Ja ku birimwo

Dukubitire i Wallkill (Igice ca 1: Mukakaro 2013—Gitugutu 2014)

Dukubitire i Wallkill (Igice ca 1: Mukakaro 2013—Gitugutu 2014)

Ivyabona vya Yehova bariko barâgura bongera basanura inyubakwa zabo ziri i Wallkill muri New York. Aya mafoto arerekana ibikorwa bimwebimwe vyaranguwe kuva muri Mukakaro 2013 gushika muri Gitugutu 2014. Vyitezwe ko ibikorwa bizorangira muri Munyonyo 2015.

Inyubakwa z’i Wallkill uziravye uri mu kirere (ku wa 21 Gitugutu 2013.)

  1. Inzu irimwo imashini yo gusya (iyo mashini yakuweho muri Nzero 2014)

  2. Iyindi nzu y’imesuriro

  3. Uburiro

  4. Inzu y’uburaro ya E

  5. Inyubakwa ikoreramwo urwego rujejwe igikorwa co kwamamaza

  6. Icapuriro

  7. Shawangunk Kill (akuzi)

12 Mukakaro 2013: Iyindi nzu y’imesuriro

Imashini iriko iraterura ibihome vyo hanze ibishira mu kibanza cavyo. Vyakorewe aho nyene kuri shantiye.

19 Mukakaro 2013: Inzu y’uburaro ya E

Abakozi bariko barashira ikintu kimeze nk’ibati ahantu bateguye kw’idari. Ibibati bakoresheje kugira ngo bakingire iyo nzu nyamugigima vyose hamwe vyareha n’ibilometero 7 n’imetero 600.

5 Myandagaro 2013: Inzu y’uburaro ya E

Bariko barasanura uruhome rwo hanze.

30 Myandagaro 2013: Iyindi nzu y’imesuriro

Bariko barashinga ivyuma mu kibanza gishasha kizobikwamwo ibikoresho vyo kubungabunga amamashini.

17 Nyakanga 2013: Inzu y’uburaro ya E

Umufundi ariko araringaniza ihema rizojako ibisakazo.

15 Gitugutu 2013: Inzu y’uburaro ya E

Abakozi bariko bararondera aho ca kibati coba kitafashe neza. Bahabonye baca bongerako ikindi.

15 Munyonyo 2013: Iyindi nzu y’imesuriro

Mu bikorwa bakora ku gisenge, harimwo gushiraho icuma gishasha gisohora umwuka.

9 Kigarama 2013: Inzu y’uburaro ya E

Bariko barashira uburembo mu migaga iri kw’idari. Igikorwa co gukingira iyo nzu nyamugigima camaze nk’umwaka n’igice.

11 Kigarama 2013: Iyindi nzu y’imesuriro

Umufundi ariko arategura inzira nshasha y’amazi mabi.

10 Nzero 2014: Inzu irimwo imashini yo gusya

Iyo mashini iduza intete bariko barakuraho yakoreshejwe kuva mu myaka ya 1960 gushika nko mu 2008. Yaretse gukoreshwa igihe i Wallkill bahagarika kworora inkoko n’ingurube be no guhingura ibintu biva mu mata.

22 Nzero 2014: Inyubakwa ikoreramwo urwego rujejwe igikorwa co kwamamaza

Bariko barakuraho intebe kugira basubiremwo neza ico kibanza.

29 Nzero 2014: Inzu irimwo imashini yo gusya

Ivyo bigega vyahora bibikwamwo indya z’ibitungwa.

3 Ntwarante 2014: Icapuriro

Bariko barategura inzu nshasha izohora yigishirizwamwo ivy’ubuhinga.

4 Mukakaro 2014: Inyubakwa ikoreramwo urwego rujejwe igikorwa co kwamamaza

Umufundi ariko arasudira inkingi.

19 Nyakanga 2014: Uburiro (Inzu y’uburaro ya E)

Bariko barasasa itapi ahantu abubatsi bahora bafungurira.

22 Nyakanga 2014: Inzu y’uburaro ya E

Igikorwa co kunōra impome mw’igorofa ya mbere.

24 Nyakanga 2014: Inyubakwa ikoreramwo urwego rujejwe igikorwa co kwamamaza

Bariko barakomeza ahazoja icuma gishasha kiduza abantu mw’igorofa.

2 Gitugutu 2014: Uburiro (Inzu y’uburaro ya E)

Icumba c’uburiro caraguwe ku buryo kijamwo abantu 1.980.

22 Gitugutu 2014: Inyubakwa ikoreramwo urwego rujejwe igikorwa co kwamamaza

Bariko barimba kugira bagure umushinge w’iyo nkingi yari ihasanzwe. Ivyo bizotuma iyo nyubakwa irushiriza kurinda nyamugigima.