2 Ngoma 9:1-31

9  Nuko umwamikazi wa Sheba+ yumva inkuru yerekeye Salomo, maze aza i Yeruzalemu kugeza Salomo n’ibibazo bigoye+, ari kumwe n’umurongo w’akumiza rwose umuherekeje n’ingamiya+ zitwaye amavuta y’umusomozo*+, n’inzahabu+ nyinshi, n’amabuye y’agaciro+. Amaherezo yinjira kwa Salomo maze avugana na we ibijanye n’ikintu cose cari kimuri ku mutima+.  Salomo na we amwishura ibibazo vyiwe vyose+, ntihagira ikibazo na kimwe kinanira Salomo ngo ntakimwishure+.  Umwamikazi wa Sheba abonye ubukerebutsi bwa Salomo+ n’inzu yari yarubatse+,  n’ibifungurwa vyo ku meza yiwe+, n’ukuntu abasuku biwe bari bicaye, n’igikorwa co ku meza c’abaserevyi biwe n’inyambaro yabo+, n’igikorwa c’abantu biwe basereva ibinyobwa+ n’inyambaro yabo, n’ibimazi biturirwa vyiwe+ yama ashikana ku nzu ya Yehova+, aca arajorerwa*.  Nuko abwira umwami ati: “Ijambo numvise mu gihugu canje ku vyawe no ku bukerebutsi bwawe, ryari iry’ukuri+.  Sinemeye+ amajambo yabo gushika nje kugira ngo amaso yanje bwite avyibonere+; none ehe nsanze ata n’ica kabiri c’ubwinshi bw’ubukerebutsi bwawe bambwiye+. Wararenganye inkuru numvise+.  Hahiriwe+ abantu bawe, kandi hahiriwe aba basuku bawe bama bahagarara imbere yawe, bumviriza ubukerebutsi bwawe+.  Yehova Imana yawe ahezagirwe+, we yahimbawe+ nawe mu kugushira ku ntebe y’ubwami yiwe+ ngo ube umwami, utwarire Yehova Imana yawe+; kuko Imana yawe yakunze+ Isirayeli, kugira ngo itume Isirayeli igumaho gushika igihe kitagira urugero, ku buryo yagushize kuri bo ngo ube umwami+ kugira ushitse ingingo y’ubutungane+ be n’ubugororotsi+.”  Maze aha umwami italanto ijana na mirongo ibiri z’inzahabu+, n’amavuta y’umusomozo+ menshi cane, n’amabuye y’agaciro+; ntihari bwaboneke amavuta y’umusomozo nk’ayo umwamikazi wa Sheba yahaye Umwami Salomo+. 10  Bisubiye, abasuku ba Hiramu+ n’abasuku ba Salomo bazanye inzahabu+ bazikuye i Ofiri, bazana n’ibiti vya alugumu+ n’amabuye y’agaciro+. 11  Umwami atangura gukora muri ivyo biti vya alugumu ingazi+ z’inzu ya Yehova n’iz’inzu y’umwami+, n’inanga+ be n’ibicurarangisho vy’imirya+ vy’abaririmvyi+; ntihari bwigere haboneka ibimeze nka vyo mu gihugu ca Yuda. 12  Umwami Salomo na we aha umwamikazi+ wa Sheba ivyamuhimbara vyose yari yasavye, hampande y’ibinganya agaciro n’ivyo yari yazaniye umwami. Nuko arahindukira, aja mu gihugu ciwe, we hamwe n’abasuku biwe+. 13  Uburemere bw’inzahabu zaza kwa Salomo mu mwaka umwe bwangana n’italanto amajana atandatu na mirongo itandatu na zitandatu z’inzahabu+, 14  uretse ivyazanwa n’abagabo b’ingenzi n’abacuruza+, n’ivyava ku bami bose b’Abarabu+ no kuri ba buramatari b’igihugu, abazanira Salomo inzahabu n’ifeza. 15  Umwami Salomo akora inkinzo zagutse amajana abiri mu nzahabu ivanze+ (imwimwe yose muri izo nkinzo zagutse ayishirako shekeli amajana atandatu z’inzahabu ivanze+), 16  akora n’udukinzo amajana atatu mu nzahabu ivanze (agakinzo kamwekamwe kose agashirako imina zitatu z’inzahabu+). Maze umwami abishira muri ya Nzu y’Ikibira c’i Libani+. 17  Vyongeye, umwami akora intebe y’ubwami y’amasenge ihambaye, ayihomekako inzahabu itavanze+. 18  Hariho ingazi zitandatu zishikana kuri nya ntebe y’ubwami, hakabaho n’intebe y’ibirenge yo mu nzahabu kuri iyo ntebe y’ubwami (vyari bifatanye), hakabaho n’aho gushira amaboko hino no hirya iruhande y’aho kwicara, hakaba n’intambwe+ zibiri iruhande y’aho hantu ho gushira amaboko+. 19  Kandi hariho intambwe+ cumi na zibiri zari ng’aho kuri nya ngazi zitandatu, irya n’ino. Nta bundi bwami bwari bufise intebe y’ubwami ikozwe nka yo+. 20  Ivyombo vyo kunyweramwo vyose+ vy’Umwami Salomo vyari ivyo mu nzahabu+, kandi ivyombo vyose vya ya Nzu y’Ikibira c’i Libani+ vyari ivyo mu nzahabu itavanze. Nta kintu na kimwe co mw’ifeza cariho; ifeza yabonwa nk’ubusa+ mu misi ya Salomo. 21  Kuko imeri z’umwami zaja i Tarushishi+ ziri kumwe n’abasuku ba Hiramu+. Rimwe mu myaka itatu, imeri z’i Tarushishi zaraza, zizanye inzahabu n’ifeza+, amasenge+, n’inkende be n’ibinyoni vyitwa tawusi+. 22  Gutyo Umwami Salomo aba uwuhambaye kuruta abandi bami bose bo kw’isi mu butunzi+ no mu bukerebutsi+. 23  Kandi abami bose bo kw’isi bararondera+ mu maso ha Salomo kugira bumve ubukerebutsi bwiwe+, ubwo Imana y’ukuri yari yarashize mu mutima wiwe+. 24  Barazana umwe wese ingabirano yiwe+: ibintu vy’ifeza n’ibintu vy’inzahabu+ n’impuzu+, ibirwanisho n’amavuta y’umusomozo, amafarasi n’inyumpu, ivyo bakabwirizwa kubigira buri mwaka+. 25  Salomo agira impongore ibihumbi bine z’amafarasi+, n’imikogote+, n’amafarasi y’imbangutsi ibihumbi cumi na bibiri, abishira mu bisagara vy’imikogote+ no hafi y’umwami i Yeruzalemu. 26  Nuko aba umutware aganza abami bose kuva kuri rwa Ruzi gushika mu gihugu c’Abafilisitiya no gushika ku rubibe rwa Misiri+. 27  Vyongeye, amafeza umwami ayagira nk’amabuye i Yeruzalemu; ibiti vy’amasederi na vyo abigira nk’ibiti vy’imisukomora+ biri muri Shefela*+, mu bwinshi+. 28  Kandi hariho abazanira amafarasi+ Salomo bayakuye mu Misiri+ no mu bindi bihugu vyose. 29  Nayo ibisigaye mu vya Salomo+, ivya mbere n’ivya nyuma, none ntivyanditswe mu majambo ya Natani+ umuhanuzi no mu buhanuzi bwa Ahiya+ Umunyashilo+ no mu nyandiko y’ivyo Ido+ umubonyi yeretswe ku vyerekeye Yerobowamu+ mwene Nebati+? 30  Salomo aganza Isirayeli yose i Yeruzalemu imyaka mirongo ine. 31  Amaherezo Salomo aryama hamwe na ba sekuruza biwe. Baraheza bamuhamba mu Gisagara ca Dawidi se wiwe+; Rehobowamu+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe+.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “impwemu zimuvamwo.”
Canke, “mu ntara yo hasi.”