Ja ku birimwo

Kugendera Beteli

Turagutumiye n’igishika cinshi ngo uzoze kugendera ibiro vyacu vy’amashami, ibikunze kwitwa Beteli. Ku biro vy’amashami bimwebimwe hariho amaratiro umuntu ashobora kwitemberezamwo.

Gusubira kugendera Beteli: Mu bihugu vyinshi, abantu barasubiye kugendera ibiro vyacu vy'amashami kuva ku wa 1 Ruheshi 2023. Wipfuza ayandi makuru, nuyabaze ibiro vy'ishami ushaka kugendera. Turakwinginze ntuzogendere Beteli mu gihe boba bagutoye korona, ufise ibimenyetso vy’inkorora canke giripe, canke uherutse kumarana umwanya n’umuntu batoye korona.

Brezile

Gusaba gutemberezwa

Imbere yo kuza gutembera, mwoba mukwiye kubanza kubisaba? Ego. Kugira ngo ntiduhave dusanga twaronse abashitsi benshi cane no kugira ngo twiyemeze ko bose batemberezwa neza, dusaba ko abipfuza kutugendera bose bobisaba imbere yo kuza, uko boba bangana kwose.

Mwoba mwoshobora gutemberezwa naho mutoba mwabisavye? Muje mutabisavye, hari aho bitokunda ko tubakira. Kubera ko ikibanza ari gito, twakira abantu bakeyi gusa ku musi.

Muje gutembera mwoshika sangapi? Vyoba vyiza mushitse hasigaye n’imiburiburi iminuta 30 ngo hagere ko mutemberezwa.

Mwobisaba gute? Fyonda ahanditse ngo “Gusaba gutemberezwa.”

Mwoba mushobora guhindura isango canke gusivya urugendo? Ego. Fyonda ahanditse ngo “Kuraba ivyo wasavye canke kubihindura.”

Vyogenda gute usanze ata kibanza gisigaye ku misi wipfuza gutemberezwa? Nugume uraba ku rubuga rwacu. Birashika ikibanza kikaboneka hagize abahindura isango canke abasivya urugendo.

Kuraba ivyo wasavye canke kubihindura

Kuhagendera

Rodovia SP-141 - km 43

CESÁRIO LANGE-SP

18285-901

BREZILE

+55 15-3322-9000

Inzira wojana

Ibintu nyamukuru bihakorerwa

Baracapura amabibiliya imiliyoni 36, ibitabu hamwe n’udutabu. Tugize incahagati, buri mwaka bararungika amatoni 7.000 y’ibitabu vyo mu ndimi zirenga 90.

Iratiro ushobora kwitemberezamwo

Bibiliya n’uwo ikomokako. Iryo ratiro riraha icubahiro Yehova Imana uwo Bibiliya ikomokako, rikongera rigashira ahabona iciyumviro nyamukuru ca Bibiliya na co akaba ari Ubwami bw’Imana. Abahatemberera baramenya ingene Bibiliya yagiye irarusimba gushika muri iki gihe n’ingene Yehova yakingiye ubutumwa buri muri yo kugira abansi ntibabugoreke.

Iratiro ry’ivya kahise. Iryo ratiro rirerekana ukuntu Yehova yahezagiye igikorwa co kwamamaza muri Brezile mu myaka 120 iheze. Abahatemberera barimenyera ibijanye n’amakuru aheruka kwuburwa ajanye n’ukuntu igikorwa catanguye be n’ingene cagiye kiratera imbere naho hari uruhamo.

Nuvome agatabu k’ibihakorerwa