2 Ngoma 4:1-22
4 Maze akora igicaniro c’umujumpu+ gifise uburebure bw’amatambwe* mirongo ibiri, n’ubwaguke bw’amatambwe mirongo ibiri, n’amahagarara y’amatambwe cumi+.
2 Hanyuma atangura gukora ikiyaga gishongeshejwe+ cangana n’amatambwe cumi kuva ku mbiga yaco imwe gushika ku yindi mbiga, kikaba cari umuzingi irya n’ino; amahagarara yaco yari amatambwe atanu; kugikikuza cose vyasaba ikamba y’amatambwe mirongo itatu+.
3 Munsi yaco, ku nkikuro yose, hari udusharizo tw’imero y’icamwa c’umutanga+ twari tugikikuje, cumicumi mw’itambwe rimwe, tukaba twari dukikuje ico kiyaga irya n’ino+. Utwo dusharizo tw’imero y’icamwa c’umutanga twari mu misitari ibiri, tukaba twari twashongeshanijwe n’ico kiyaga.
4 Cari gihagaze ku mashūri cumi n’abiri+: atatu araba mu buraruko, atatu araba mu burengero, atatu araba mu bumanuko, n’atatu araba mu buseruko; ico kiyaga cari hejuru kuri nya mashūri, kandi inyuma hayo hose haraba indani+.
5 Intimbatimba yaco yangana n’ubwaguke bw’ikiganza; imbiga yaco na yo yari ihinguwe nk’imbiga y’igikombe, nk’ishurwe ry’ilisi+. Cari ikintu cashobora kujamwo+ ingero za bati ibihumbi bitatu+.
6 Vyongeye, akora amabesani cumi, hanyuma ashira atanu iburyo n’atanu ibubamfu+, kugira ngo bayogerezemwo+. Ibintu bijanye n’ishikanwa riturirwa+ bavyogereza muri yo. Mugabo nya kiyaga cari ico abaherezi biyozamwo+.
7 Maze akora ibitereko vy’amatara+ vy’inzahabu; abikora ari cumi yisunze umugero umwe+, araheza abishira mu rusengero, bitanu iburyo na bitanu ibubamfu+.
8 Vyongeye, akora imeza cumi, azishira mu rusengero, zitanu iburyo na zitanu ibubamfu+, hanyuma akora amabakure ijana y’inzahabu.
9 Hanyuma akora ikigo+ c’abaherezi+ n’urugo runini+ n’imiryango ya nya rugo; imiryango yavyo ayihomekako umujumpu.
10 Nya kiyaga na co agishira ku ruhande rw’iburyo, mu buseruko, amaja mu bumanuko+.
11 Amaherezo Hiramu akora ibigopo+ n’ibiyozo+ n’amabakure+.
Gutyo Hiramu arangiza gukora igikorwa yakoreye Umwami Salomo ku nzu y’Imana y’ukuri.
12 Za nkingi zibiri+ na ya mitwe y’inkingi+ yibumvye yari hejuru kuri izo nkingi zibiri, na za nsenga+ zibiri zo gupfuka nya mitwe y’inkingi yibumvye yari hejuru kuri izo nkingi,
13 na ya makomamanga+ amajana ane ku bwa za nsenga zibiri, imisitari ibiri y’amakomamanga ku bw’urusenga rumwerumwe rwose, vyo gupfuka nya mitwe y’inkingi ibiri yibumvye yari kuri nya nkingi+;
14 ya mashareti+ cumi na ya mabesani+ cumi yari kuri ayo mashareti;
15 ca kiyaga+ kimwe rudende na ya mashūri cumi n’abiri yari munsi yaco+,
16 vya bigopo na vya biyozo+ na ya makanya+ n’ibikoresho+ vyavyo vyose, Hiramu-abivu+ abikorera Umwami Salomo ku bw’inzu ya Yehova, mu mujumpu usenye.
17 Mu Ntara ya Yorodani ni ho umwami yabishongeshereje mu butaka bw’ibumba, hagati ya Sukoti+ na Zereda+.
18 Ukwo ni ko Salomo yakoze ivyo bikoresho vyose ari vyinshi cane, kuko uburemere bw’umujumpu butasuzumwa+.
19 Nuko Salomo akora ibikoresho+ vyose vyari mu nzu y’Imana y’ukuri n’igicaniro c’inzahabu+ n’imeza+ zajako imikate yerekanwa*,
20 n’ibitereko vy’amatara+ be n’amatara+ yavyo vyo mu nzahabu itavanze, kugira ngo yakirizwe imbere y’icumba c’ahitereye+, hisunzwe ingingo ivyerekeye;
21 n’amashurwe n’amatara n’udupensi+, mu nzahabu, (yari inzahabu itavanze na gatoyi,)
22 n’ibizimisho n’amabakure n’ibikombe n’ibijamwo umuriro, mu nzahabu itavanze+, n’ubwinjiriro bw’inzu+, imiryango yayo y’indani ku bw’Aheranda Rwose n’imiryango+ y’inzu y’urusengero, mu nzahabu.
Utujambo tw'epfo
^ Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.
^ Raba Inyongera ya 21.