Niwijukire gusoma no kwigisha: Amavidewo

Nutsimbataze ubuhanga bwo kwigisha no gusomera imbere y’abantu.

ICIGWA CA 1

Intangamarara nziza

Wokora iki kugira abakwumviriza bumve bashashaye gukurikira ivyo uvuga?

ICIGWA CA 2

Kuvuga nk’uwuyaga

Wokora iki kugira utume abakwumviriza biyumva neza igihe ubayagisha?

ICIGWA CA 3

Gukoresha ibibazo

Wokoresha gute ibibazo kugira ufashe abakwumviriza kuzirikana, kugira utume bagumana inyota yo kugukurikira no kugira ushimike ku vyiyumviro bihambaye?

ICIGWA CA 4

Gucira inzira neza ivyanditswe

Wotegura gute imitima y’abakwumviriza kugira bungukire cane ku vyo ugira ubasomere muri Bibiliya?

ICIGWA CA 5

Gusoma ata makosa

Ni ibiki vyogufasha gusoma n’ijwi ryumvikana birya nyene vyanditse ku rupapuro?

ICIGWA CA 6

Gusigura neza ivyanditswe

Igihe uhejeje gusoma icanditswe, ni ibiki wokora kugira ufashe abakwumviriza kubona impamvu yatumye ugisoma?

ICIGWA CA 7

Amakuru yo kwizigirwa

Wokora iki kugira ntugoreke ukuri igihe wigisha?

ICIGWA CA 8

Uburorero bwigisha

Wokwigana gute wa Mwigisha Ahambaye mu gukoresha neza uburorero?

ICIGWA CA 9

Gukoresha neza amashusho

Wokoresha gute amashusho canke ibindi bintu abantu bashobora kubona kugira ufashe abakwumviriza gutahura ivyiyumviro nyamukuru?

ICIGWA CA 10

Guhindura ijwi

Woshobora gute guhindura ijwi kugira userure neza ivyiyumviro no kugira ucangamure abakwumviriza?

ICIGWA CA 11

Gushwashwanuka

Ni gute wokoresha ubushwashwanutsi kugira ucangamure abakwumviriza wongere ubavyurire ingiro?

ICIGWA CA 12

Impuhwe n’ikibabarwe

Wokwereka gute abakwumviriza ko ubafitiye impuhwe n’ikibabarwe?

ICIGWA CA 13

Kwerekana akamaro k’ivyo wigisha

Ni gute woshikiriza ikiganiro cawe ku buryo abakwumviriza batahura akamaro kaco kandi bakumva bogira ico bakoze?

ICIGWA CA 14

Gushira ahabona ivyiyumviro nyamukuru

Nufashe abakwumviriza gukurikira, gutahura no kwibuka ivyo ubigisha mu gushira ahabona ivyiyumviro nyamukuru.

ICIGWA CA 15

Kuvugana ubujijutsi

Ni ibiki vyogufasha kuvugana ubujijutsi igihe utanga insiguro canke igihe uri mu ndimiro?

ICIGWA CA 16

Imvugo iremesha

Ni ibintu bitatu ibihe dukwiye kwitwararika kugira imvugo yacu ibe iyiremesha n’iyitanga icizigiro?

ICIGWA CA 17

Imvugo itahurika

Ni ibiki wokora kugira abakwumviriza batahure ivyo uriko urabigisha?

ICIGWA CA 18

Gushikiriza amakuru yigisha

Ni gute wotuma abakwumviriza bazirikana ku vyo uriko urababwira ku buryo bumva ko bize ikintu c’ingirakamaro?

ICIGWA CA 19

Gukora ku mutima abakwumviriza

Ni gute wotuma abakwumviriza bipfuza gukora ivyiza?

ICIGWA CA 20

Insozero nziza

Waba uri mu ndimiro canke ku makoraniro, ni intumbero iyihe insozero yawe ikwiye gushikako?

Raba kandi

IBITABU N’UDUTABU

Niwijukire gusoma no kwigisha

Aka gatabu kagenewe kugufasha kuryohora ubuhanga bwawe bwo gusomera imbere y’abantu, kuvuga no kwigisha.