Ja ku birimwo

Barakingira ibinyabuzima i Chelmsford

Barakingira ibinyabuzima i Chelmsford

Mu Bwongereza, Ivyabona vya Yehova baratanguye kwubaka ibiro vyabo vy’ishami bishasha hafi y’igisagara c’i Chelmsford mu ntara ya Essex. Ako gace kabereye ijisho, karimwo ibinyabuzima vy’ubwoko bwinshi bikingirwa mu Bwongereza n’itegeko ryo mu 1981 rikingira ibidukikije. None Ivyabona vya Yehova bariko bakora iki kugira bubahirize iryo tegeko maze bakingire ivyo binyabuzima mu gihe c’ubwo bwubatsi?

Bariko barubakira akararo twa tubeba two mw’ishamba

Ivyabona vya Yehova barakoresheje utubaho twasagutse, bubakira utuzu utubeba two mw’ishamba kugira batume tuguma kure y’aho bariko barakorera. Barakoze n’akararo gaca hejuru y’ibarabara rishasha rishikana kuri iyo shantiye, kugira utwo tubeba dushobore kuza turatembera tuva kuri uru ruhande tuja ku rundi. Ivyabona kandi barubahiriza umugambi wo kubungabunga udushamba utwo tubeba tubamwo, kugira utwo tubeba ntiduhone. Mu kiringo co mu rushana aho dusinzira cane, baza baratuturira uruhande uru canke ruriya rw’utwo dushamba. Ivyo bituma badakoma utwo tubeba, bagakingira aho tuba kandi tukama twaronse ico turya.

Ariko amanika akazu k’utubeba

Ivyabona kandi barakingira inzoka, n’imiserebanyi y’ubwoko butandukanye. Abahinga mu vy’ibidukikije bari babanje kwegeraniriza utwo dukoko munsi y’amategura maze batwimurira ahantu hatekanye kure y’ishantiye. Muri ico kibanza gishasha turafise ahantu twinyegeza mu gihe c’urushana, hakaba n’uruzitiro rudasanzwe rutuma tutaza kw’ishantiye. Ivyabona bama basuzuma kuri urwo ruzitiro kugira barabe ko tutarurenga tugahava tumererwa nabi.

Akabeba ko mw’ishamba

Kugira ntibahungabanye uduhungarema mw’ijoro, amatara bayakoreye ibintu bituma umuco udasanzara cane. Ayo matara yaka gusa igihe hari imodoka ije, ivyo bigatuma uduhungarema twigumira mu mwiza. Kubera ko kenshi turondera ivyo turya mw’ijoro mu dushamba turi hafi y’ishantiye, udushamba twinshi tuzogumaho mbere batere n’utundi ku buringanire bw’ibilometero birenga bibiri n’inusu. Kubera ko vyari ngombwa ko ibiti bimwebimwe bicibwa aho kw’ishantiye, abahakorera baciye bakora udusandugu twotuma utwo duhungarema turonka aho twibera.

Ariko amanika akazu k’uduhungarema

Ivyabona barakingira ibiti bitari bike vy’agaciro bita ibiti vy’ibikambwe mu gukorera kure y’ahari imizi yavyo. Ivyo biti usanga bibamwo ubwoko bwinshi bw’uduhungarema, inyoni n’utundi dukoko. Muri ubwo buryo bwose, Ivyabona biyemeje kubandanya bakingira ibidukikije i Chelmsford.