Ja ku birimwo

Kugendera Beteli

Turagutumiye n’igishika cinshi ngo uzoze kugendera ibiro vyacu vy’amashami, ibikunze kwitwa Beteli. Ku biro vy’amashami bimwebimwe hariho amaratiro umuntu ashobora kwitemberezamwo.

Gusubira kugendera Beteli: Mu bihugu vyinshi, abantu barasubiye kugendera ibiro vyacu vy'amashami kuva ku wa 1 Ruheshi 2023. Wipfuza ayandi makuru, nuyabaze ibiro vy'ishami ushaka kugendera. Turakwinginze ntuzogendere Beteli mu gihe boba bagutoye korona, ufise ibimenyetso vy’inkorora canke giripe, canke uherutse kumarana umwanya n’umuntu batoye korona.

Kiba

Gutemberezwa

Imbere yo kuza gutembera, mwoba mukwiye kubanza kubisaba? Ego. Kugira ngo ntiduhave dusanga twaronse abashitsi benshi cane no kugira ngo twiyemeze ko bose batemberejwe neza, dusaba ko abipfuza kutugendera bose babisaba imbere yo kuza, uko boba bangana kwose. Mwobisaba hagisigaye nk’indwi. Mwipfuza kuza gutembera ku misi y’amakonje, mwobisaba hagisigaye indwi irenga.

Mwoba mwoshobora gutemberezwa naho mutoba mwabisavye? Ego. Ariko muje mutabisavye vyoshoboka cane ko tutobakira. Kubera ko ikibanza ari gito, twakira abantu bakeyi gusa ku musi.

Muje gutembera mwoshika sangapi? Kugira abantu ntibarundane, vyoba vyiza mushitse hasigaye umwanya utarenga iminuta 15 ngo hagere ko mutemberezwa.

Mwobisaba gute? Nimba muri abantu badashika 11, nufyonde ahanditse ngo “Gusaba gutemberezwa: abantu badashika 11.” Nimba na ho muri 11 canke murenga, nutwandikire kuri InboxLOBBY.CU@bethel.pr418.com canke utuderefone ku nomero iri aho munsi kugira usabire gutemberezwa abantu 11 canke barenga.

Mwoba mushobora guhindura isango canke gusivya urugendo? Ego. Fyonda ahavuga ngo “Kuraba ivyo wasavye canke kubihindura.”

Vyogenda gute usanze ata kibanza gisigaye ku misi wipfuza gutemberezwa? Nugume uraba ku rubuga rwacu. Birashika ikibanza kikaboneka hagize abahindura isango canke abasivya urugendo.

Gusaba gutemberezwa: abantu badashika 11

Nuvome agatabu k’ibihakorerwa

Aderese n’inomero za telefone

Avenida 15 #4608

Between Calle 46 and Calle 48

PLAYA, LA HABANA

KIBA

+53 7-204-7598

+53 7-204-1026

Inzira wojana