2 Ngoma 3:1-17
3 Amaherezo Salomo atangura kwubaka inzu ya Yehova+ i Yeruzalemu ku musozi Moriya+, aho Yehova yari yarabonekeye Dawidi se wiwe+, mu kibanza Dawidi yari yarateguye ku mbuga y’ikubitiro ya Orunani+ Umuyebusi.
2 Nuko atangura kwubaka mu kwezi kugira kabiri, ku musi ugira kabiri, mu mwaka ugira kane w’ingoma yiwe+.
3 Uwu ni wo mushinge Salomo yashizeho ku bwo kwubaka inzu y’Imana y’ukuri: uburebure bwayo mu matambwe hisunzwe ingero ya kera bwari amatambwe* mirongo itandatu, ubwaguke na bwo amatambwe mirongo ibiri+.
4 Ibaraza+ ryari imbere y’iyo nzu, imbere y’ubwaguke bwayo, ryari rifise amatambwe mirongo ibiri, amahagarara yaryo na yo akaba amatambwe ijana na mirongo ibiri; nuko indani ayihomekako inzahabu itavanze.
5 Inzu nkuru+ na yo ayihomekako imbaho z’umuberoshi, hanyuma ayihomekako inzahabu nziza+, araheza ayishirako amashusho y’ibigazi+ n’iminyororo+.
6 Vyongeye, ahomeka kuri nya nzu amabuye y’agaciro kugira ngo ibe nziza+; kandi iyo nzahabu+ yari inzahabu yavuye mu gihugu c’inzahabu.
7 Abandanya guhomeka inzahabu+ kuri nya nzu, ku bigiga, ku minjiriro, ku mpome zayo no ku miryango yayo; asarura abakerubi* kuri nya mpome+.
8 Nuko akora inzu y’Aheranda Rwose*+: uburebure bwayo, ubwari buhuye n’ubwaguke bwa ya nzu, bwari amatambwe mirongo ibiri, ubwaguke bwayo na bwo bukaba amatambwe mirongo ibiri+; hanyuma ayomekako inzahabu nziza ingana n’italanto amajana atandatu.
9 Uburemere bw’imisumari+ bwari shekeli mirongo itanu z’inzahabu; ivyumba vyo hejuru avyomekako inzahabu.
10 Hanyuma akora muri nya nzu y’Aheranda Rwose abakerubi babiri+ mu buhinga bwo guhingura ibishusho, maze abakuyengezako inzahabu+.
11 Ku bijanye n’amababa y’abo bakerubi+, uburebure bwayo bwari amatambwe mirongo ibiri: rimwe muri nya mababa, iryareha n’amatambwe atanu, ryakora ku ruhome rwa nya nzu, irindi baba na ryo, iryareha n’amatambwe atanu, rigakora kw’ibaba ry’uwundi mukerubi+.
12 Ibaba ry’umwe muri abo bakerubi, iryareha n’amatambwe atanu, ryakora ku ruhome rwa nya nzu, irindi baba na ryo, iryareha n’amatambwe atanu, rigakoranako n’ibaba ry’uwundi mukerubi+.
13 Amababa y’abo bakerubi yari ashanje ahareha n’amatambwe mirongo ibiri; bari bahagaze ku birenge vyabo, mu maso habo haraba imbere.
14 Vyongeye akora irido+ y’inyuzi z’ubururu+ n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura, n’ibara ry’umutukutuku rihinze n’igitambara ciza, araheza ayijishako abakerubi+.
15 Hanyuma akora inkingi zibiri imbere ya nya nzu+ zifise uburebure bw’amatambwe mirongo itatu n’atanu; umutwe w’inkingi+ wari hejuru kuri imwimwe yose wari ufise amatambwe atanu.
16 Vyongeye, akora iminyororo+ imeze nk’urunigi araheza ayishira hejuru kuri izo nkingi, akora n’amakomamanga+ ijana maze ayashira kuri iyo minyororo.
17 Nuko ahagarika nya nkingi imbere y’urusengero, imwe iburyo iyindi ibubamfu, hanyuma iy’iburyo ayita Yakini*, iy’ibubamfu na yo ayita Bowazi*+.
Utujambo tw'epfo
^ Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Bisobanura ngo “Azoshimangira ubutanyiganyiga.”
^ Bishobora kuba bisobanura ngo “Mu nkomezi,” bikaba bibwirizwa gusomwa inyuma y’izina ry’iyo yindi nkingi “Yakini.”