Ja ku birimwo

Kugendera Beteli

Turagutumiye n’igishika cinshi ngo uzoze kugendera ibiro vyacu vy’amashami, ibikunze kwitwa Beteli. Ku biro vy’amashami bimwebimwe hariho amaratiro umuntu ashobora kwitemberezamwo.

Gusubira kugendera Beteli: Mu bihugu vyinshi, abantu barasubiye kugendera ibiro vyacu vy'amashami kuva ku wa 1 Ruheshi 2023. Wipfuza ayandi makuru, nuyabaze ibiro vy'ishami ushaka kugendera. Turakwinginze ntuzogendere Beteli mu gihe boba bagutoye korona, ufise ibimenyetso vy’inkorora canke giripe, canke uherutse kumarana umwanya n’umuntu batoye korona.

Slovakiya

Gusaba gutemberezwa

Imbere yo kuza gutembera, mwoba mukwiye kubanza kubisaba? Ego. Kugira ngo ntiduhave dusanga twaronse abashitsi benshi cane no kugira ngo twiyemeze ko bose batemberezwa neza, dusaba ko abipfuza kutugendera bose bobisaba imbere yo kuza, uko boba bangana kwose. Ni vyiza ko mubisaba hagisagaye n’imiburiburi indwi imwe. Ku misi y’akaruhuko, mwobisaba imbere y’aho.

Mwoba mwoshobora gutemberezwa naho mutoba mwabisavye? Muje mutabisavye, hari aho bitokunda ko tubakira. Kubera ko ikibanza ari gito, twakira abantu bakeyi gusa ku musi.

Muje gutembera mwoshika sangapi? Kugira mutangure gutemberezwa ku gihe, vyoba vyiza mushitse hasigaye n’imiburiburi iminuta 10 ngo hagere ko mutemberezwa.

Mwobisaba gute? Fyonda ahanditse ngo “Gusaba gutemberezwa.”

Mwoba mushobora guhindura isango canke gusivya urugendo? Ego. Fyonda ahanditse ngo “Kuraba ivyo wasavye canke kubihindura.”

Vyogenda gute usanze ata kibanza gisigaye ku misi wipfuza gutemberezwa? Nugume uraba ku rubuga rwacu. Birashika ikibanza kikaboneka hagize abahindura isango canke abasivya urugendo.

Gusaba gutemberezwa

Kuhagendera

Pekna cesta 17

831 52 BRATISLAVA 34

SLOVAKIYA

+421 2-49107611

Inzira wojana

Ibintu nyamukuru bihakorerwa

Barahagarikira igikorwa c’Ivyabona vya Yehova barenga 26.500 bo muri République Tchèque no muri Slovakiya. Barahindura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu giceke, mu rurimi rw’ibimenyetso rw’Abaceke, mu rurimi rwitwa Romany (ruvugwa mu buseruko bwa Slovakiya), mu gislovakiya no mu rurimi rw’ibimenyetso rw’Abanyaslovakiya.

Nuvome agatabu k’ibihakorerwa