2 Ngoma 22:1-12
22 Maze ababa i Yeruzalemu bimika Ahaziya+ umuhungu wiwe w’umuhererezi ngo abe umwami mu kibanza ciwe (kuko ka kagwi k’abambuzi kazanana n’Abarabu+ kw’ikambi kari karishe bakuruwe bose+,) maze Ahaziya mwene Yehoramu atangura kuganza ari umwami wa Yuda.
2 Ahaziya yari afise imyaka mirongo ibiri n’ibiri igihe yatangura kuganza+, amara umwaka umwe aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Ataliya+ umwuzukuru wa Omuri+.
3 Na we nyene agendera mu nzira z’inzu ya Ahabu+, kuko nyina+ ari we yamubereye umujanama mu vyo gukora ivy’ububisha.
4 Abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova, nk’inzu ya Ahabu, kuko ari bo bamubereye abajanama+ se wiwe amaze gupfa, bikamukwegera guhona.
5 Agendera kandi mu mpanuro yabo+, ku buryo ajana na Yehoramu+ mwene Ahabu umwami wa Isirayeli mu ntambara yo kurwanya Hazayeli+ umwami wa Siriya i Ramoti-gileyadi+, ari yo abarashi barasiyemwo Yehoramu+.
6 Nuko uno aragaruka kugira ngo yivurize i Yezireyeli+ ibikomere bari bamuteje i Rama*+ igihe yarwanya Hazayeli umwami wa Siriya.
Nayo Azariya*+ mwene Yehoramu+ umwami wa Yuda, amanuka kuraba Yehoramu+ mwene Ahabu i Yezireyeli, kuko yari arwaye+.
7 Mugabo ugutemba kwa Ahaziya kwavuye ku Mana+, igihe yaza kwa Yehoramu; ashitse, asohokana+ na Yehoramu baja kuri Yehu+ umwuzukuru wa Nimushi+, uwo Yehova yari yararobanuje amavuta+ kugira arandure inzu ya Ahabu+.
8 Yehu akimara kugiranira amatati n’inzu ya Ahabu+, abona abaganwa ba Yuda n’abahungu ba bene wabo na Ahaziya+, abasuku ba Ahaziya, aca arabica+.
9 Maze atangura kurondera Ahaziya, amaherezo baramufata+, igihe yari yinyegeje i Samariya+, baraheza bamuzanira Yehu. Nuko baramwica maze baramuhamba+, kuko bavuze bati: “Ni umwuzukuru wa Yehoshafati+, uwarondeye Yehova n’umutima wiwe wose+.” Ntihagira n’umwe wo mu nzu ya Ahaziya asigarana ububasha bwo kuganza ubwami.
10 Nayo Ataliya+ nyina wa Ahaziya, abona ko umuhungu wiwe yari yapfuye. Arahaguruka rero, atikiza abo mu nda y’ingoma* bose b’inzu ya Yuda+.
11 Ariko Yehoshabeyati+ umukobwa w’umwami atora Yehowasi+ mwene Ahaziya, amwiba mu bahungu b’umwami bari kwicwa, maze we hamwe n’umurezi wiwe abashira mu cumba kigenewe uburiri. Yehoshabeyati umukobwa w’Umwami Yehoramu+, umugore wa Yehoyada+ umuherezi (kuko yari mushiki wa Ahaziya), aguma amunyegeje kubera Ataliya, ntiyamwica+.
12 Agumana na bo mu nzu y’Imana y’ukuri, anyegejwe mu kiringo c’imyaka itandatu+, mu gihe Ataliya yaganza igihugu+ ari umwamikazi+.