Ja ku birimwo

Kugendera Beteli

Turagutumiye n’igishika cinshi ngo uzoze kugendera ibiro vyacu vy’amashami, ibikunze kwitwa Beteli. Ku biro vy’amashami bimwebimwe hariho amaratiro umuntu ashobora kwitemberezamwo.

Gusubira kugendera Beteli: Mu bihugu vyinshi, abantu barasubiye kugendera ibiro vyacu vy'amashami kuva ku wa 1 Ruheshi 2023. Wipfuza ayandi makuru, nuyabaze ibiro vy'ishami ushaka kugendera. Turakwinginze ntuzogendere Beteli mu gihe boba bagutoye korona, ufise ibimenyetso vy’inkorora canke giripe, canke uherutse kumarana umwanya n’umuntu batoye korona.

Angola

Gusaba gutemberezwa

Imbere yo kuza gutembera, mwoba mukwiye kubanza kubisaba? Ego. Kugira ngo ntiduhave dusanga twaronse abashitsi benshi cane no kugira ngo twiyemeze ko bose batemberezwa neza, dusaba ko abipfuza kutugendera bose bobisaba imbere yo kuza, uko boba bangana kwose. Mwobisaba hagisigaye n’imiburiburi indwi imwe. Mwipfuza kuza gutembera ku misi y’amakonje, mwobisaba hagisigaye indwi irenga.

Mwoba mwoshobora gutemberezwa naho mutoba mwabisavye? Muje mutabisavye, hari aho bitokunda ko tubakira. Kubera ko ikibanza ari gito, twakira abantu bakeyi gusa ku musi.

Muje gutembera mwoshika sangapi? Kugira abantu ntibarundane, vyoba vyiza mushitse hasigaye umwanya utarenga isaha imwe ngo hagere ko mutemberezwa.

Mwobisaba gute? Nimba muri abantu badashika 10, nufyonde ahanditse ngo “Gusaba gutemberezwa: abantu badashika 10.” Nimba na ho muri 10 canke murenga, nutwandikire kuri InboxBTHLTourDesk.AO@jw.org.

Mwoba mushobora guhindura isango canke gusivya urugendo? Ego. Fyonda ahanditse ngo “Kuraba ivyo wasavye canke kubihindura.”

Vyogenda gute usanze ata kibanza gisigaye ku misi wipfuza gutemberezwa? Nugume uraba ku rubuga rwacu. Birashika ikibanza kikaboneka hagize abahindura isango canke abasivya urugendo.

Gusaba gutemberezwa: abantu badashika 10

Gutemberezwa

Avenida Talatona No. 1

LUANDA

ANGOLA

+244 923 166 760

E-mail: InboxBTHLTourDesk.AO@jw.org

Inzira wojana

Ibihakorerwa

Barahagarikira igikorwa co guhindura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi cumi, harimwo n’ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Angola. Barahagarikira kandi igikorwa co kwubaka Ingoro z’Ubwami, bakarungikira n’ibitabu amashengero y’Ivyabona vya Yehova yo muri Angola arenga ???.

Nuvome agatabu k’ibihakorerwa