Ja ku birimwo

Kugendera Beteli

Turagutumiye n’igishika cinshi ngo uzoze kugendera ibiro vyacu vy’amashami, ibikunze kwitwa Beteli. Ku biro vy’amashami bimwebimwe hariho amaratiro umuntu ashobora kwitemberezamwo.

Gusubira kugendera Beteli: Mu bihugu vyinshi, abantu barasubiye kugendera ibiro vyacu vy'amashami kuva ku wa 1 Ruheshi 2023. Wipfuza ayandi makuru, nuyabaze ibiro vy'ishami ushaka kugendera. Turakwinginze ntuzogendere Beteli mu gihe boba bagutoye korona, ufise ibimenyetso vy’inkorora canke giripe, canke uherutse kumarana umwanya n’umuntu batoye korona.

Ubuholande

Gusaba gutemberezwa

Imbere yo kuza gutembera, mwoba mukwiye kubanza kubisaba? Ego. Kugira ngo ntiduhave dusanga twaronse abashitsi benshi cane no kugira ngo twiyemeze ko bose batemberejwe neza, dusaba ko abipfuza kutugendera bose babisaba imbere yo kuza, uko boba bangana kwose.

Mwoba mwoshobora gutemberezwa naho mutoba mwabisavye? Muje mutabisavye vyoshoboka cane ko tutobakira. Kubera ko ikibanza ari gito, twakira abantu bakeyi gusa ku musi.

Muje gutembera mwoshika sangapi? Kugira abantu ntibarundane, vyoba vyiza mushitse hasigaye umwanya utarenga isaha imwe ngo hagere ko mutemberezwa.

Mwobisaba gute? Fyonda ahavuga ngo “Gusaba gutemberezwa.”

Mwoba mushobora guhindura isango canke gusivya urugendo? Ego. Fyonda ahavuga ngo “Kuraba ivyo wasavye canke kubihindura.”

Vyogenda gute usanze ata kibanza gisigaye ku misi wipfuza gutemberezwa? Nugume uraba ku rubuga rwacu. Birashika ikibanza kikaboneka hagize abahindura isango canke abasivya urugendo.

Gusaba gutemberezwa

Gutemberezwa

Christelijke Gemeente van Jehovah’s Getuigen in Nederland

Noordbargerstraat 77

7812 AA EMMEN

UBUHOLANDE

+31 591-683555

Inzira wojana

Ibintu nyamukuru bihakorerwa

Barahindura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu giholande. Baratunganya ibitabu vyo mu nyuguti z’impumyi mu ndimi 20. Barakora ivy’amavidewo n’ivyo kwumviriza vyo mu ndimi nyinshi.

Nuvome agatabu k’ibihakorerwa