2 Ngoma 27:1-9
27 Yotamu+ yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yatangura kuganza, amara imyaka cumi n’itandatu aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yerusha+ umukobwa wa Zadoki.
2 Aguma akora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+, yisunze ivyo Uziya se wiwe yari yarakoze vyose+. Gusa, we ntiyavogera urusengero rwa Yehova+. Ariko abantu bari bagikora ibintu bikwega guhona+.
3 Ni we yubatse irembo ryo haruguru+ ry’inzu ya Yehova, yubaka n’ibintu vyinshi ku ruhome rw’i Ofeli+.
4 Yubaka ibisagara+ mu karere k’imisozi ka Yuda+, yubaka no mu mashamba+ ibibanza bikingijwe ibihome+ be n’iminara+.
5 Ni we yarwanije bene Amoni+, amaherezo abarusha inkomezi, ku buryo bene Amoni bamuha muri uwo mwaka italanto ijana z’ifeza, n’ingero ibihumbi cumi za koro*+ z’ingano+, n’ingero ibihumbi cumi za koro za sayiri+. Ivyo ni vyo bene Amoni bamurishe, be no mu mwaka ugira kabiri no mu wugira gatatu+.
6 Gutyo Yotamu aguma yikomeza, kuko yategura inzira ziwe imbere ya Yehova Imana yiwe+.
7 Nayo ibisigaye mu vya Yotamu+ n’intambara ziwe zose n’inzira ziwe, ehe vyanditswe mu Gitabu+ c’Abami ba Isirayeli n’aba Yuda.
8 Yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka cumi n’itandatu aganza i Yeruzalemu+.
9 Amaherezo Yotamu aryama hamwe na ba sekuruza biwe+, maze bamuhamba mu Gisagara ca Dawidi+. Nuko Ahazi+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.
Utujambo tw'epfo
^ Koro imwe yangana n’amalitiro 220.