2 Ngoma 28:1-27
28 Ahazi+ yari afise imyaka mirongo ibiri igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka cumi n’itandatu aganza i Yeruzalemu+, ntiyakora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova nka Dawidi sekuruza+.
2 Mugabo agendera mu nzira z’abami ba Isirayeli+, mbere akora ibishushanyo vya za Bayali+ mu cuma gishongeshejwe+.
3 We ubwiwe afumbisha umwotsi w’ibimazi+ mu mubande wa mwene Hinomu+ atangura no guturirira abahungu biwe+ mu muriro, yisunze ibintu biteye ishishi+ vy’amahanga Yehova yari yarirukanye imbere ya bene Isirayeli+.
4 Kandi yama ashikana ibimazi+ akongera agafumbishiriza umwotsi w’ibimazi ku bibanza bikirurutse+ no ku mirambi+ no munsi y’ubwoko bwose bw’igiti gitotahaye+.
5 Ku bw’ivyo Yehova Imana yiwe amutanga mu kuboko+ kw’umwami wa Siriya+, ku buryo bamukubita, bagakura iwe imbohe nyinshi bakazijana i Damasiko+. Vyongeye, atangwa mu kuboko kw’umwami wa Isirayeli+, ku buryo amukubitisha ugusasika gukomeye.
6 Nuko Peka+ mwene Remaliya+ yica muri Yuda abantu ibihumbi ijana na mirongo ibiri ku musi umwe, bose bakaba bari abagabo b’intwari, kuko bari bahevye Yehova+ Imana ya ba sekuruza babo.
7 Vyongeye, Zikiri umugabo w’umunyenkomezi wo muri Efurayimu+, yica Mayaseya umuhungu w’umwami na Azirikamu indongozi y’urugo na Elikana uwagira kabiri ku mwami.
8 N’ikindi kandi, bene Isirayeli bagira imbohe abantu ibihumbi amajana abiri bo muri bene wabo, abagore, abahungu n’abakobwa; vyongeye, babasahura isahu ryinshi, hanyuma bajana nya sahu i Samariya+.
9 Kandi ng’aho hari umuhanuzi wa Yehova yitwa Odedi. Arasohoka rero aja imbere y’ingabo zari zije i Samariya, azibwira ati: “Ehe, ubushangashirwe+ Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu yagiriye Yuda ni bwo bwatumye ibatanga mu kuboko kwanyu, mwica abantu muri bo mubigiranye ubushangashirwe+ bwaduze gushika mu majuru+.
10 Ubu na ho abahungu ba Yuda n’aba Yeruzalemu mugomba kubigirira abasuku+ n’abasukukazi. Yamara none, muri mwebwe ubwanyu nta vyaha bihari bibagīra kuri Yehova Imana yanyu?
11 Ubu rero nimunyumvirize, imbohe mwafashe muri bene wanyu muzisubize+, kuko ishavu rirurumba rya Yehova riri kuri mwebwe+.”
12 Nuko abagabo bamwe bo mu bakuru+ ba bene Efurayimu+, ari bo Azariya mwene Yehohanani na Berekiya mwene Meshilemoti na Yehizikiya mwene Shalumu na Amasa mwene Hadilayi, bahagurukira abari baje bavuye mw’isekeza rya gisirikare,
13 bababwira bati: “Ntimuzane izo mbohe ng’aha, kuko ivyo bizotuma twagirwa n’icaha kuri Yehova. Mugomba kwongereza ibicumuro vyacu n’ivyaha vyacu, kuko ivyaha dufise ari vyinshi+ kandi Isirayeli ikaba ifitiwe ishavu rirurumba+.”
14 Nuko nya bagabo bafise ibirwanisho+ basiga nya mbohe+ na nya sahu imbere y’abaganwa+ n’ishengero ryose.
15 Maze abantu bari bavuzwe amazina+ barahaguruka, bafata nya mbohe, kandi abo muri zo bari gusa babambika izivuye muri nya sahu. Nuko barabambika+, babaronsa inkweto* bongera barabagaburira+, babaha n’ivyo banywa+, baraheza babasiga amavuta. Vyongeye, abayumbayumba bose babatwara+ ku ndogobwa maze babajana i Yeriko+, igisagara c’ibigazi+, iruhande ya bene wabo. Hanyuma basubira i Samariya+.
16 Ico gihe Umwami Ahazi+ atuma ku bami ba Ashuri+ ngo bamutabare.
17 Nuko Abanyedomu+ bongera kuza, batangura gusasika Yuda maze batwara imbohe.
18 Nayo Abafilisitiya+, bagaba igitero ku bisagara vyo muri Shefela*+ n’i Negebu+ ha Yuda maze bafata Beti-shemeshi+ na Ayaloni+ na Gederoti+ na Soko+ n’ibisagara bihakukira na Timuna+ n’ibisagara bihakukira na Gimuzo n’ibisagara bihakukira; hanyuma babayo.
19 Nkako Yehova yaracisha bugufi+ Yuda kubera Ahazi umwami wa Isirayeli, kuko uno yareka ukwirekura kukongerekana muri Yuda+, kandi hakaba hari uguhemukira Yehova bikomeye.
20 Amaherezo Tilugati-piluneseri+ umwami wa Ashuri aza kumutera maze amuteza amarushwa+, ntiyamukomeza.
21 Kuko Ahazi yakovye inzu ya Yehova+ n’inzu y’umwami+ n’iz’abaganwa+, gutyo agaha ingabirano umwami wa Ashuri+; mugabo ivyo nta co vyamufashije.
22 Ariko mu gihe yariko amuteza amarushwa, arushiriza guhemuka kuri Yehova, uwo na we akaba ari Umwami Ahazi+.
23 Atangura gushikanira ibimazi imana+ za Damasiko+ zariko zimukubita, akaguma avuga ati: “Kubera ko imana z’abami ba Siriya ziriko zirabatabara+, hinge ndazishikanire ibimazi kugira zintabare+.” Mugabo zino ziba ari zo zimubera igitsitaza, we na Isirayeli yose+.
24 Vyongeye, Ahazi akoraniriza hamwe ibikoresho+ vyo mu nzu y’Imana y’ukuri, atemagura ivyo bikoresho vyo mu nzu y’Imana y’ukuri+, yugara imiryango+ y’inzu ya Yehova, araheza yiyubakira ibicaniro mu mfuruka zose z’i Yeruzalemu+.
25 Kandi mu bisagara vyose, egome, ibisagara vya Yuda, akora ibibanza bikirurutse+ kugira afumbishirize umwotsi w’ibimazi izindi mana+, gutyo ababaza+ Yehova Imana ya ba sekuruza biwe.
26 Nayo ibisigaye mu vyiwe+ n’inzira ziwe zose, ivya mbere n’ivya nyuma, ehe vyanditswe mu Gitabu+ c’Abami ba Yuda n’aba Isirayeli.
27 Amaherezo Ahazi aryama hamwe na ba sekuruza, hanyuma bamuhamba mu gisagara, i Yeruzalemu, kuko batamwinjije mu mva z’abami ba Isirayeli+. Nuko Hezekiya umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.