Amavidewo yerekana incamake y’ibitabu vyo muri Bibiliya
Ibintu nyamukuru biranga buri gitabu co muri Bibiliya.
Incamake ya Bibiliya
Nurabe ingene ibitabu vyose bigize Bibiliya bishigikira iciyumviro nyamukuru cayo, ni ukuvuga ingene Ubwami buyobowe na Kristu Yezu buzokwemeza izina rya Yehova.
Incamake y’igitabu c’Itanguriro
Igitabu c’Itanguriro kirimwo amakuru ahambaye ajanye n’inkomoko y’abantu be n’igituma hariho imibabaro n’urupfu.
Incamake y’igitabu co Kuvayo
Nurabe ingene Imana yarokoye Abisirayeli mu kubakura mu buja mu Misiri maze ibagira ihanga ryamwiyeguriye.
Incamake y’igitabu co Guharūra
Nurabe ingene bihambaye cane kugamburukira Yehova no kwubaha abagenywe kugira baje imbere abasavyi biwe.
Incamake y’igitabu c’Abalewi
Raba ingene igitabu c’Abalewi kidondora ubweranda bw’Imana be n’igituma bihambaye cane ko ubwacu tuba beranda.
Incamake y’igitabu ca Yosuwa
Nurabe ukuntu Abisirayeli bigarurira bakongera bakagabangana igihugu bahawe n’Imana.
Incamake y’igitabu co Gusubira mu vyagezwe
Nurabe ingene Itegeko Yehova yahaye Isirayeli ryerekana ko akunda cane abasavyi biwe.
Incamake y’igitabu c’Abacamanza
Iki gitabu cigana ibikorwa vyinshi, kikaba citirirwa abagabo b’umutima rugabo n’ukwizera Imana yakoresheje mu kurokora Abisirayeli mu maboko y’ababahahaza.
Incamake y’igitabu ca Rusi
Igitabu ca Rusi cigana ibijanye n’urukundo rudahemuka umugore akiri muto w’umupfakazi yagaragarije inabukwe w’umupfakazi hamwe n’ukuntu Yehova yabahaye impera bompi.
Incamake y’igitabu ca 1 Samweli
Raba ingene Abisirayeli bavuye mu kiringo c’Abacamanza bakaja mu kiringo c’abami.
Incamake y’igitabu ca 2 Samweli
Nurabe ukuntu ukwicisha bugufi n’ukwizera kwa Dawidi vyatumye aba umwe mu bantu bavugwa muri Bibiliya bakundwa cane kandi bazwi cane.
Incamake y’igitabu ca 1 Abami
Raba ivyerekeye Isirayeli mu misi y’ubuninahazwa n’ugutekanirwa ku ngoma y’Umwami Salomo no mu misi idurumbanye y’ubwami bwa Yuda na Isirayeli.
Incamake y’igitabu ca 2 Abami
Raba ukuntu ubuhuni bwononye ubwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko, mu gihe Yehova yahezagiye bakeyi bamukoreye n’umutima ukwiye.
Incamake y’igitabu ca 1 Ngoma
Nurabe ubuzima buhimbaye bw’Umwami Dawidi umwe sekuruza w’imiryango yatinya Imana, uhereye igihe yimikwa ngo abe umwami wa Isirayeli gushika apfuye.
Incamake y’igitabu ca Ezira
Yehova yarashikije umuhango wiwe wo gukura abasavyi biwe i Babiloni no gusubizaho ugusenga kw’ukuri i Yeruzalemu.
Incamake y’igitabu ca Nehemiya
Igitabu ca Nehemiya kirigisha ivyigwa ngirakamaro abasavyi b’Imana b’ukuri.
Incamake y’igitabu ca Esiteri
Ivyabaye mu gihe ca Esiteri birakomeza ukwizera ufise yuko Yehova Imana ashoboye kurokora abasavyi biwe mu bigeragezo muri iki gihe.
Incamake y’igitabu ca Yobu
Abakunda Yehova bose barashikirwa n’ibigeragezo. Inkuru ya Yobu iradusubiriza umutima mu nda yuko dushobora kuguma turi intahemuka tugashigikira ubusegaba bwa Yehova.
Incamake y’igitabu ca Zaburi
Igitabu ca Zaburi kirashigikira ubukuru bwa Yehova nka we Segaba, kirimwo imfashanyo n’impumurizo aha abamukunda kikerekana n’ingene isi izohinduka biciye ku Bwami bwiwe.
Incamake y’igitabu c’Imigani
Raba impanuro ziva ku Mana zijanye n’ibintu nka vyose vyo mu buzima. Uri ivy’urudandaza, ivy’umuryango, n’ibindi.
Incamake y’igitabu c’Umusiguzi
Igitabu c’Umusiguzi kirashira ahabona ibintu bihambaye mu buzima kikerekana n’ingene ivyo bintu bitandukanye n’ibintu bitisunga ubukerebutsi buva ku Mana.
Incamake y’Indirimbo ya Salomo
Urukundo rudahemuka Umushulamukazi yakunda umusore w’umwungere rugereranywa n’“urubeya rwa Ya.” Kubera iki?
Incamake y’igitabu ca Yesaya
Yesaya ni igitabu kirimwo ubuhanuzi butuma turushiriza kwizigira Yehova we ashitsa ivyo yasezeranye, akaba n’Imana y’ubukiriro bwacu.
Incamake y’igitabu ca Yeremiya
Yeremiya yarabandanije akorera Yehova nk’umuhanuzi naho yari mu bihe bigoye. Zirikana ingene abera akarorero keza abakirisu muri iki gihe.
Incamake y’igitabu co Gucura intimba
Mu gitabu co Gucura intimba Yeremiya yanditse, yarerekanye intuntu yagize kubera isangangurwa rya Yeruzalemu n’ingene ukwigaya gutuma turonka imbabazi z’Imana.
Incamake y’igitabu ca Ezekiyeli
Ezekiyeli yarashikije igikorwa cose Imana yamuhaye abigiranye ukwicisha bugufi n’umutima rugabo naho bitari vyoroshe. Aratubera akarorero keza.
Incamake y’igitabu ca Daniyeli
Daniyeli na bagenziwe bagumye ari intahemuka kuri Yehova mu vyabashikiye vyose. Akarorero kabo be n’iranguka ry’ubuhanuzi biradufasha cane muri iki gihe c’iherezo.
Incamake y’igitabu ca Hoseya
Igitabu ca Hoseya kirimwo ivyigwa bihambaye kuri twebwe muri iki gihe ku bijanye n’imbabazi Yehova agirira abanyakibi bigaya be n’ugusenga yemera.
Incamake y’igitabu ca Yoweli
Yoweli yaravuze ibijanye n’“umusi wa Yehova” wimirije yongera aravuga ico umuntu yokora kugira arokoke. Ubu birihutirwa cane ko tuguma tugavye ku bijanye n’ubwo buhanuzi.
Incamake y’igitabu ca Amosi
Yehova yakoresheje uwo mugabo aciye bugufi mu gukora ibintu bihambaye. Ni ivyigwa bihambaye ibihe twigira kuri Amosi?
Incamake y’igitabu ca Obadiya
Ni co gitabu gitoyi mu Vyanditswe vy’igiheburayo. Ico gitabu kiratanga icizigiro, kikanasezerana ko ubutegetsi bwa Yehova buzokwemezwa.
Incamake y’igitabu ca Yona
Uwo muhanuzi yaremeye gukosorwa, ararangura igikorwa yashinzwe, ariga n’icigwa gikomeye ku bijanye n’urukundo rudahemuka rw’Imana n’imbabazi zayo. Ivyamushikiye biraza kugukora ku mutima.
Incamake y’igitabu ca Mika
Ubu buhanuzi bwahumetswe n’Imana buradukura amazinda yuko Yehova adusaba ibitegereka kandi bitugirira akamaro.
Incamake y’igitabu ca Nahumu
Ubwo buhanuzi butuma twizigira ko Yehova yama ashitsa ijambo ryiwe be n’uko aruhurira abo bose baronderera amahoro n’ubukiriro ku Bwami bwiwe.
Incamake y’igitabu ca Habakuki
Turashobora kwizigira ko Yehova yama azi igihe kibereye n’uburyo bwiza bwo kurokora abasavyi biwe.
Incamake y’igitabu ca Zefaniya
Kubera iki dukwiye kwirinda kwiyumvira yuko umusi w’urubanza wa Yehova utazoshika?
Incamake y’igitabu ca Hagayi
Iki gitabu kirerekana akamaro ko gushira ivyungura Ubwami imbere y’ivyacu bwite.
Incamake y’igitabu ca Zekariya
Ibintu bitandukanye yeretswe hamwe n’ubuhanuzi yavuze vyarakomeje abasavyi b’Imana bo muri kahise. Ubwo buhanuzi nyene n’ubu buratwemeza ko Yehova adushigikiye muri kino gihe.
Incamake y’igitabu ca Malaki
Ni ubuhanuzi bwerekeye ingingo ngenderwako za Yehova zidahindagurika, imbabazi ziwe be n’urukundo rwiwe. Ubwo buhanuzi burimwo kandi ivyigwa bihambaye twokurikiza muri kino gihe.
Incamake y’igitabu ca Matayo
Numenye ibintu nyamukuru vyerekeye iki gitabu co muri Bibiliya. Ni co ca mbere muri za Njili zine.
Incamake y’igitabu ca Mariko
Igitabu ca Mariko ni co gitoyi muri za Njili zine, kirimwo inkuru yerekana ivyo Yezu azorangura igihe azoba atwara Ubwami bw’Imana.
Incamake y’igitabu ca Luka
Ni amakuru ayahe aboneka gusa mu Njili ya Luka?
Incamake y’igitabu ca Yohani
Inkuru ya Yohani ishimika ku rukundo Yezu adukunda, ku karorero kiwe ko kwicisha bugufi no ku bintu bimuranga ko ari we Mesiya, Umwami w’Ubwami bw’Imana.
Incamake y’igitabu c’Ivyakozwe n’intumwa
Abakirisu bo mu ntango barakoze cane kugira bahindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa. Igitabu c’Ivyakozwe kirashobora gutuma wongereza umwete n’igishika ufitiye ubusuku
Incamake y’igitabu c’Abaroma
Igitabu gishimika ku kuntu Yehova atagira nkunzi be n’igituma bihambaye kwizera Yezu Kristu.
Incamake y’igitabu ca 1 Abakorinto
Ikete Paulo yanditse, ririmwo impanuro yahumetswe ijanye n’ukuntu twogiranira ubumwe, ingene twoguma tudahumanye, ibijanye n’urukundo be n’ukwizera izuka.
Incamake y’igitabu ca 2 Abakorinto
Yehova “ya Mana y’uruhoza rwose” araremesha akongera agashigikira abasavyi biwe.
Incamake y’igitabu c’Abagalatiya
Ikete Paulo yandikiye Abagalatiya riracari ngirakamaro no muri iki gihe nk’uko ryari igihe ryandikwa. Rirashobora gufasha abakirisu bose b’ukuri kuguma ari abizigirwa.
Incamake y’igitabu c’Abafilipi
Igihe tugumye turi intahemuka mu bigeragezo, birashobora kuremesha abandi kuguma bashikamye.
Incamake y’igitabu c’Abakolosayi
Turashobora kuninahaza Yehova mu gushira mu ngiro ivyo twiga, mu kubabarirana ata gahigihigi, no mu kwemera ikibanza be n’ubukuru Yezu afise.
Incamake y’igitabu ca 1 Abatesalonika
Dukwiye kuguma turi maso mu vy’impwemu, ‘kwiyemeza neza ibintu vyose, gusenga ubudahengeshanya’ no kuremeshanya.
Incamake y’igitabu ca 2 Abatesalonika
Paulo arakosora ivyiyumviro bitari vyo bamwe bari bafise ku vyerekeye ukuza kw’umusi wa Yehova, akaremesha abavukanyi kuguma bashikamye mu kwizera.
Incamake y’igitabu ca 1 Timoteyo
Paulo yanditse ikete rya 1 Timoteyo kugira yerekane ingene ibintu bikwiye gutunganywa mw’ishengero no kugira arigabishe ku nyigisho z’ikinyoma no ku rukundo rw’amahera.
Incamake ya 2 Timoteyo
Paulo aremesha Timoteyo kurangura ubusuku bwiwe bimwe bishitse.
Incamake y’igitabu ca Tito
Ikete Paulo yandikiye Tito riravuga ibijanye n’ingorane zari mu mashengero y’i Kirete, rikerekana na kamere z’ivy’impwemu abakurambere basabwa.
Incamake y’igitabu ca Filemoni
Iri kete rigufi yamara rihambaye, ririmwo ivyigwa ngirakamaro bijanye no kwicisha bugufi, kugira ubuntu no kubabarira abandi.
Incamake y’igitabu c’Abaheburayo
Ugusenga kw’abakirisu gushingiye ku bintu biruta kure n’iyo insengero zubatswe n’abantu be n’ibimazi vy’ibitungwa.
Incamake y’igitabu ca Yakobo
Yakobo arakoresha ibigereranyo bitomoye kugira atwigishe ingingo ngenderwako zihambaye.
Incamake y’igitabu ca 1 Petero
Ikete rya mbere Petero yanditse riraturemesha gukorana umwete no guterera amaganya yacu yose ku Mana.
Incamake y’igitabu ca 2 Petero
Ikete rya kabiri rya Petero rituremesha kuba intahemuka uko turindira amajuru mashasha n’isi nshasha.
Incamake y’igitabu ca 1 Yohani
Iryo kete Yohani yanditse riratugabisha ku bijanye na ba antikristu kandi rikadufasha kubona ico dukwiye gukunda n’ico twokwanka.
Incamake y’igitabu ca 2 Yohani
Ikete rya kabiri rya Yohani riratwibutsa kubandanya tugendera mu kuri no kwiyamiriza abahendanyi.
Incamake y’igitabu ca 3 Yohani
Ikete rigira gatatu rya Yohani ririgisha abakirisu icigwa gihambaye co kuba abakiranyi.
Incamake y’igitabu ca Yuda
Yuda arashira ahabona uburyo abagomba guhenda canke gucafuza abakirisu bakoresha.
Incamake y’igitabu c’Ivyahishuwe
Amayerekwa akabura yo mu gitabu c’Ivyahishuwe arerekana ukuntu Ubwami bw’Imana buzoshitsa umugambi Imana ifitiye abantu be n’isi.