2 Ngoma 29:1-36

29  Hezekiya+ yabaye umwami afise imyaka mirongo ibiri n’itanu, maze amara imyaka mirongo ibiri n’icenda aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Abiya umukobwa wa Zekariya+.  Aguma akora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+, yisunze ivyo Dawidi sekuruza yari yarakoze vyose+.  Ni we yuguruye mu mwaka wa mbere w’ingoma yiwe, mu kwezi kwa mbere, imiryango y’inzu ya Yehova hanyuma atangura kuyisanasana+.  Maze azana abaherezi n’Abalewi, abakoraniriza mu kibanza co hanze+ amaja mu buseruko.  Hanyuma ababwira ati: “Nimunyumvirize, yemwe Balewi. Nimwiyeze+ rero mwongere mweze inzu ya Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu, maze musohore ikintu gihumanye mugikure ahantu heranda+.  Kuko ba data bahemutse+, bagakora ivyari bibi mu maso ya Yehova Imana yacu+, ku buryo bamuhevye+, bagakura amaso yabo kw’itaberenakulo ya Yehova+, bakamuha ibitugu.  Mbere barugaye imiryango+ y’ibaraza kandi baguma bazimije amatara+, ntibaturira imibavu+ kandi Imana ya Isirayeli ntibayishikanira ikimazi giturirwa ahantu heranda+.  Maze uburakari+ bwa Yehova buza kuri Yuda na Yeruzalemu, ku buryo abagira akajugumiza+ akabagira n’akajoreza+ be n’abo kuvugiriza agahwa+, nk’uko muvyibonera n’amaso yanyu.  None ehe ba sogokuruza bacu baragwishijwe n’inkota+, kandi abahungu bacu n’abakobwa bacu n’abagore bacu baragizwe imbohe kubera ico+. 10  Ubu, mfise icipfuzo mu mutima wanje co kugirana isezerano+ na Yehova Imana ya Isirayeli, kugira ngo ishavu ryiwe rirurumba rituveko. 11  None rero bana banje, ntimwihe akaruhuko+, kuko ari mwebwe Yehova yatoye ngo muhagarare imbere yiwe kugira ngo mumukorere+ no kugira ngo mubandanye kuba abasuku biwe+ n’abamufumbishiriza umwotsi w’ibimazi+.” 12  Abalewi+ baca barahaguruka, Mahati mwene Amasayi na Yoweli mwene Azariya bo mu bahungu b’Abakohati+; muri bene Merari+ hahaguruka Kishi mwene Abudi na Azariya mwene Yehaleleli; mu Bagerishoni+ hahaguruka Yowa mwene Zima na Edeni mwene Yowa; 13  muri bene Elizafani+ hahaguruka Shimuri na Yehuweli; muri bene Asafu+ hahaguruka Zekariya na Mataniya; 14  muri bene Hemani+ hahaguruka Yehiyele na Shimeyi; muri bene Yedutuni+ na ho hahaguruka Shemaya na Uziyeli. 15  Maze bakoraniriza hamwe bene wabo, bariyeza+ hanyuma baraza nk’uko ibwirizwa ry’umwami ryari+, bisunze amajambo ya Yehova, kugira ngo bahumanure+ inzu ya Yehova. 16  Nuko abaherezi binjira mu nzu ya Yehova kugira ngo bakore igikorwa c’uguhumanura, maze basohora imicafu yose basanze mu rusengero rwa Yehova bayishira mu kigo+ c’inzu ya Yehova. Abalewi na bo barayakira kugira bayijane mu mwonga Kidironi+ hanze. 17  Gutyo batangura iryo yeza ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, maze ku musi ugira umunani w’ukwo kwezi bashika kw’ibaraza+ rya Yehova; ku buryo beza inzu ya Yehova mu misi umunani, maze ku musi ugira cumi na gatandatu w’ukwezi kwa mbere+ bararangiza. 18  Inyuma y’ivyo binjira indani aho Hezekiya umwami ari hanyuma bavuga bati: “Twahumanuye inzu ya Yehova yose, n’igicaniro+ c’ishikanwa riturirwa be n’ibikoresho vyaco vyose+, n’imeza+ y’imikate igerekeranye be n’ibikoresho vyayo vyose+. 19  Ibikoresho vyose+ Umwami Ahazi+ yari yarakuye mu gikorwa mu gihe c’ingoma yiwe mu buhemu bwiwe+ twabiteguye twongera turavyeza+; ehe biri imbere y’igicaniro ca Yehova.” 20  Nuko Hezekiya+ umwami avyuka kare+ maze akoraniriza hamwe abaganwa+ b’igisagara hanyuma aduga ku nzu ya Yehova. 21  Bazana amashūri indwi+, n’impfizi z’intama indwi, n’imyagazi y’intama y’amasuguru indwi, n’amasuguru y’impene indwi, bwa shikanwa ry’igicumuro+ ku bw’ubwami no ku bw’aheranda no ku bwa Yuda. Nuko abwira bene Aroni abaherezi+ ngo babishikane ku gicaniro ca Yehova. 22  Bakerera+ rero nya nka, maze abaherezi bakira amaraso+ bayamijagira+ ku gicaniro; hanyuma bakerera nya mpfizi z’intama+ maze bamijagira amaraso+ ku gicaniro, bakerera na nya myagazi y’intama y’amasuguru maze bamijagira amaraso ku gicaniro. 23  Maze nya masuguru y’impene+ y’ishikanwa ry’igicumuro bayegeza hafi imbere y’umwami n’ishengero hanyuma bayarambikako ibiganza+. 24  Nuko abaherezi barayakerera, bashikana ku gicaniro ishikanwa ry’igicumuro bakoresheje amaraso yayo, kugira batangire impongano* Isirayeli yose+; kuko umwami yari yavuze ko ishikanwa riturirwa be n’ishikanwa ry’igicumuro bitangirwa+ Isirayeli yose+. 25  Muri ico gihe, ashira Abalewi+ mu nzu ya Yehova, bafise ivyuma bisāma+ n’ibicurarangisho vy’imirya+ n’inanga+, nk’uko vyategetswe na Dawidi+ na Gadi+ umubonyi w’umwami be na Natani+ umuhanuzi, kuko iryo bwirizwa ryari ryatanzwe n’ukuboko kwa Yehova biciye ku bahanuzi biwe+. 26  Abalewi baguma rero bahagaze bafise ibicurarangisho+ vya Dawidi, be n’abaherezi, bafise inzumbete+. 27  Maze Hezekiya avuga ko hashikanwa ku gicaniro ikimazi giturirwa; ishikanwa riturirwa ngo ritangure, ururirimbo+ rwa Yehova ruca ruratangura n’inzumbete nyene, ziyobowe n’ibicurarangisho vya Dawidi umwami wa Isirayeli. 28  Ishengero ryose ryari ryunamye+ mu gihe ururirimbo rwariko rusamirana+, inzumbete na zo zasirana—ivyo vyose birabandanya gushika ishikanwa riturirwa rirangiye. 29  Bakimara kurangiza kurishikana, umwami n’abari kumwe na we bose barunama, bakubita inkoro hasi+. 30  Nuko Hezekiya umwami n’abaganwa+ babwira Abalewi ngo bashemeze Yehova mu majambo ya Dawidi+ n’aya Asafu+ umubonyi. Batangura rero kumushemeza banezerewe+, baguma bunamye, bakubise inkoro hasi+. 31  Amaherezo Hezekiya yishura ati: “Ubu rero murujuje+ ukuboko kwanyu ububasha ku bwa Yehova. Nimwegere, muzane ku nzu ya Yehova ibimazi+ be n’ibimazi vy’ugukenguruka+.” Nuko ishengero ritangura kuzana ibimazi be n’ibimazi vy’ugukenguruka, kandi umuntu wese w’umutima ukunze azana amashikanwa aturirwa+. 32  Igitigiri c’amashikanwa aturirwa ishengero ryazanye kiba inka mirongo irindwi, impfizi z’intama ijana n’imyagazi y’intama y’amasuguru amajana abiri—ivyo vyose vyari ishikanwa riturirwa rihabwa Yehova+; 33  amashikanwa meranda na yo aba inka amajana atandatu n’ibitungwa ibihumbi bitatu vyo mu mukuku. 34  Ariko abaherezi+ baba bake cane, ntibashobora gukura urushato ku mashikanwa aturirwa yose+. Nuko bene wabo+, ari bo Balewi, barabafasha gushika igikorwa kirangiye+ no gushika abaherezi biyejeje+, kuko Abalewi bari barajwe ishinga cane+ no kwiyeza kuruta abaherezi. 35  Vyongeye, amashikanwa aturirwa+ yari menshi be n’ibikenye binuze+ vy’ibimazi vy’ugusangira+ be n’amashikanwa y’ikinyobwa+ aherekeza amashikanwa aturirwa. Ukwo ni ko igikorwa c’inzu ya Yehova categuwe+. 36  Nuko Hezekiya n’abantu bose banezerezwa n’uko Imana y’ukuri yari yagiriye abantu imyiteguro+, kuko ico kintu cari cabaye giturumbuka+.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.