2 Ngoma 36:1-23

36  Maze abanyagihugu bafata Yehowahazi+ mwene Yosiya bamugira umwami mu kibanza ca se, i Yeruzalemu+.  Yehowahazi yari afise imyaka mirongo ibiri n’itatu igihe yatangura kuganza, maze amara amezi atatu aganza i Yeruzalemu+.  Ariko umwami wa Misiri amukura ku ngoma i Yeruzalemu+ hanyuma aca igihugu amande y’italanto ijana z’ifeza+ n’italanto imwe y’inzahabu.  Vyongeye, umwami+ wa Misiri yimika Eliyakimu+ mwene wabo ngo abe umwami wa Yuda na Yeruzalemu maze ahindura izina ryiwe riba Yehoyakimu; mugabo mwene wabo Yehowahazi, Neko+ aramufata amujana mu Misiri+.  Yehoyakimu+ yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka cumi n’umwe aganza i Yeruzalemu+; abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova Imana yiwe+.  Nebukadinezari+ umwami wa Babiloni aduga kumutera+ kugira ngo amuboheshe amapingu abiri y’umujumpu ngo amutware i Babiloni+.  Kandi Nebukadinezari+ ajana i Babiloni bimwe mu bikoresho+ vyo mu nzu ya Yehova maze abishira mu kirimba ciwe i Babiloni+.  Nayo ibisigaye mu vya+ Yehoyakimu n’ibintu vyiwe biteye ishishi+ yakoze be n’ibibi vyabonetse kuri we, ehe vyanditswe mu Gitabu+ c’Abami ba Isirayeli na Yuda; nuko Yehoyakini+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.  Yehoyakini+ yari afise imyaka cumi n’umunani igihe yatangura kuganza, maze amara amezi atatu+ n’imisi cumi aganza i Yeruzalemu; abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+. 10  Mu ntango z’umwaka+, Umwami Nebukadinezari atuma abasuku biwe+ maze bamuzana i Babiloni+ hamwe n’ibintu bihimbaye vyo mu nzu ya Yehova+. Vyongeye, yimika Zedekiya+ mwene wabo na se, ngo abe umwami wa Yuda na Yeruzalemu+. 11  Zedekiya+ yari afise imyaka mirongo ibiri n’umwe igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka cumi n’umwe aganza i Yeruzalemu+. 12  Abandanya gukora ivyari bibi+ mu maso ya Yehova Imana yiwe. Ntiyicisha bugufi+ imbere ya Yeremiya+ umuhanuzi+, uwavuze abitegetswe na Yehova. 13  Mbere agarariza Umwami Nebukadinezari+, uwari yaramurahije Imana+; aguma adadaza+ izosi yongera akomantaza+ umutima wiwe kugira ngo ntagaruke kuri Yehova Imana ya Isirayeli. 14  Egome, abakuru bose b’abaherezi+ n’abantu bǎrakora ivy’ubuhemu ku rugero runini, bisunze ibintu biteye ishishi+ vyose vy’amahanga, ku buryo bahumanya inzu ya Yehova, iyo yari yarejeje i Yeruzalemu+. 15  Yehova Imana ya ba sekuruza babo aguma abarungikira imburi biciye ku ntumwa ziwe+, akazirungika incuro n’izindi, kuko yumvira impuhwe abantu biwe+ n’aho aba+. 16  Mugabo baguma bashinyagurira+ izo ntumwa z’Imana y’ukuri, basuzugura amajambo yayo+ bongera batwenga+ abahanuzi bayo, gushika ubushangashirwe+ bwa Yehova buje ku bantu biwe, gushika aho gukira bitaba bigishoboka+. 17  Nuko aduza umwami w’Abakaludaya+ ngo abatere, uno na we atangura kwicisha inkota+ imisore yabo mu nzu y’aheranda habo+, ntiyumvira impuhwe umusore canke umwigeme w’isugi, umutama canke umusaza bukokori+. Imana itanga ikintu cose mu kuboko kwiwe. 18  Kandi ibikoresho vyose+ vyo mu nzu y’Imana y’ukuri, bininibinini+ na bitobito, be n’amatunga+ y’inzu ya Yehova n’amatunga y’umwami+ n’ay’abaganwa biwe, vyose ajana i Babiloni. 19  Atangura guturira inzu y’Imana+ y’ukuri yongera asiturira hasi uruhome+ rwa Yeruzalemu; iminara yaho yo kubamwo yose bayituriza umuriro, be n’ibintu vyaho vyose bihimbaye+, kugira bahayogeze+. 20  Vyongeye, abasigaye batishwe n’inkota abatwara i Babiloni ari imbohe+, baba abasuku biwe+ n’ab’abahungu biwe gushika ubwami bw’Ubuperesi+ butanguye kuganza; 21  kugira ngo ashitse ijambo rya Yehova ryavuzwe n’akanwa ka Yeremiya+, gushika igihugu cishuye amasabato yaco+. Imisi yose camaze ari umusaka, carubahiriza isabato, kugira gishitse imyaka mirongo irindwi+. 22  Mu mwaka wa mbere wa Kuro+ umwami w’Ubuperesi+, kugira ngo ijambo rya Yehova+ ryavuzwe n’akanwa ka Yeremiya+ riranguke, Yehova akabura impwemu+ ya Kuro umwami w’Ubuperesi, ku buryo ategeka ko haterwa akamo mu bwami bwiwe bwose, bigashirwa no mu nyandiko+, ngo: 23  “Ibi ni vyo Kuro umwami w’Ubuperesi+ avuze: ‘Yehova Imana y’amajuru yarampaye ubwami bwose bwo mw’isi+, kandi ubwiwe yanshinze igikorwa co kumwubakira inzu i Yeruzalemu muri Yuda+. Umuntu wese muri mwebwe wo mu bantu biwe bose+, Yehova Imana yiwe abane na we+. Naduge rero+.’”

Utujambo tw'epfo