Ja ku birimwo

Kugendera Beteli

Turagutumiye n’igishika cinshi ngo uzoze kugendera ibiro vyacu vy’amashami, ibikunze kwitwa Beteli. Ku biro vy’amashami bimwebimwe hariho amaratiro umuntu ashobora kwitemberezamwo.

Gusubira kugendera Beteli: Mu bihugu vyinshi, abantu barasubiye kugendera ibiro vyacu vy'amashami kuva ku wa 1 Ruheshi 2023. Wipfuza ayandi makuru, nuyabaze ibiro vy'ishami ushaka kugendera. Turakwinginze ntuzogendere Beteli mu gihe boba bagutoye korona, ufise ibimenyetso vy’inkorora canke giripe, canke uherutse kumarana umwanya n’umuntu batoye korona.

Ubudagi

Gutemberezwa

Imbere yo kuza gutembera, mwoba mukwiye kubanza kubisaba? Ego. Kugira ngo ntiduhave dusanga twaronse abashitsi benshi cane no kugira ngo twiyemeze ko bose batemberejwe neza, dusaba ko abipfuza kutugendera bose babisaba imbere yo kuza, uko boba bangana kwose.

Mwoba mwoshobora gutemberezwa naho mutoba mwabisavye? Muje mutabisavye vyoshoboka cane ko tutobakira. Kubera ko ikibanza ari gito, twakira abantu bakeyi gusa ku musi.

Muje gutembera mwoshika sangapi? Kugira abantu ntibarundane, vyoba vyiza mushitse hasigaye umwanya utarenga isaha imwe ngo hagere ko mutemberezwa.

Mwobisaba gute? Fyonda ahavuga ngo “Gusaba gutemberezwa.”

Mwoba mushobora guhindura isango canke gusivya urugendo? Ego. Fyonda ahavuga ngo “Kuraba ivyo wasavye canke kubihindura.”

Vyogenda gute usanze ata kibanza gisigaye ku misi wipfuza gutemberezwa? Nugume uraba ku rubuga rwacu. Birashika ikibanza kikaboneka hagize abahindura isango canke abasivya urugendo.

Gusaba gutemberezwa

Nuvome agatabu k’ibihakorerwa

Amaratiro

Iratiro ry’ivya kahise ryo kw’ishami ry’Uburaya bwo hagati. Mw’iratiro ryitwa “Kahise k’umuryango,” abashitsi baramenya kahise k’Ivyabona vya Yehova bo muri Otrishe, Ubudagi, Liechtenstein, Luxembourg n’Ubuswise. Rirerekana ukuntu Yehova yagiye arahezagira igikorwa co kwamamaza c’Ivyabona b’umutima rugabo kandi b’inkehwa mu myaka ya 1890 kugenda mu gihe igikorwa cacu caburabuzwa kikongera kigahagarikwa, gushika mu bihe vya none aho hari amaterambere atangaje.

Aderese n’inomero za telefone

Am Steinfels 1

65618 SELTERS

UBUDAGI

+49 6483-41-0

Inzira wojana