Ja ku birimwo

Kugendera Beteli

Turagutumiye n’igishika cinshi ngo uzoze kugendera ibiro vyacu vy’amashami, ibikunze kwitwa Beteli. Ku biro vy’amashami bimwebimwe hariho amaratiro umuntu ashobora kwitemberezamwo.

Gusubira kugendera Beteli: Mu bihugu vyinshi, abantu barasubiye kugendera ibiro vyacu vy'amashami kuva ku wa 1 Ruheshi 2023. Wipfuza ayandi makuru, nuyabaze ibiro vy'ishami ushaka kugendera. Turakwinginze ntuzogendere Beteli mu gihe boba bagutoye korona, ufise ibimenyetso vy’inkorora canke giripe, canke uherutse kumarana umwanya n’umuntu batoye korona.

Ubuyapani

Gutemberezwa

Imbere yo kuza gutembera, mwoba mukwiye kubanza kubisaba? Ego. Kugira ngo ntiduhave dusanga twaronse abashitsi benshi cane no kugira ngo twiyemeze ko bose batemberezwa neza, dusaba ko abipfuza kutugendera bose bobisaba imbere yo kuza, uko boba bangana kwose.

Mwoba mwoshobora gutemberezwa naho mutoba mwabisavye? Muje mutabisavye, hari aho bitokunda ko tubakira. Kubera ko ikibanza ari gito, twakira abantu bakeyi gusa ku musi.

Muje gutembera mwoshika sangapi? Kugira abantu ntibarundane, vyoba vyiza mushitse hasigaye umwanya utarenga isaha imwe ngo hagere ko mutemberezwa.

Mwobisaba gute? Fyonda ahavuga ngo “Gusaba gutemberezwa.”

Mwoba mushobora guhindura isango canke gusivya urugendo? Ego. Fyonda ahanditse ngo “Kuraba ivyo wasavye canke kubihindura.”

Vyogenda gute usanze ata kibanza gisigaye ku misi wipfuza gutemberezwa? Nugume uraba ku rubuga rwacu. Birashika ikibanza kikaboneka hagize abahindura isango canke abasivya urugendo.

Gusaba gutemberezwa

Nuvome agatabu k’ibihakorerwa

Amaratiro

Intoranwa yacu. Iryo ratiro rirerekana ukuntu Yehova yahezagiye igikorwa co kwamamaza mu Buyapani mu myaka irenga 100. Abaje gutembera baramenya kahise k’Ivyabona vya Yehova muri ico gihugu, ibikoresho bidasanzwe bakoresheje hamwe n’igikorwa abamisiyonari baranguye.

Bibiliya mu Buyapani. Iryo ratiro ririmwo amabibiliya y’imbonekarimwe, ushizemwo Bibiliya ya mbere y’ikiyapani

Aderese n’inomero za telefone

4-7-1 Nakashinden

EBINA CITY

KANAGAWA-PREF

243-0496

UBUYAPANI

+81 46-233-0005

Inzira wojana