwami zo mu Bwongereza no muri Irlande. Kuri iryo koraniro, baratangaje ko Inama mpanuzwajambo y’igisagara ca Chelmsford yari yaraye itanze icemezo ca mbere c’uko ibikorwa vy’ubwubatsi bibandanya.
Ku wa 13 Rusama 2015: Aho babika ibikoresho
Bariko barashiraho ibintu bikingira imizi y’ibiti bibiri. Iryo barabara rihuza ico kibanza n’aho bazokwubaka. Ivyo bintu bariko barashiraho ni ibizotuma imizi y’ivyo biti itononwa n’ibiduga bininibinini bizohaca.
Ku wa 21 Rusama 2015: Aho abubatsi baba
Abariko barimba ahazokwubakwa inzu z’imfatakibanza zizobamwo abubatsi. Izo tubona aho kw’ifoto ni izimaze kwubakwa. Bazohubaka inzu 50.
Ku wa 16 Ruheshi 2015: Aho abubatsi baba
Uwuriko arashira imiringoti y’amazi muri izo nzu z’imfatakibanza.
Ku wa 16 Ruheshi 2015: Aho abubatsi baba
Za nzu z’imfatakibanza uzirabiye mu Buseruko. Aho imbere na ho ni ahariko harategurwa hazokwubakwa ayandi mazu. Izo nyubakwa ziri ibubamfu ni izo bakoreramwo ibikorwa bitandukanye. Zirimwo n’uburiro bw’abubatsi. Ibiro vy’ishami bizokwubakwa hariya inyuma.
Ku wa 16 Ruheshi 2015: Aho abubatsi baba
Umufundi ariko arunga intsinga za internet. Kuva ubwubatsi bugitangura hari hakenewe ama orodinateri na internet kugira ngo ibikorwa vyose vy’ubwubatsi bitunganywe neza, kugira abubatsi baze barahanahana amakuru n’ibindi biro vy’amashami no kugira baze bararonka ubuyobozi buvuye ku cicaro gikuru.
Ku wa 6 Mukakaro 2015: Aho bazokwubaka
Umuhinga ariko arapima agataka mu binogo bimvye. Ivyo binogo birafasha abacukuzi b’ivya kahise gusuzuma aho hantu imbere y’uko bahubaka. Naho Abaroma bigeze kuba mu micungararo ya Chelmsford, nta kintu c’agaciro na kimwe cubuwe mu binogo 107 bamaze kwimba aho hantu.
Ku wa 6 Mukakaro 2015: Aho babika ibikoresho
Ariko araringaniza igishimaryango. Zimwe mu nyubakwa z’aho babika ibikoresho bariko barazisubiramwo bakazigira izo gukoreramwo ibikorwa bitandukanye. Hazoba hari n’amabiro y’imfatakibanza.
Ku wa 6 Mukakaro 2015: Aho babika ibikoresho
Ariko ashira ivu mw’ikamyo ryo kuja gufurira aho bimvye.
Ku wa 7 Mukakaro 2015: Aho bazokwubaka
Akarere ko hagati mu gihugu mu Bwongereza urabiye mu Bumanuko bw’aho bazokwubaka. Ico kibanza bazokwubakamwo kingana n’amahegitari 34. Ibarabara riri hafi y’aho (ntiriboneka kw’ifoto) rishikana ku bivuko, ku bibuga vy’indege n’i Londres ku murwa mukuru.
Ku wa 23 Mukakaro 2015: Aho bazokwubaka
Abakozi bariko barasambura amazu yari asanzwe ari mu kibanza bazokwubakamwo ibiro vy’ishami bishasha.
Ku wa 20 Myandagaro 2015: Aho babika ibikoresho
Ijeke ishize mu kibanza bene za nzu bateraniriza hasi. Aho imbere ni aho izindi nzu zizoterekwa. Izo nzu ni zo zizoba zirimwo amabiro y’abazoba bahagarikiye ubwubatsi.