1 Samweli 2:1-36

2  Hanyuma Hana arasenga+, avuga ati:“Umutima wanje urirata koko kubera Yehova+,Emwe, ihembe ryanje rishizwe hejuru biciye kuri Yehova+.Akanwa kanje kasamiye kwishura abansi banje,Kuko nezerererwa koko ubukiriro bwawe+.   Nta n’umwe ari mweranda nka Yehova, kuko ata n’umwe ariho kiretse wewe+;Kandi nta gitandara kiriho kimeze nk’Imana yacu+.   Ntimuvuge menshi mubigiranye ubwibone bwinshi gutyo,Ntihagire ikintu akanwa kanyu kavugana ugushirukanya+,Kuko Yehova ari Imana y’ubumenyi+,Kandi ibikorwa arabigera ata karenganyo+.   Abagabo b’abanyenkomezi b’abanyamuheto bacitse ivutu+,Mugabo ab’intege nke bakenyera inkomezi+.   Abahaze bategerezwa kwikotesha ngo baronke umukate+,Mugabo abashonje bareka vy’ukuri gusonza+.Mbere ingumba yibarutse indwi+,Mugabo uwari afise abahungu benshi arayamye+.   Yehova ni Uwica akaba n’Uwuzigama ubuzima+,Uwumanura mu kuzimu*+ akaba n’Uwukurayo+.   Yehova ni Uwukenesha+ akaba n’Uwutungisha+,Uwucisha bugufi akaba n’Uwushira hejuru+,   Uwushira hejuru umuntu mutoyi amukuye mu mukungugu+;Aduza umworo amukuye mu kinogo c’umunyota+,Kugira abicarike hamwe n’abanyacubahiro; abaha intebe y’ubwami y’ubuninahazwa+ ngo bayigabire+.Kuko ibishigikiye isi+ ari ivya Yehova,Kandi abishirako ubutaka bwimbuka.   Arinda ibirenge vy’intahemuka ziwe+;Nayo ababisha, banumirizwa mu mwiza+, Kuko umuntu atanesha biciye ku nkomezi+. 10  Nayo Yehova, abanigana na we bazotekerwa n’ubwoba+;Azobaturagarira ari mw’ijuru+.Yehova ubwiwe azocira urubanza impera z’isi+,Kugira ngo ahe inkomezi umwami wiwe+,Kugira ngo ashire hejuru ihembe ry’uwo yarobanuje amavuta*+.” 11  Maze Elikana aja i Rama ku nzu iwe; nayo nya gahungu, kaba agasuku+ ka Yehova imbere ya Eli umuherezi. 12  Kandi bene Eli bari abantu b’imburakimazi+; ntibemera icese Yehova+. 13  Nayo ku bijanye n’ivyo abaherezi bari bafitiye uburenganzira vyava ku bantu+, igihe cose hagize umuntu ashikana ikimazi, umusuku w’umuherezi yaraza afise ikanya y’amenyo atatu mu kuboko, igihe nyene inyama zaba ziriko ziratogota+, 14  agacumita mw’ibesani canke mu nkono y’ibigōmbo bibiri canke mu gisafuriya canke mu nkono y’ikigōmbo kimwe. Ikintu cose nya kanya yaduza, umuherezi yaracitwarira. Ukwo ni ko bakora i Shilo ku Bisirayeli bose baza ng’aho+. 15  Vyongeye, n’imbere y’uko bafumbisha ikinure umwotsi+, umusuku w’umuherezi yaraza maze akabwira umuntu yaba atanze ikimazi ati: “Tanga inyama zo gutarira umuherezi kugira ngo ntumuhe inyama zitetse, ariko umuhe mbisi+.” 16  Nya muntu amubwiye ngo: “Reka babanze bafumbishe ikinure umwotsi+, uheze utware izo umutima wawe uhahamiye zose+,” yaca avuga ati: “Oya, ahubwo ukwiye kuzitanga ubu; atari ukwo, ndazitwara ku nguvu+!” 17  Nuko igicumuro ca nya basuku kiba igikomeye cane imbere ya Yehova+; kuko abo bagabo bagaya ishikanwa rya Yehova+. 18  Kandi Samweli yakorera+ imbere ya Yehova, ari agahungu gakenyeye efodi* y’ilino+. 19  Vyongeye, nyina yaramukorera umwitero mutoya utagira amaboko, akawumuduganira ku mwaka ku mwaka, igihe yaba aduganye n’umugabo wiwe gushikana ikimazi ca buri mwaka+. 20  Eli ahezagira+ Elikana n’umugore wiwe, avuga ati: “Yehova aguhe uruvyaro kuri uyu mugore mu kibanza ca ya ntizo yatizwa Yehova+.” Nuko baja iwabo. 21  Yehova yitaho rero Hana+, ku buryo yibungenga hanyuma akavyara abahungu batatu n’abakobwa babiri+. Nuko ka gahungu Samweli kabandanya gukurira imbere ya Yehova+. 22  Kandi Eli yari ashaje cane; yari yarumvise+ ibintu vyose abahungu biwe baguma bakorera+ Isirayeli yose be n’ukuntu baryamana n’abagore+ bakorera ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro+. 23  Yababwira ati+: “Kubera iki muguma mukora ibintu nk’ivyo+? Kuko ibintu ndabumvako mu bantu bose ari bibi+. 24  Oya+, bane banje, kuko inkuru numva atari nziza, iyo abantu ba Yehova bariko barakwiragiza+. 25  Umuntu acumuye ku muntu+, Imana yobijamwo ikamubera umucamanza+; mugabo umuntu acumuye kuri Yehova+, ni nde azomusengera+?” Mugabo ntibumviriza ijwi rya se+, kuko Yehova ico gihe yari ahimbawe no kubica+. 26  Muri ico gihe, ako gahungu Samweli karushiriza gukura no gushimwa imbere ya Yehova n’imbere y’abantu+. 27  Nuko umuntu w’Imana+ aza kuri Eli, amubwira ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Mbega sinihishuriye koko inzu ya sogokuruza wawe igihe bari mu Misiri ari abashumba b’inzu ya Farawo+? 28  Kandi bamuntoreye mu miryango yose ya Isirayeli+, ngo akore ari umuherezi maze aduge ku gicaniro* canje+ gutuma umwotsi w’ibimazi uduga, ngo yambare efodi imbere yanje, kugira ngo mpe inzu ya sogokuruza wawe amashikanwa yose ashikanishwa umuriro ya bene Isirayeli+. 29  Ni kubera iki muguma mutera umugere ikimazi canje+ n’ishikanwa ryanje nategetse aho mba+, kandi ukaguma utera iteka abahungu bawe kunduta, mu kwidohesha ubwanyu+ ku vyiza kuruta ibindi vyose vyo mu mashikanwa y’abantu banje Isirayeli+? 30  “‘Ni co gituma Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Nari naravuze koko nti: Inzu yawe n’inzu ya sogokuruza wawe zizogendera imbere yanje gushika igihe kitagira urugero+.” Mugabo ubu Yehova avuze ati: “Ni ibitokwiyumvirwa kuri jewe, kuko abantera iteka+ nzobatera iteka+, ariko abansuzugura bazoba ab’agaciro gato+.” 31  Ehe imisi iraje aho nzokuraho ububasha bwawe n’ububasha bw’inzu ya sogokuruza wawe, kugira ngo ntihazobeho umutama mu nzu yawe+. 32  Emwe, uzokwitegereza uwukurwanya aho mba hagati mu vyiza vyose bigirirwa Isirayeli+; ntihazokwigera habaho umutama mu nzu yawe. 33  Yamara, hariho umugabo wo mu bawe ntazorandura kugira abe hafi y’igicaniro canje, kugira ngo ntume amaso yawe agwabira nongere ntume ugoyagoya; mugabo benshi mu nzu yawe, bose bazokwicwa n’inkota y’abantu+. 34  Iki ni co kizokubera ikimenyetso c’ivyo, kandi kizoza ku bahungu bawe babiri, Hofuni na Finehasi+: Bompi bazopfira umusi umwe+. 35  Kandi nzokwihagurukiriza umuherezi+ w’umwizigirwa. Azokora ahuza n’ibiri mu mutima wanje be n’ivyo ngomba; emwe, nzomwubakira inzu iramba, na we azokwama agendera imbere y’uwo narobanuje amavuta+. 36  Uwuzosigara wese+ mu nzu yawe azoza amwunamire arondera guhembwa amahera n’akamanyu k’umukate k’umuzingi, avuge koko ati: “Ndakwinginze unshire kuri rimwe mu mabanga ajanye n’ubuherezi, kugira ngo ndye ikimanyu c’umukate+.”’”

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo ni “Sheoli” (she’ohlʹ). Raba Inyongera ya 7.
Raba Inyongera ya 21.
Biboneka ko cari icambarwa kimeze nk’itaburiya kigizwe n’igihimba c’imbere n’ic’inyuma.
Raba Inyongera ya 21.