Ja ku birimwo

Kugendera Beteli

Turagutumiye n’igishika cinshi ngo uzoze kugendera ibiro vyacu vy’amashami, ibikunze kwitwa Beteli. Ku biro vy’amashami bimwebimwe hariho amaratiro umuntu ashobora kwitemberezamwo.

Gusubira kugendera Beteli: Mu bihugu vyinshi, abantu barasubiye kugendera ibiro vyacu vy'amashami kuva ku wa 1 Ruheshi 2023. Wipfuza ayandi makuru, nuyabaze ibiro vy'ishami ushaka kugendera. Turakwinginze ntuzogendere Beteli mu gihe boba bagutoye korona, ufise ibimenyetso vy’inkorora canke giripe, canke uherutse kumarana umwanya n’umuntu batoye korona.

Hong Kong

Gusaba gutemberezwa

Imbere yo kuza gutembera, mwoba mukwiye kubanza kubisaba? Ego. Kugira ngo ntiduhave dusanga twaronse abashitsi benshi cane no kugira ngo twiyemeze ko bose batemberejwe neza, dusaba ko abipfuza kutugendera bose babisaba imbere yo kuza, uko boba bangana kwose. Mwobisaba hagisigaye nk’indwi. Mwipfuza kuza gutembera ku misi y’amakonje, mwobisaba hagisigaye indwi irenga.

Mwoba mwoshobora gutemberezwa naho mutoba mwabisavye? Muje mutabisavye vyoshoboka cane ko tutobakira. Kubera ko ikibanza ari gito, twakira abantu bakeyi gusa ku musi.

Muje gutembera mwoshika sangapi? Kugira mutangure gutemberezwa ku gihe, turabasavye mushike hasigaye n’imiburiburi iminuta 10 ngo isaha yanyu yo gutemberezwa igere.

Mwobisaba gute? Fyonda ahavuga ngo “Gusaba gutemberezwa.”

Mwoba mushobora guhindura isango canke gusivya urugendo? Ego. Fyonda ahavuga ngo “Kuraba ivyo wasavye canke kubihindura.”

Vyogenda gute usanze ata kibanza gisigaye ku misi wipfuza gutemberezwa? Nugume uraba ku rubuga rwacu. Birashika ikibanza kikaboneka hagize abahindura isango canke abasivya urugendo.

Gusaba gutemberezwa

Kuhagendera

1 Hung To Road, Igorofa ya 22

Kwun Tong,

KOWLOON

HONG KONG

+852 3950-3500

(Uvuye ku gituro c’amagariyamoshi c’i Ngau Tau Kok gushika ku biro vyacu ni urugendo rw’amaguru rw’iminota itanu. Uri kuri ico gituro, n’usohokane ahanditse ngo “exit B6”.)

Inzira wojana

Ibintu nyamukuru bihakorerwa

Barahagarikira igikorwa co kwigisha Bibiliya kirangurwa n’Ivyabona vya Yehova muri Hong Kong no muri Macao. Baratunganya amavidewo ari mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Hong Kong.

Nuvome agatabu k’ibihakorerwa