2 Ngoma 33:1-25

33  Manase+ yari afise imyaka cumi n’ibiri igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka mirongo itanu n’itanu aganza i Yeruzalemu+.  Atangura gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+, yisunze ibintu biteye ishishi+ vy’amahanga Yehova yari yarirukanye imbere ya bene Isirayeli+.  Asubira rero kwubaka ibibanza bikirurutse+ Hezekiya se wiwe yari yarasituriye hasi+, kandi ashingira ibicaniro+ za Bayali+ yongera akora ibikingi vyeranda+; atangura kwunamira+ ingabo zose zo mu majuru+ no kuzikorera+.  Yubaka ibicaniro+ mu nzu ya Yehova, iyo Yehova yari yaravuze ku biyerekeye ati: “I Yeruzalemu ni ho izina ryanje rizoba gushika igihe kitagira urugero+.”  Abandanya kwubakira ibicaniro ingabo zose zo mu majuru+ mu bigo+ bibiri vy’inzu ya Yehova+.  Acisha abahungu biwe mu muriro+ mu mubande wa mwene Hinomu+, akora ivy’amageza+, agira ivyo kuragura+, akora ivy’ubupfumu+, ashiraho abavugana n’ibiremwa vy’impwemu+ be n’abagize umwuga ukubura+ ibizoba. Akora ku rugero runini ivyari bibi mu maso ya Yehova, kugira ngo amubabaze+.  Vyongeye, igishusho c’ikibazano+ yari yarakoze agishira mu nzu y’Imana y’ukuri+, iyo Imana yari yarabwiye Dawidi na Salomo umuhungu wiwe ku biyerekeye iti: “Muri iyi nzu be n’i Yeruzalemu, aho natoye+ mu miryango yose ya Isirayeli, nzohashira izina ryanje+ gushika igihe kitagira urugero+.  Kandi sinzokwongera gukura ikirenge ca Isirayeli ku butaka nahaye+ ba sekuruza babo+, bakire gusa kwitwararika gukora ivyo nabategetse vyose+ ku vyerekeye itegeko ryose+ n’ingingo nyobozi+ n’ingingo z’ubutungane+ vyatanzwe biciye ku kuboko kwa Musa+.”  Nuko Manase+ aguma yosha Yuda+ n’ababa i Yeruzalemu ngo bakore nabi kurusha+ amahanga Yehova yari yarazimanganije imbere ya bene Isirayeli+. 10  Yehova aguma abwira Manase n’abantu biwe, mugabo ntibumviriza+. 11  Amaherezo Yehova abateza+ abakuru b’ingabo z’umwami wa Ashuri+; nuko bafatira Manase mu myobo+, bamubohesha+ amapingu abiri y’umujumpu hanyuma bamujana i Babiloni. 12  Ivyo bikimara kumushira mu marushwa+, atakambira* Yehova Imana yiwe+ kandi aguma yicisha bugufi+ cane imbere y’Imana ya ba sekuruza biwe. 13  Aguma ayisenga, ku buryo Imana yemera ko ayinginga+ maze yumva ugusaba ubutoni kwiwe, imusubiza i Yeruzalemu ku ngoma yiwe+; nuko Manase amenya ko Yehova ari we Mana y’ukuri+. 14  Inyuma y’ivyo, yubakira Igisagara ca Dawidi+ uruhome rw’inyuma+, mu burengero bwa Gihoni+, mu mwonga no gushika kw’Irembo ry’Amafi+, araruzungurutsa gushika i Ofeli+; nuko arugira rurerure cane. Vyongeye, ashira abakuru b’inteko za gisirikare mu bisagara vyose bikingijwe ibihome vyo muri Yuda+. 15  Atangura gukura imana z’inyamahanga+ na ca gishusho c’ikigirwamana+ mu nzu ya Yehova, n’ibicaniro vyose+ yari yarubatse ku musozi w’inzu ya Yehova n’i Yeruzalemu, araheza ategeka ko babita hanze y’igisagara. 16  N’ikindi kandi, ategura igicaniro ca Yehova+ maze atangura kugishikanako ibimazi vy’ugusangira+ n’ibimazi vy’ugukenguruka+, hanyuma abwira Yuda gukorera Yehova Imana ya Isirayeli+. 17  Ariko abantu bari bagishikana ibimazi ku bibanza bikirurutse+; mugabo babishikanira Yehova Imana yabo. 18  Nayo ibisigaye mu vya Manase n’isengesho yatuye+ Imana yiwe be n’amajambo y’ababonyi+ baguma bamubwira mw’izina rya Yehova Imana ya Isirayeli, ehe biri mu vy’abami ba Isirayeli+. 19  Ivy’isengesho ryiwe+, n’ukuntu ukwinginga kwiwe+ yakwishuwe, n’igicumuro ciwe cose+, n’ubuhemu bwiwe+ be n’ahantu hatandukanye yubatse ibibanza bikirurutse+ akahashinga ibikingi vyeranda+ n’ibishusho bibajwe+ imbere y’uko yicisha bugufi+, ehe vyanditswe mu majambo y’ababonyi biwe. 20  Amaherezo Manase aryama hamwe na ba sekuruza biwe+, maze bamuhamba+ iwe; nuko Amoni+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe. 21  Amoni+ yari afise imyaka mirongo ibiri n’ibiri igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka ibiri aganza i Yeruzalemu+. 22  Atangura gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+, nk’uko Manase se wiwe yari yarakoze+; Amoni ashikanira ibimazi+ ibishusho bibajwe+ vyose Manase+ se wiwe yari yarakoze, kandi abandanya kubikorera+. 23  Ntiyicisha bugufi+ imbere ya Yehova nk’uko Manase se wiwe yicishije bugufi+, kuko Amoni uwo, yatumye ukwagirwa n’icaha kwongerekana+. 24  Amaherezo abasuku biwe bamugīra umugambi mubi+ maze bamwicira mu nzu yiwe+. 25  Mugabo abanyagihugu bica+ abantu bose bari bagīriye Umwami Amoni umugambi mubi+, maze abanyagihugu+ baca bimika Yosiya+ umuhungu wiwe ngo abe umwami mu kibanza ciwe.

Utujambo tw'epfo

Ijambo ku rindi ni “yorosha mu maso ha.”