Ja ku birimwo

Gukorera Yehova mu bihe bigoye muri Venezuwela

Gukorera Yehova mu bihe bigoye muri Venezuwela

 Mu myaka iheze, muri Venezuwela ingorane mu vy’ubutunzi no mu kibano zararushirije kwiyongera kuruta ikindi gihe cose. Icabona umwe yitwa Edgar yavuze ati: “Mu myaka mikeyi gusa, amahera yarataye agaciro, ibintu birazimba ku buryo twabona umengo twimukiye mu kindi gihugu tutarinze kuva aho turi.”

 Ni igiki cafashije Edgar kumenyera ubwo buzima? Avuga ati: “Jewe n’umugore wanje Carmen twarazirikanye akarorero k’abamisiyonari bimukira mu bihugu bikenye be n’ingene biga kubaho ata vyinshi bafise. Ivyo vyaratumye tworosha ubuzima twongera turagerageza ibindi bintu, nko kwirimira imfungurwa zacu.”

Carmen na Edgar

 Ariko Edgar na Carmen barakoze n’ibindi. Barahumurije abo basangiye ukwemera harimwo n’abadendebukiwe. (1 Abatesalonika 5:11) Edgar Avuga ati: “Uretse kubahumuriza, twaragerageje kubaremesha ngo bafashe abandi bari mu nkenero kugira bironkere umunezero.”​—Ivyakozwe 20:35.

Utwigoro two kubwira abandi inkuru nziza turavamwo ivyiza

 Igihe ikiza ca Korona catera, Argenis yafashe ingingo yo kubwira inkuru nziza abo mu muryango wiwe. Bamwe muri bo baremeye kwiga Bibiliya bakoresheje telefone.

Argenis

 Vyongeye, Argenis yaripfuje ko abo mu muryango wiwe badashobora kuronka internet bokwungukira kw’ihwaniro ry’akarere ryo mu 2020. Icabona wo mu gisagara kibanyi yarabahaye iyo programa yafashwe amajwi. Rero izo ncuti ziwe zaciye zitira televiziyo n’ibiduza amajwi. Argenis yarabaterefonye imbere y’uko programa itangura kugira asenge bari kumwe. Kubera utwo twigoro Argenis yagize, 4 mu ncuti ziwe n’abandi 15 barashoboye kurikurikirana.

Ukwizera n’urukundo bituma bafasha abandi

 Umugabo yitwa Jairo n’umugore wiwe yitwa Johana ni bo bonyene bafise imodoka mw’ishengero ryabo. Rero, barakoresha iyo modoka kugira bafashe abandi. Ingorane imwe ibashikira n’uko bigoye cane kuronka igitoro muri Venezuwela. Jairo avuga ati: “Tumara amasaha menshi dutondeye igitoro, hari n’igihe tumara ijoro ryose dutonze.”

Johana na Jairo

 Jairo abona ko gukoresha imodoka yabo kugira bafashe abandi bihambaye. Avuga ati: “Iyo dushiriye abavukanyi ivyo bakenera, biraduhimbara kubona bakengurukira Yehova, we aha abasavyi biwe ivyo bakeneye vyose, aho kudukengurukira.”​—2 Abakorinto 9:11, 14.

Uwo ari we wese arashobora gufasha

 Mushiki wacu umwe afise imyaka 28 yitwa Norianni, yabona ko akiri muto cane ku buryo ataco yofasha abandi. Ariko yahavuye asoma 1 Timoteyo 4:12, ahavuga hati: “Ntihagire umuntu n’umwe yigera agaya ubuto bwawe. Ahubwo, nubere akarorero abizigirwa.”

Norianni

 Ico canditswe caratumye Norianni amara umwanya ari kumwe n’abitereye mu myaka bo mw’ishengero, akabafasha kwamamaza mu kwandika amakete akongera akayobora inyigisho ziwe bari kumwe. Vyongeye, yarabaterefona akongera akabarungikira amamesaje aremesha. Norianni avuga ati: “Yehova yaranyeretse ko nshoboye gukora vyinshi.”

 Abavukanyi na bashiki bacu bo muri Venezuwela bariko barashikirwa n’ingorane nyinshi muri ibi bihe bigoye. Naho ari ukwo, bagumana umwete mu gikorwa co kwamamaza kandi barabera abandi “imfashanyo ikomeza.”​—Abakolosayi 4:11; 2 Timoteyo 4:2.