BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA
«Sinkiri inkozi y’ikibi»
Yavutse mu 1956
Igihugu akomokamwo: Kanada
Kahise: Yari yarihebuye, akaba yari umusambanyi n’inkozi y’ikibi
KAHISE KANJE
Navukiye mu gisagara ca Calgary, i Alberta muri Kanada. Abavyeyi banje bahukanye nkiri umwana, hanyuma je na mawe duca tuja kubana na sokuru na nyokuru. Sokuru na nyokuru baradukunda twe na mawe, kandi ico gihe nari umwana ahimbawe cane. Ndacibuka ibiringo vyiza nagize muri iyo myaka y’ubwana.
Mfise imyaka indwi, ubuzima bwanje bwarahindutse buba bubi igihe mawe yasubira kubana na dawe, duca twimukira i St. Louis muri Missouri, muri Amerika. Mu nyuma, ni ho natahura ko hari ukuntu dawe yari inkazi. Nk’akarorero, ku musi wa mbere ntashe mvuye kw’ishure rishasha nigako, dawe yaramenye ko nari natotejwe ariko ko ntari nirwaniye. Yarashavuye, aca arankubita cane gusumba uko abo bana kw’ishure bari bankubise. Narahakuye icigwa, bica bituma ntangura kuza ndarwana n’abandi bana ngifise imyaka indwi gusa.
Ukuntu dawe yatwarwa n’ishavu vyarababaza cane mawe, kandi i muhira hama induru. Natanguye kunywa ibiyayuramutwe n’inzoga mfise imyaka 11. Ivyo vyatumye mba umuntu akara cane, kandi narakunda kurwana mw’ibarabara. Igihe naheza amashure yisumbuye, nari narahindutse ndarushiriza kuba inkazi.
Igihe nari mfise imyaka 18 naragiye mu gisoda c’Abanyamerika kirwanira mu mazi. Muri ico gisoda narahigiye ingene bica abantu. Inyuma y’imyaka itanu, naravuye mu gisoda kugira nje kwiga ibijanye n’inyifato z’abantu kubera ko nashaka gukorera mu biro bikuru vy’iperereza. Natanguye kwiga kaminuza muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika hanyuma ndayibandaniriza muri Kanada maze gusubirayo.
Ndi muri kaminuza, narumvise ncitse intege mbonye ukuntu abantu bameze muri rusangi. Abantu barikunda cane, nkabona ko kubaho ataco bimaze. Vyongeye, wamengo ingorane z’abantu ntizizokwigera zitorerwa umuti. Mu ntango, narizigira ko abantu bohinduye isi ikamera neza. Ariko ico cizigiro carakamanganye.
Kubera ko ubuzima bwanje butari bufise intumbero, nabona ko kunywa inzoga n’ibiyayuramutwe, kurondera amahera no kuja mu busambanyi ari vyo vyonduhura. Nama mu kirori kandi nkaryamana n’abagore batandukanye. Ivyo nigiye mu gisirikare, vyatumye niyizigira cane, rero nama ngwana. Kubera nibaza yuko nanka akarenganyo, nararwanya uwo ari we wese niyumviriye ko ariko ararenganya abandi. Mu vy’ukuri, ubukazi bwari bwaranyigaruriye.
UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE
Umusi umwe, igihe jewe n’umugenzi wanje twari twanyoye ibiyayuramutwe vyinshi cane, turi mu gice co mu kuzimu c’inzu yanje, tukaba twariko dutegura ingene twogurishije mu buryo butemewe n’amategeko urumogi, uwo mugenzi yaciye ambaza nimba nemera Imana. Namwishuye nti: «Nimba Imana ari yo iteza imibabaro mw’isi, numva ntashaka no kuyimenya!» Umusi wakurikiye, naragiye gutangura akazi gashasha nari naronse, maze nsanga uwo twakorana ni Icabona ca Yehova. Yambajije ati: «Wibaza ko Imana ari yobazwa imibabaro idushikira ng’aha kw’isi?» Naratangaye cane kubera ko naciye nibuka amajambo nari navuze umusi umwe imbere y’aho. Naciye numva nshatse kumenya vyinshi. Twamaze amezi atandatu tuganira, kandi naramubajije ibibazo vyinshi bigoye vyerekeye ubuzima, na we agaca anyereka inyishu zavyo muri Bibiliya.
Nari mfise umukobwa twakundana, kandi twabana muhira, ariko ntiyagomba ko ndamubwira ivyo nariko ndiga. Umusi umwe ari ku wa mungu, naramubwiye ko nari natumiye Ivyabona vya Yehova kugira ngo bazoze muhira kutwigisha Bibiliya. Bukeye bw’aho ntashe mvuye ku kazi, nasanze yatekeye ibintu vyose vyari mu nzu, aca aragenda. Naciye nsohoka hanze ndarira. Vyongeye, narasenze Imana ndayinginga ngo imfashe. Iyo ni yo ncuro ya mbere nasenze nkoresheje izina ry’Imana, Yehova.—Zaburi 83:18.
Haciye imisi ibiri, naratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, bakaba bari umugabo n’umugore bubakanye. Bansigiye igitabu Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi. a Naciye ndakijako ndagisoma, kandi muri iryo joro naraye ndakimaze. Ivyo nize ku bijanye na Yehova Imana hamwe n’Umwana wiwe Yezu Kristu vyarankoze ku mutima cane. Narabonye ko Yehova afise impuhwe kandi ko bimubabaza igihe turi mu ngorane. (Yesaya 63:9) Ahanini, narakozwe ku mutima n’ukuntu Imana yankunze cane mu kurungika Umwana wayo kugira ngo ampfire. (1 Yohani 4:10) Naratahuye ko Yehova yanyihanganiye kubera yuko «adashaka yuko hagira n’umwe arandurwa, ahubwo ashaka ko bose bashika ku kwigaya.» (2 Petero 3:9) Narabonye ko Yehova yashaka ko mba umugenzi wiwe.—Yohani 6:44.
Muri iyo ndwi, naciye ntangura kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Nari mfise umushatsi muremure, nambaye amahereni ku matwi kandi hari ukuntu isura yanje yari iteye ubwoba. Naho nari meze ukwo, Ivyabona bamfashe nk’umuntu wo mu muryango wabo bari bamaze igihe kirekire batabona. Bamfashe nk’abakirisu b’ukuri. Ico gihe niyumva umengo nsubiye kuba kwa sokuru na nyokuru, mbere niyumva neza gusumba ico gihe.
Budakeye na kabiri, ivyo niga muri Bibiliya vyaratanguye guhindura ubuzima bwanje. Naramoye umushatsi, ndaheba ingeso zose zijanye n’ubusambanyi nari mfise, nongera ndavavanura no kunywa ibiyayuramutwe hamwe n’inzoga. (1 Abakorinto 6:9, 10; 11:14) Nashaka guhimbara Yehova. Ni yo mpamvu igihe naba nize ko yanka ikintu kanaka nkora, ntashaka gusubira kugikora. Ahubwo naricuza, nkumva sinshaka gusubira gukora ivyo bintu. Nashaka guhindura ivyiyumviro vyanje n’ivyo nakora n’umutima wanje wose. Ivyo vyatuma numva mpimbawe kubera ko naba ndiko ndakora ivyo Yehova agomba. Itariki 29 Mukakaro 1989, haciye amezi atandatu ntanguye kwiga Bibiliya, narabatijwe maze mba umwe mu Vyabona vya Yehova.
IVYIZA NAHAKUYE
Bibiliya yaramfashije guhindura kamere zanje. Kera hagize umuntu anshavuza, naca ndamukarira. Ariko ubu ndihata kugira ngo «[m]bane amahoro n’abantu bose.» (Abaroma 12:18) Ivyo sinari kuvyishoboza iyo Yehova adakoresha ububasha bw’Ijambo ryiwe hamwe n’impwemu yiwe nyeranda.—Abagalatiya 5:22, 23; Abaheburayo 4:12.
Aho kuba umuja w’ibiyayuramutwe n’ubukazi hamwe n’ivyipfuzo vy’ubusambanyi, ubu nkora uko nshoboye kwose kugira ngo nezereze Yehova nongere ndamuhe ivyiza kuruta. Ivyo birimwo gufasha abandi kugira ngo na bo bamumenye. Haciye imyaka mikeyi mbatijwe, narimukiye mu kandi karere kari gakeneye abantu benshi bigisha Bibiliya. Ubu haraciye imyaka myinshi nigisha abantu benshi Bibiliya maze nkibonera ukuntu ihindura ubuzima bwabo nk’uko yahinduye n’ubwanje. Ubu ndahimbawe no kuba mawe na we yarabaye Icabona ca Yehova, ahanini bikaba vyavuye ku kuba yarabonye amahinduka nagize.
Mu 1999, i El Salvador, ni ho nasohoka ishure ubu risigaye ryitwa Ishure ry’abamamaji b’Ubwami. Iryo shure ryaramenyereje ryongera riramfasha kuba uwushoboye kwigisha abandi Bibiliya no gufasha abo mw’ishengero. Haciye umwaka umwe, narubakanye n’umukenyezi wanje mwiza Eugenia. Ubu twempi turi abigisha b’Ijambo ry’Imana bakora igihe cose.
Aho kuba umuntu abona ko ubuzima ata ntumbero bufise, ubu ndahimbawe cane. Gukurikiza ivyo Bibiliya yigisha vyarambohoye binkura mu buja bw’ubusambanyi hamwe n’ubukazi, maze bituma ngira ubuzima burangwa n’urukundo nyakuri hamwe n’amahoro.
a Ubu, Ivyabona vya Yehova ahanini bakoresha igitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera mu kwigisha Bibiliya