Ja ku birimwo

Kugendera Beteli

Turagutumiye n’igishika cinshi ngo uzoze kugendera ibiro vyacu vy’amashami, ibikunze kwitwa Beteli. Ku biro vy’amashami bimwebimwe hariho amaratiro umuntu ashobora kwitemberezamwo.

Gusubira kugendera Beteli: Mu bihugu vyinshi, abantu barasubiye kugendera ibiro vyacu vy'amashami kuva ku wa 1 Ruheshi 2023. Wipfuza ayandi makuru, nuyabaze ibiro vy'ishami ushaka kugendera. Turakwinginze ntuzogendere Beteli mu gihe boba bagutoye korona, ufise ibimenyetso vy’inkorora canke giripe, canke uherutse kumarana umwanya n’umuntu batoye korona.

Afrika y’Epfo

Gutemberezwa

Imbere yo kuza gutembera, woba ukwiye kubisaba? Ego. Kugira twirinde uruja n’uruza rwinshi no kugira twiyemeze ko abashitsi bose batemberezwa neza, bose turabasaba ko bobanza kutumenyesha imbere yo kuza gutembera, uko boba bangana kwose. Mwobisaba hagisigaye n’imiburiburi indwi imwe. Mwipfuza gutembera ku misi y’amakonje, tubaremesheje kubisaba hagisigaye imisi myinshi kurusha.

Woba woshobora gutembera naho utoba warabisavye? Utabisavye, birashoboka cane ko tutokwakira. Kubera ko ikibanza atari ikirenga, abantu bakeyi ni bo bonyene bashobora gutemberezwa ku musi.

Uje gutembera woshika sangapi? Kugira twirinde uruja n’uruza rwinshi, dusaba ko ata woshika hagisigaye umwanya urenga isaha ngo atemberezwe.

Mwobisaba gute? Fyonda ahavuga ngo “Gusaba gutemberezwa.”

Mwoba mushobora guhindura isango canke gusivya urugendo? Ego. Fyonda ahavuga ngo “Kuraba ivyo wasavye canke kubihindura.”

Vyogenda gute usanze ata kibanza gisigaye ku misi wipfuza gutemberezwa? Nugume uraba ku rubuga rwacu. Birashika ikibanza kikaboneka hagize abahindura isango canke abasivya urugendo.

Gusaba gutemberezwa

Nuvome agatabu k’ibihakorerwa

Amaratiro

Gutemberezwa mu Rwego rw’uburaro: Barakwereka amavidewo atandukanye yerekana ibikorerwa muri Beteli n’ukuntu Beteli ishigikira ibikorwa turangura bijanye n’ugusenga.

Gutemberezwa mw’icapuriro rya 2: Barakwereka ividewo zerekana akamaro ko guhindura no gusohora ibitabu mu ndimi zo ng’aho. Hariho ikibanza co hejuru uhagararamwo ukabona imashini zicapura. Iratiro ry’ivya Bibiliya rirerekana kahise k’ingene izina ry’Imana ryakoreshejwe muri Bibiliya mu ndimi zimwezimwe zo ng’aho.

Gutemberezwa mw’icapuriro rya 3: Hariho ikibanza co hejuru uhagararamwo ukabona icapuriro ryose n’inzira zitandukanye amakarato y’ibitabu aca afata. Barakwereka amavidewo yerekana ibijanye n’ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami, ibijanye no gutwara ibitabu n’ibijanye no gufata amajwi n’amavidewo.

Ayandi makuru: Hariho imiduga iza irunguruza abatemberezwa ibakura mu kibanza kimwe ibajana mu kindi. Murashobora gufungura utwo mwitekereye muri mu kibanza abashitsi baruhukiramwo.

Aderese n’inomero za telefone

1 Robert Broom Drive East

Rangeview

KRUGERSDORP

1739

AFRIKA Y’EPFO

+27 11-761-1002

Inzira wojana