Ja ku birimwo

Kugendera Beteli

Turagutumiye n’igishika cinshi ngo uzoze kugendera ibiro vyacu vy’amashami, ibikunze kwitwa Beteli. Ku biro vy’amashami bimwebimwe hariho amaratiro umuntu ashobora kwitemberezamwo.

Gusubira kugendera Beteli: Mu bihugu vyinshi, abantu barasubiye kugendera ibiro vyacu vy'amashami kuva ku wa 1 Ruheshi 2023. Wipfuza ayandi makuru, nuyabaze ibiro vy'ishami ushaka kugendera. Turakwinginze ntuzogendere Beteli mu gihe boba bagutoye korona, ufise ibimenyetso vy’inkorora canke giripe, canke uherutse kumarana umwanya n’umuntu batoye korona.

Rumaniya

Gusaba gutemberezwa

Imbere yo kuza gutembera, woba ukwiye kubisaba? Ego. Kugira twirinde uruja n’uruza rwinshi no kugira twiyemeze ko abashitsi bose batemberezwa neza, bose turabasaba ko bobanza kutumenyesha imbere yo kuza gutembera, uko boba bangana kwose. Mwobisaba hagisigaye n’imiburiburi indwi imwe. Mwipfuza gutembera ku misi y’amakonje, mwobisaba hagisigaye imisi myinshi kurusha.

Woba woshobora gutembera naho utoba warabisavye? Utabisavye, birashoboka cane ko tutokwakira. Kubera ko ikibanza atari ikirenga, abantu bakeyi ni bo bonyene bashobora gutemberezwa ku musi.

Uje gutembera woshika sangapi? Kugira twirinde uruja n’uruza rwinshi, dusaba ko ata woshika hagisigaye umwanya urenga isaha ngo atemberezwe.

Mwobisaba gute? Fyonda ahavuga ngo “Gusaba gutemberezwa.”

Mwoba mushobora guhindura isango canke gusivya urugendo? Ego. Fyonda ahavuga ngo “Kuraba ivyo wasavye canke kubihindura.”

Vyogenda gute usanze ata kibanza gisigaye ku misi wipfuza gutemberezwa? Nugume uraba ku rubuga rwacu. Birashika ikibanza kikaboneka hagize abahindura isango canke abasivya urugendo.

Kuraba ivyo wasavye canke kubihindura

Kuhagendera

Orzari Street No. 29-31

Sector 2

RO-021552 BUCUREȘTI

RUMANIYA

+40 21-302-75-00

Inzira wojana

Ibintu nyamukuru bihakorerwa

Barahagarikira igikorwa c’amashengero ??? y’Ivyabona vya Yehova bo muri Rumaniya. Baratunganya amahwaniro y’akarere n’amateraniro y’umuzunguruko. Barahindura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya n’amavidewo mu kirumaniya, mu rurimi rw’ibimenyetso rw’aho no mu rurimi rwa romani. Baratunganya n’ivyo kwumviriza mu kirumaniya.

Uretse gutemberezwa, abashitsi baraja no mw’iratiro ry’ivya kahise k’igikorwa co kwamamaza muri Rumaniya be n’iryerekeye izina ry’Imana mu Mabibiliya yo mu kinyarumaniya.

Nuvome agatabu k’ibihakorerwa