Kugendera Beteli
Turagutumiye n’igishika cinshi ngo uzoze kugendera ibiro vyacu vy’amashami, ibikunze kwitwa Beteli. Ku biro vy’amashami bimwebimwe hariho amaratiro umuntu ashobora kwitemberezamwo.
Gusubira kugendera Beteli: Mu bihugu vyinshi, abantu barasubiye kugendera ibiro vyacu vy'amashami kuva ku wa 1 Ruheshi 2023. Wipfuza ayandi makuru, nuyabaze ibiro vy'ishami ushaka kugendera. Turakwinginze ntuzogendere Beteli mu gihe boba bagutoye korona, ufise ibimenyetso vy’inkorora canke giripe, canke uherutse kumarana umwanya n’umuntu batoye korona.
Finlande
Puutarhatie 60
FI-01300 VANTAA
FINLANDE
+358 9-825-885
Inzira wojana
Kuhagendera
Kuva ku wa mbere gushika ku wa gatanu
Kubera ko hariho ibikorwa vy’ubwubatsi biriko birabera kw’ishami, tuzokwakira abatemberezwa bake kuva ku wa 1 Rusama 2019 gushika ku 31 Kigarama 2020. Nimba wipfuza kutugendera muri ico kiringo, turagusavye ubanze utubaze.
Ibintu nyamukuru bihakorerwa
Barahagarikira igikorwa c’Ivyabona vya Yehova nka 34.000 bo muri Biélorussie, Estoniya, Finlande, Letoniya no muri Lituwaniya. Barahagarikira igikorwa co guhindura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi umunani zivugwa no mu ndimi zine z’ibimenyetso.