2 Ngoma 31:1-21

31  Bakirangiza ivyo vyose, Abisirayeli bose+ bari ng’aho barasohoka baja mu bisagara vya Yuda+, maze batangura kumenagura inkingi nyeranda+ no kwicira ibikingi vyeranda+ no gusiturira hasi ibibanza bikirurutse+ n’ibicaniro+ muri Yuda yose+ na Benyamini, no muri Efurayimu+ na Manase+, gushika barangije; hanyuma bene Isirayeli bose bagaruka mu bisagara vyabo, umwe wese kw’itongo ryiwe.  Maze Hezekiya ashiraho imice+ y’abaherezi n’iy’Abalewi+ akurikije imice yabo, umwe wose nk’uko igikorwa cawo kigenewe abaherezi+ n’Abalewi+ kiri ku bijanye n’ishikanwa riturirwa+ be n’ibimazi vy’ugusangira+ ngo bakore igikorwa+, bakengurukire Imana+ bongere bayishemeze+ mu marembo y’ibigo vya Yehova.  Kandi hari umugabane w’umwami uvuye ku bintu vyiwe+ ugenewe amashikanwa aturirwa+, amashikanwa aturirwa yo mu gitondo+ no ku mugoroba, be n’amashikanwa aturirwa agenewe amasabato+ n’imboneko z’ukwezi+ n’ibiringo vy’imisi mikuru+, hisunzwe ivyanditswe mw’itegeko rya Yehova+.  Vyongeye, abwira abantu, ababa i Yeruzalemu, ngo batange umugabane w’abaherezi+ n’uw’Abalewi+, kugira ngo bumire+ rwose kw’itegeko rya Yehova+.  Iryo jambo rikimara gukwiragira, bene Isirayeli+ bongereza umushuzo w’intete+, umuvinyu mushasha+, n’amavuta+ n’ubuki+ n’umwimbu wose w’umurima+, hanyuma bazana ic’icumi c’ibintu vyose ku bwinshi+.  Bene Isirayeli na bene Yuda baba mu bisagara vya Yuda+, na bo nyene bazana ic’icumi c’inka n’intama n’ic’icumi c’ibintu vyeranda+, ibintu vyerejwe Yehova Imana yabo. Barabizana, gutyo batanga ibirundo n’ibirundo.  Mu kwezi kugira gatatu+, batangura kurunda nya birundo mu gushiraho igice co hasi, maze barangiza mu kwezi kugira indwi+.  Aho Hezekiya n’abaganwa+ baziye bakabona nya birundo, batangura guhezagira+ Yehova n’abantu biwe Isirayeli+.  Mu nyuma, Hezekiya abaza abaherezi n’Abalewi ivya nya birundo+. 10  Maze Azariya+ umukuru w’abaherezi wo mu nzu ya Zadoki+ aramubwira, egome, avuga ati: “Kuva igihe batanguriye kuzana intererano+ mu nzu ya Yehova abantu bagiye bararya bagahaga+, hakagira n’ibisaguka vyinshi+; kuko Yehova yahezagiye abantu biwe+, kandi uwu mukimba wose ni ivyasigaye.” 11  Hezekiya aca avuga ko bategura ivyumba vy’uburiro+ mu nzu ya Yehova. Nuko barabitegura. 12  Baguma bazana intererano+ n’ic’icumi+ n’ibintu vyeranda babigiranye ubwizigirwa+; Konaniya Umulewi ni we yari indongozi ijejwe ivyo bintu, Shimeyi mwene wabo na we akaba uwugira kabiri. 13  Yehiyele na Azaziya na Nahati na Asaheli na Yerimoti na Yozabadi na Eliyeli na Isimakiya na Mahati na Benaya bari ivyariho vyafasha Konaniya na Shimeyi mwene wabo, nk’uko itegeko rya Hezekiya umwami ryari, Azariya+ akaba yari indongozi y’inzu y’Imana y’ukuri. 14  Kore mwene Imuna Umulewi yari umurinzi w’irembo+ mu buseruko+, akaba yari ajejwe amashikanwa atangwa ku bushake+ y’Imana y’ukuri, kugira atange intererano za Yehova+ n’ibintu vyeranda rwose+. 15  Uno yagaba Edeni na Miniyamini na Yeshuwa na Shemaya na Amariya na Shekaniya, mu bisagara vy’abaherezi+, mw’ibanga ry’ubwizigirwa+, kugira bahe bene wabo bo mu mice+, bagatanga ibingana ku wuhambaye no ku muto+; 16  uretse abanditswe muri bo hisunzwe amamuko+ b’igitsina-gabo, kuva ku myaka itatu kuduga+, mu baza ku nzu ya Yehova bose nk’uko vyabwirizwa kugirwa ku musi ku musi, bazanywe n’igikorwa cabo, hakurikijwe ivyo bajejwe, nk’uko imice yabo iri. 17  Iri ni ryo yandikwa rifatiye ku mamuko ry’abaherezi hakurikijwe inzu ya ba se+ be n’iry’Abalewi+, kuva ku myaka mirongo ibiri+ kuduga, hisunzwe ivyo bajejwe mu mice yabo+; 18  ku bw’abanditswe hakurikijwe amamuko mu bana babo batoyi bose, mu bagore babo no mu bahungu babo no mu bakobwa babo, ku bw’ishengero ryose, kuko mw’ibanga ry’ubwizigirwa ryabo+ biyejereje+ icari ceranda; 19  no ku bwa bene Aroni+, ari bo baherezi, baba mu mirima+ y’amatongo y’uburagiriro y’ibisagara vyabo. Mu bisagara bitandukanye vyose hari abagabo bari baravuzwe amazina, kugira ngo bahe imigabane uw’igitsina-gabo wese mu baherezi no kugira ngo bayihe abanditswe bose hakurikijwe amamuko mu Balewi. 20  Hezekiya atangura gukora gutyo muri Yuda hose, kandi abandanya gukora ivyari vyiza+, bigororotse+ kandi vy’ubwizigirwa+ imbere ya Yehova Imana yiwe. 21  Kandi mu murimo wose yatanguye gukora ku bijanye n’igikorwa+ co ku nzu y’Imana y’ukuri no ku bijanye n’itegeko+ be no ku bijanye n’ibwirizwa kugira arondere+ Imana yiwe, yakoranye umutima wiwe wose+, kandi araroranirwa+.

Utujambo tw'epfo