Ja ku birimwo

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA

“Nariko ndiyimbira icobo”

“Nariko ndiyimbira icobo”
  • Yavutse mu 1978

  • Igihugu akomokamwo: El Salvador

  • Kahise: Yari mu kagwi k’inkozi z’ikibir

KAHISE KANJE

 “Nimba ushaka kumenya Imana vy’ukuri, nugume wiga n’Ivyabona vya Yehova.” Ayo majambo yarantangaje. Nari maze igihe gito niga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Ariko kugira mutahure igituma ayo majambo yantangaje, reka ndabacire ku mayange kahise kanje.

 Navukiye mu gisagara ca Quezaltepeque muri El Salvador. Nagira 6 mu bana 15. Abavyeyi banje baragerageje kunyigisha kuba umuntu w’intungane no kwubaha amategeko. N’ikindi kandi, Icabona yitwa Leonardo hamwe n’ibindi Vyabona bama baza kutwigisha Bibiliya. Ariko narateye akagere ivyo banyigisha, kandi ubuzima bwanje bwarangwa no gufata ingingo mbi. Mfise imyaka 14, naratanguye kunywa inzoga n’ibiyayuramutwe ndi kumwe n’abagenzi bo kw’ishure. Bose bagiye baraheba ishure bagaca baja mu kagwi k’inkozi z’ikibi, kandi na je nahavuye ndabakurikira. Twirirwa mw’ibarabara, dusaba abantu amahera twongera twiba kugira turonke ayo tujana mu nzoga no mu rumogi.

 Ako kagwi kahavuye kaba wo muryango wanje. Numva ntogahemukira. Nk’akarorero, umusi umwe hari umuhungu twari kumwe muri ako kagwi yari yanyoye urumogi ruramushika. Yarakubise umubanyi wacu. Igihe bariko bararwana, uwo mubanyi yaramufashe aramudunuza aca arahamagara abapolisi. Nararunguye n’ishavu, nca ntangura kumenagura imodoka yiwe nkoresheje ubuhiri kugira ndabe ko yomurekura. Uwo mubanyi yaranyinginze ngo ndeke umuduga wiwe mugabo ndanka. Nagumye ndawumenagura mva ku kiyo kimwe nja ku kindi, nduhuka wose ndawujanjaguye.

 Mfise imyaka 18, ka kagwi kacu karatanye mu mitwe n’abapolisi. Ngira ndabatere ibombe twari twarakoze, yaciye inturikira mu maboko. Sinokubwira ingene vyagenze. Ico nibuka gusa ni uko nabonye ukuboko kwashwanyaguritse, nca ndata ubwenge. Nasubiye gutora ubwenge ndi mu bitaro. Nasanze ukuboko kw’iburyo kwacitse, ugutwi kw’iburyo kutacumva, n’ijisho ry’iburyo nsanga ryahatswe guhuma.

 Naho nari nakomeretse, napfuye kuva mu bitaro nca nsubira muri ka kagwi. Budakeye na kabiri, abapolisi baramfashe baca banta mw’ibohero. Ka kagwi kacu kaciye gakomera nya gukomera. Twamara umusi wose dukorera ibintu hamwe, kuva mu gitondo tunyoye icayi tugaca tudomeka umusogoto wa mbere w’urumogi, gushika tugiye kuryama.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE

 Igihe nari mw’ibohero, Leonardo yaraje kundaba. Turiko turaganira, yaratunze urutoke tatuwaje yari ku kuboko kwanje kw’ukuryo, aca ambaza ati: “Urazi ico utwo tuburungu dutatu dusobanura?” Nanje nti: “Ndabizi nyene. Dusobanura gusambana, kunywa urumogi no gutamba umuziki wa rock.” Ariko Leonardo yaciye ambwira ati: “Je novuga ko dusobanura ibitaro, ibohero n’urupfu. Wahora mu bitaro, ubu na ho uri mw’ibohero. Ikizokurikira urakizi.”

 Ivyo Leonardo yambwiye vyarankanguye. Yariko avuga ukuri. Nariko ndiyimbira icobo. Leonardo yaransavye ko twokwiga Bibiliya, nca ndemera. Ivyo nize muri Bibiliya vyaratumye mpindura ubuzima bwanje. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga ko “kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.” (1 Abakorinto 15:33) Ikintu ca mbere rero nabwirijwe gukora kwabaye ukurondera abandi bagenzi. Naciye mpeba kuja mu manama ya ka kagwi, nca ntangura kwitaba amakoraniro Ivyabona vya Yehova bagirira aho mw’ibohero. Muri ayo makoraniro narahahuriye n’umunyororo yitwa Andrés yari yabatirijwe aho mw’ibohero. Yarantumiye ngo dusangire akayi. Kuva ico gihe, sinasubiye kuzindukira ku rumogi, ahubwo twe na Andrés twazinduka turasuzumira hamwe icanditswe co muri Bibiliya.

 Abo twari kumwe muri ka kagwi ntibatevye kubona ko nariko ndahinduka. Umwe mu bakuru bako yaciye ambwira ko yipfuza yuko tuganira. Naragize ubwoba. Sinari nzi ico yari kungira yumvise umugambi nari mfise, kuko bigoye cane kuva mu kagwi mwene ako. Yambwiye ati: “Twarabonye ko utakiza mu manama yacu. Usigaye wigira mu makoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Ufise intumbero iyihe?” Naramubwiye ko nipfuza kubandanya kwiga Bibiliya no guhinduka. Naraguye mu gahundwe ambwiye ko bazonyubahiriza ninerekana ko nshaka kuba Icabona ca Yehova vy’ukuri. Yaciye yongerako ati: “Nimba ushaka kumenya Imana vy’ukuri, nugume wiga n’Ivyabona vya Yehova. Twizigiye ko uzoca uheba gukora ibintu bibi. Ndagukeje. Uri mu nzira nziza. Ivyabona barashobora kugufasha vy’ukuri. Baranyigishije Bibiliya igihe nari muri Amerika, kandi bamwe mu ncuti zanje ni Ivyabona. Ntugire ubwoba. Nubandanye.” Naho nari ngifise akoba, naranezerewe cane. Narashimiye Yehova mu mutima. Wamenga ni imbeba ivuye mu kamashu. Naratahuye amajambo ya Yezu agira ati: “Muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.”​—Yohani 8:32.

 Ariko rero, bamwe mu bo twahoranye muri ka kagwi barangerageza mu kumpa urumogi. Sinohakana ko vyashika nkemera kurunywa. Ariko bukebuke, ndabifashijwemwo n’amasengesho menshi natuye, nahavuye ntsinda ingeso mbi nahozemwo.​—Zaburi 51:10, 11.

 Maze kuva mw’ibohero, benshi biyumvira ko nzoca nsubira mu ngeso nahoramwo, ariko si ko vyagenze. Ahubwo kenshi nasubira kw’ibohero ngiye kubwira abandi banyororo ivyo nari narize muri Bibiliya. Ba bagenzi banje ba kera bahavuye bajijuka ko nahindutse. Ariko ikibabaje, abahora ari abansi banje bobo ntibavyemeye.

 Umusi umwe turi mu ndimiro, twagiye tubona dukikujwe n’abanywanyi b’akagwi twahoze tudacana uwaka. Bari bafise ibirwanisho kandi bagomba kunyica. Umuvukanyi twari kumwe yarabasiguriye abigiranye icubahiro ariko ashikamye ko ntakiri muri ka kagwi. Muri ico gihe cose, nagumye ntekanye. Bamaze kunkubita no kunyihaniza ngo sinzogaruke muri ako karere, baciye bamanura ibirwanisho vyabo maze baratureka turagenda. Bibiliya yari yarampinduye vy’ukuri. Iyo haba kera, twaca twihuriza ubwayi. Ariko ubu ndakurikiza impanuro iri mu 1 Abatesalonika 5:15 igira iti: “Murabe ntihagire uwishura uwundi ikibi ku kindi, ahubwo mwame mukurikirana iciza ku bijanye na bagenzi banyu no ku bandi bose.”

 Kuva mbaye Icabona ca Yehova, nagumye nihatira kuba intungane. Ntivyamye vyoroshe. Mugabo ndabifashijwemwo na Yehova hamwe n’impanuro zo muri Bibiliya be n’abagenzi banje bashasha, naratsinze urwo rugamba. Sinipfuza gusubira mu vyo nahozemwo.​—2 Petero 2:22.

IVYIZA NAHAKUYE

 Nari umuntu w’inkazi kandi akaza ishavu. Ndazi neza ko ntaba nkiriho iyo mbandanya inzira narimwo. Ivyo nize muri Bibiliya vyarampinduye. Narahevye ingeso mbi nari mfise. Narize kubana amahoro n’abahoze ari abansi banje. (Luka 6:27) Ubu ndifitiye abagenzi beza bamfasha gutsimbataza ingeso nziza. (Imigani 13:20) Mfise ubuzima buhimbaye kandi buri n’intumbero, nkaba nkorera ya Mana yamparira ibibi vyose nakoze.​—Yesaya 1:18.

 Mu 2006, naritavye ishure rimenyereza abakirisu batubatse. Inyuma y’imyaka nk’ingahe narubatse urwanje, kandi twe n’umukenyezi wanje nikundira turiko turafashanya kurera agakobwa kacu. Ubu umwanya munini ndawumara ndiko ndigisha abandi za mpanuro nyene zo muri Bibiliya zamfasha guhinduka. Ndi umukurambere mw’ishengero, kandi ndagerageza gufasha abakiri bato ngo birinde amakosa nakoze nkingana na bo. Aho kwiyimbira icobo, ubu ndiko nditegekaniriza kazoza k’ibihe bidahera Imana yasezeranye muri Bibiliya.